Iyo bavuze uburinganire canke ukungana hagati y’umugabo n’umugore bisigura iki? Abanyagihugu bo mu gisagara ca Ngozi ntibatahura bimwe na gatoya. Ng’izi inyishu bahaye umumenyeshamakuru Aline Mugisha.
Mu gihe buri genekerezo rya 8 Ntwarante, uko umwaka utashe, isi ihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, biratangaje kubona abakenyezi bahohoterwa n’abagabo hirya no hino mu gihugu, canke ingo zitabanye neza, aho usanga umugore ata jambo afise mu rugo, kandi twama twumva abaririmba ngo « inganishwa ry’ibitsina ». Ivyo rero ntibiraba ngo ni mu gisagara canke mu gihugu hagati.
Nibajije ko vyoba bituruka ku kudatahura ibijanye n’ukungana hagati y’umugabo n’umugore. Ni ko kwegera bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca Ngozi, nkababaza ikibazo kimwe rudende nti : iyo bavuze uburinganire canke ukungana hagati y’umugabo n’umugore, bisigura iki?
Bamwe bati « reka iyo ntambara !»
« Mbe abagore banganye n’abagabo hari uwosubira kubakira ! Mbega kandi, ko abagabo ari twe turesha umugeni tukamuzana mu nzu twubatse, hama tukamutunga, twoheza tukangana gute ? » ; uwo ni Abdoul, umwe mu bunguruza abantu akoreshejeje ipikipiki, aho yanyishuye akoresheje umujaniranyo w’ibibazo. Noneho uwo mugabo asanzwe yubatse akagira ati : « ukungana hagati y’umugore n’umugabo ntibishoboka kandi ntibizigera binashoboka. »
Mariya, umukenyezi w’umwirimizi we aravyunyura ati: « twe ntivyokunda ko tungana n’abagabo bacu kuko nta jambo tugira, dutegerezwa kugendera ku mategeko yabo kandi turavyemera uko nyene kuko ata kundi turi bugire. »
Ushima ibintu bigoye bikiriko, umudandaza yitwa Dawidi, umuravye ku maso wokwibwira uti nkumbure uyu we aratahura ibintu bijanye n’ayo majambere. Yamara yankuriye inkoni ku gishitsi ati: « ubwo buringanire ntibushoboka. Umugabo ashoboye vyose, kandi n’umugore arashoboye ibitari bike, ariko bompi ntibanganya ubushobozi. Ku bwanje, igikwiye ni ukwubahana gusa. Erega n’Imana ntiyaturemye kumwe, yaturemye dusumbana, bizokwama uko nyene. »
Ariko rero hari abiteze ko ibintu bihinduka
Gaudence, umukuru w’umwe mu mitumba ikikije igisagara ca Ngozi afise imvugo itandukanye cane n’iya bagenzi biwe. Ngo : « ni ko ukungana kw’ibitsina biracagoranye, ariko ubu biratanguye kuza ko n’abakenyezi dusigaye twemererwa kuzezwa amabanga amwamwe mu gihugu. »
Umukozi wa leta Donasiyano we abona ko ubwo buringanire bwamaze kudushwara ubutagisubira inyuma. Ati: « ubu abagore n’abagabo barangana, kuko ubu abagore barashobora kuba abayobozi co kimwe n’abagabo, kandi ubu bariga bompi. »
Ivyo biyago vyanyibukije mu minsi iheze, aho natembera muri Komine Busiga y’iyo ntara ya Ngozi nyene. Rero mpora ndaganira na bamwe mu banyagihugu ba ho. Umugabo umwe yagize ati: « aho ubona ndageramiwe, umugore wanje yatowe ngo abe umukuru w’umutumba, none ubu nta jambo nkivuga, aca ambwira ngo abakenyezi natwe twarikukiye. Sinkimubaza ngo ko utashe aya masaha, ivyo mu rugo ntiwomubaza na mba, ubu jewe naraherewe ! »
Yamara impinga iracari ndende mu gisagara ca Ngozi, kugira abagabo canke abagore batahura kumwe ibijanye n’uburinganire hagati y’ibitsina. Nkabona ko hakwiye gutangwa inyigisho zikwiye kugira ngo bene vyo babitahure kumwe, maze ico ciyumviro gifate inzira nziza ata mugabo canke umugore ahohotewe, canke ngo agateka k’umwe n’uwundi gahonyangwe.
Soma kandi:
- Umugabo n’umugore bofashanya gutunga umuryango
- [Impari ku ngoma z’i Burundi] : « Gute umukenyezi ashobora gushigikira itegeko rimukandamiza ? »
- Ukwinubana hagati ya inabukwe n’umukazana: biriho kandi vyamyeho