N’igihe baba barekuwe, abanyororo biziziwe na za nzoga zikaze ntiboroherwa. Bati : “Iyakariye ntigaheba“, uwazinyoye izo nzoga ntizimugumiriza ibanga. Akanya nk’aka yisanga mu mafuti amusubiza mw’ibuye nk’uko vyashikiye Ernesto*. Intahe.
#IzoMwibuye
“Inkarateka”, “kapitambere” …: zitwa amazina amota uburakari
Bati : « umuntu yivuga uwamugabiye », bivanye n’inzoga ikunzwe cane mw’ibohero iri canke ririya, ntibatangwa kuyivuga mu kuyitazira. Amazina bazitorera nayo dusanga agaragaza ko ari inzoga zikaze kandi ziteye ubwoba. Turabire hamwe zimwe muri zo.
No mu yandi mabohero zariraye
Hari abibaza ko ikibazo c’inzoga zitemewe n’amategeko kiri mw’ibohero rikuru rya mpimba gusa. Ihibambewe, no mu mabohero yo hagati mu gihugu akayoga gakaze ntigashobora kuhabura. Naho nyene, abapfungwa bamwebamwe usanga ari bo bikorera izo nzoga ziboreza naho zigaruka zikabangamira n’amagara […]
Uko ‘’Amasozi y’Inkuba’’ ikorwa ntibihumuriza
Co kimwe n’ahandi hose bakora izo nzoga zitemewe n’amategeko, no mu mabohero uko zikorwa ntibihumuriza na gatoya. Bakoresha ibikoresho bitabereye, mu buryo butitaho amagara y’abazozihereza. Ikintu co nyene baba bishakira: gukora akayoga gakaze kazotuma abakanyoye batipfuza kugasiba. Dukurikire uko inzoga […]
No mu mabohero zirengwa ukuri kwamye
Naho hari abajejwe umutekano baguma bacunga ko ata bintu vya magendo canke bitarekuwe n’amategeko vyinjira, ibikoresho vyo kwenga izo nzoga biribonekeza indani mu mabohero menshi yo mu Burundi. None ivyo bigenda bite ?
Ubuzima bwo mw’ibuye butera icaka ?
Si agaseseshwarumuri, inzoga mu mabohero yo mu Burundi zirahari kandi ziranyobwa. Hari izinjizwa ziva hanze y’amabohero, na canecane izihingurwa na Brarudi, hakaba n’izikorerwa mu mabohero nyene zikorwa n’abapfungwa. Izo zikaba ari nazo nyinshi kandi ziherezwa cane zikanagaruka zikabangamira ubuzima n’imibano […]