Bati : « umuntu yivuga uwamugabiye », bivanye n’inzoga ikunzwe cane mw’ibohero iri canke ririya, ntibatangwa kuyivuga mu kuyitazira. Amazina bazitorera nayo dusanga agaragaza ko ari inzoga zikaze kandi ziteye ubwoba. Turabire hamwe zimwe muri zo.
Nta wigera amenya ingene ayo mazina atorwa. Ariko ico ayo mazina ahurirako ni uko aba agaragara ubikari bwazo. Twari twarabibayagiye, no mu bindi bice mu kibano, izo nzoga bagenda bazita amazina abigaragaza.
Dufatiye akarorero ku yo batazira ”umufort”(ari wo mudiringi), iryo zina rigaragaza ko ikomeye kuko rikomoka mu rurimi rw’igifaransa. Ni ingereka y’igifaransa “fort” isigura ikintu “gikaze”, “gikomeye”,… bongeyeko integuza n’inyitangizo vy’ikirundi maze rigacika izina mvangereka. “Umufort” rero vyumvikana ko ari inyobwa ikaze cane.
Hari n’izindi bita za kapitambere, inkonesere (rikomoka mw’ijambo connaisseur), inkarateka (rikomoka ku rukino rwa karate twese tumenyereye), umurahakajare, ayo mazina yose akaba amota ubukazi.
Amosozi y’intare, ubumara bwigendera
Thierry* ni umugabo w’imyaka 40 akaba amaze imyaka 12 mw’ibohero rya Mpimba. Aratwiganira ivyo azi kw’izina ry’inzoga yitwa amosozi y’inkuba. Avuga ati: “Ninjiye mu Mpimba mu 2010, nkaba nasanze bakora inzoga yitwa ‘’um*s*ndi w’ingwe’’ yitwa kandi “amosozi y’intare”. Biragoye kumenya aho iryo zina ryazananye kuko maze imyaka irenga cumi mw’ibohero kandi narabajije n’abashitseyo imbere yanje ntibigeze bavuga inkomoko y’iryo zina. Ariko ngerageje kwihweza, iryo zina rirafitaniye isano n’uko iyo nzoga ikaze kandi igoye kuronka nk’uko ingwe ikaze kandi itaboneka aho ari ho hose. N’intare niko kw’uko”.
Ku basanzwe bazi amayagwa, baribuka umugani wa Sagakwavu katigiye n’ibindi bikoko ko gashobora kwabira ingwe. Ibikoko vyose vyaratangaye kuko vyabona ko ivyo bitoshoboka. Naho Sagakwavu kabishoboye (bigoranye), kuko katananirwa, ni ikintu kitoroshe na gato. Aho ni ho hashobora kuba haravuye iryo zina.
Hari n’abayita amasozi y’inkuba. Aho naho bigaragaza ko iteye ubwoba kuko bizwi ko inkuba ari ikintu kitopfa gukorora amosozi vyoroshe.
Bapfa bazira akabeyi gato
Kubera igurwa akabeyi gato, abakene badashobora kuronka ayo kugura izindi ni zo baca bihereza. Ikindi nyamukuru gituma abantu bihereza ibiyoga biboreza ni uko abantu bari mu mabohero bashikirwa n’ibibazo vyinshi. Kubera izo nzoga ziba ziboreza cane, bazifata nk’izije kubibagiza ivyo bibazo.
Nk’akarorero nkiyo umuntu avuye kuburana canke bamukatiye umunyororo, aragira ibibazo vyinshi bituma aca aguma atamerewe neza mu mutwe canke adasinzira. Rero nk’iyo aronse amahera akagura um*s*ndi w’ingwe bica bituma aca ata ubwenge akaba aribagiye ivyo vyiyumviro. Ikibabaje ni uko iyo nzoga imuhezeko asubira muri vya bibazo.
Iyo ugize umugenzi izo nzoga zikugira imbwa. Kugira uyironke neza usanga utangura kugurisha utuntu utunze canke ukagurisha ibifungurwa baguhaye. Zirakuzingamika ugasanga warabaye umusuku wazo ntibibe bigishoboka ko uyikunkumura.
Umuntu yayinyoye usanga aca ata akaranga agatangura gusinda cane, ubwenge bugatakara mbere rimwe na rimwe ugasanga barashaka gufata ku nguvu abandi bagabo.
*: izina ryahinduwe
