Si agaseseshwarumuri, inzoga mu mabohero yo mu Burundi zirahari kandi ziranyobwa. Hari izinjizwa ziva hanze y’amabohero, na canecane izihingurwa na Brarudi, hakaba n’izikorerwa mu mabohero nyene zikorwa n’abapfungwa. Izo zikaba ari nazo nyinshi kandi ziherezwa cane zikanagaruka zikabangamira ubuzima n’imibano vy’abapfungwa.
Uburundi bufise amabohero agera kuri cumi na rimwe ari mu ntara zitandukanye harimwo n’iryiharijwe n’abakenyezi riri i Ngozi. Nk’uko bivugwa n’ishirahamwe Ntabariza, kugeza ku wa 11 Ndamukiza 2022, abapfungwa muri ayo mabohero atandukanye bagera ku 12 632, muri abo hakaba harimwo abakenyezi 819.
Kubera harimwo abavyeyi bibarukiyeyo canke bagiye bonsa, iryo shirahamwe rivuga ko hari inzoya 118 wabana n’abavyeyi bawo mu munyororo. Abo ni bamwe baca bakurirayo, mu buzima bugoye, bagakura batazi ubuzima bwo hanze y’ibohero.
Ibibazo ku bindi
Mu mabohero atandukanye, si bose bapfungiwe ikiri ukuri. N’aboba bapfunwze bikwiye, umunyororo nturyoshe. Hari ab’imanza zatevye gucibwa canke baciriwe umunyororo muremure; abo rero basanzwe babayeho bababaye ku mutima, bigatuma amaganya n’umubabaro bibaremera.
No ku vyerekeye ivya nkenerwa mu kubaho nk’ugufungura, ukwambara, uburaro n’ibindi, ntiborohewe. Abapfungwa barara mu mbeho, imvura ibanyagira uruzuba rubakira. Nta wobideha, igitigiri c’abantu bapfunzwe kirarengeye ubushobozi bw’amabohero. Muri Gitugutu mwaka w’2020, ibohero rya Muramvya rifise ubushobozi bwo kwakira abapfungwa 100, ryari rifise 847 harimwo inzoya 6. Muri uwo mwaka nyene, ibohero rya Mpimba rifise ubushobozi bwo kwakira abatarenga 800, ryari rifise abapfungwa 4 765 harimwo inzoya 22 nk’uko raporo zibivuga.
Aho ntitwokwibagira ibindi bibazo bihanze abanyororo harimwo ivyo kubura uko bavuzwa.
Bahitamwo gutarataza
Barayamaze bati: ‘’Mu nda harara inzara hakazinduka inzigo ’’. Uko biri kwose, n’iyo umubiri waraye urakubitwa n’imbeho, umutima ntureka gutumba hakaziramwo inzigo. Uwubuze umunezero, akabura ico afungura, akabura aho akika umusaya n’ico yipfuka, ico aba asigaje ni igiki?
Muri we aba yumva neza ko ata wundi muriro udahera ubaho, ari uwo nyene. Niho rero bahitamwo kurondera ikibibagiza ubwo bubabare. Na rirya Abarundi bazwi nk’abakunzi b’uruhotorwa, mu bintu vya mbere abapfungwa baca bagerageza guhunguramwo, inzoga zikaze ziza imbere.
Kugira baronke izo nzoga, bakoresha inzira zose zishoboka, no kwiba bikajamwo. Mu kiyago umutohoji Christine Deslaurier yagiranye na Kabuye, impfungwa ya politike mu 2018, yaramwiganiye uko uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Alphonse Marie Kadege abapfungwa bamusahuye igifovya c’amafaranga agera ku 500 000 bamunobeye aho batazira i bundes bayamuzaniye. Ayo ico bayakojeje, nk’uko Kabuye abishingira intahe, kwari ukugura ibiyayuramutwe n’inzoga, zimwe zikorerwa mw’ibohero.
Ibibazo bihari ni vyinshi : mbega ni kuki abapfungwa bemera kwiyahura babizi ko izo nzoga zibangamira amagara yabo ? Mbega hoho ko amabohero yose afise abajejwe umutekano bacungera ivyinjira n’ibisohoka, bigenda gute ngo izo nzoga zikorwe batabizi ? Ibikoresho biba vyaciye hehe ? Zidandazwa na bande ?
Ivyo bibazo vyose, ni vyo vyatumye uruganda rw’abanditsi ba Yaga ruja gutohoza ku vyerekeye ibinyobwa bitemewe n’amategeko mu mabohero yo mu Burundi. Mu rukurikirane rw’ibisomwa bigiye guca ku mbuga za Yaga, inyishu zimwezimwe kuri ivyo bibazo muzozisangamwo. Hari n’uwatwiganiye ukuntu inzoga ivugwa cane yitwa n’izina riteye ubwoba ikorwa, navyo muzobisangamwo.
Turabatumiye mwisomere.