[Impari ku ngoma z’i Burundi] : « Gute umukenyezi ashobora gushigikira itegeko rimukandamiza ? »

Inyuma y’aho Naomi Irakoze ashikirije ko ashigikiye ingingo yo kubuza abakenyezi n’abigeme kuvuza ingoma, abicishije kuri runo rubuga, Judicaëlle Irakoze bisa n’ivyamuteye ukuraka. Aca ahitamwo kwandikira uwo mugenzi we, amwishura mu buryo buramvuye.

Kuri Naomi Irakoze,

Murivyura ? Nizeye ko uru rwandiko rubasanze mumerewe neza, kuko ndifuza ko murusoma.

Narasomye urwandiko rwanyu ku rubuga Yaga Burundi, ariko ntaho nigeze numva noshigikira ijambo na rimwe mu yo mwagiye mukoresha mu kwandika. Niko guhitamwo kwandika nanje nk’umurundikazi yumvise amateka yiwe ahungabanijwe mu buryo ubu canke buriya. Abankurikirana ku mbuga ngurukanabumenyi barazi neza ko mpahamiye cane ubwigenge bw’abakenyezi. Mu ruganda ndongoye, umuce munini w’abakozi ugizwe n’abigeme canke abakenyezi bakiri bato. Ubucuti mfitaniye na bo, bwarampinduye, burampingura kandi n’ubu bukiriko, nk’umukenyezi ahagararira ata kurya umunwa ubupfasoni bwanje.

Naomi, umutwe w’igisoma canyu uvuga ngo : « Ndashigikiye inganishwa ry’ibitsina, ariko nta mugore wo kuvuza ingoma ». Uko ni ukudusamaza ! Mushobora gute gushigikira inganishwa ry’ibitsina, hama mugatako mugashikira ingingo iha uburenganzira igitsina kimwe kwisanzura mu kintu, ariko ikihaniza abandi no kurota bacegera ? Inganishwa ry’ibitsina risigura iki ku bwanyu ? Kumbure ntitubitahura kumwe, ariko aho ngeza mu gutahura, « ingenishwa ry’ibitsina » ryamirira kure imvugo yose itanguzwa na « kubera ndi umugore, canke kubera ndi umugabo, sinshobora gukora… ». Inganishwa ry’ibitsina riturekurira kwiyumva, ata gushira imbere icagizwe igitsina gabo canke gore. Nk’uko dusanzwe tubizi, ni ibintu abantu twihaye bituma twiyumvira ngo twategerezwa kuba tumeze kuriya. Inganishwa ry’ibitsina rero rishira ku rugero rumwe ibitsina vyompi, rikemera ko ata na kimwe kiri hejuru y’ikindi, ahubwo ko vyuzuzanya.

Naho nagize amatsiko kuva ku mutwe w’igisomwa, narabandanije ndagisoma cose. Ikibabaje, ni uko mwakomeje kuntera amatsiko. Mwanditse ngo « ni ko amafaranga y’amarundi 500 000 ni menshi, ariko iryo tegeko ryari nkenerwa, twihweje ukuntu ingoma yari isigaye ifatwa minenerwe ». Kumbure nakuriye mu gice kitameze neza mu Burundi, ariko mu kiringo c’imyaka cumi n’umunani namaze mw’ico gihugu, sinigeze mbona ikintu na kimwe Abarundi bishimira gusumba ingoma. N’aha nyene, kumbure ko twumva ugutandukanye ico twita agaciro. Ivyo bikantera kwibaza nti : ni gute mushika aho mwiyumvira ko ikintu kiri muri kahise n’umuco kama w’igihugu cafashwe minenerwe ? Ni gute Abanyagihugu bogaragaza ko bubashe koko iragi ry’abasokuru babo ? Mbega bigaragarira ku giciro c’amafaranga bariha kugira bakironkere uburenganzira ? Canke mu kibanza iyo ndaganwa ifise mu mibereho ?

Naomi, reka twumvikane ko « Ingoma » ari iragi Umurundi wese yumva yishimiye. Yaba amahera canke itegeko rero, nta na kimwe cari gikenewe kugira gisigure agaciro kayo. Ingoma zitera uburyohe ibirori vyacu. Ntimushobora kwibaza ingene numva mpimbawe iyo ndiko ndabona abanyamahanga bariko bararyimara ku ngoma z’i Burundi. Ivyo bikomeza wa mutima w’ukuzishimira twarazwe n’abasokuru.

Rero, iryo tegeko rije gusa kutwigiza kure y’umuco kama wacu. Si ryo rizotuma Abarundi baha agaciro ingoma. Basanzwe babikora n’ubu. Ahubwo, nk’uko vyahora kuri za ngoma za cami ku miryango imwe imwe, ingoma zihindutse agateka ka bamwe. Iyo ndaganwa yari ifisweko uburenganzira na zina Murundi wese, ubu ikomorewe abifise gusa. Iragi abavyeyi bose b’abarundi basunikira abana babo gukunda, ubu rigiye kuba intashikirwa. Munkundire rero ndabibutse ko ibihe n’uruganwe bigenda biha ibindi. Nk’uko nyene, n’imico yacu itera irahindagurika. Igihe kimwe rero, tuzokwisanga twashitse kuri uko kutaziha agaciro nk’uko mubivuga, kuko urunganwe rushasha ntiruzoba rwarigishijwe ingene ingoma ari iragi rihambaye, ryugururiwe buri Murundi wese. Iyi rero ni intango y’iherezo.

Naomi, dusubire kuri iryo tegeko ribuza abakenyezi kuvuza ingoma. Mwaranditse ngo : « ….ikindi gitera agashavu ni ukwihanikiriza burundu abakenyezi n’abigeme kuvuza ingoma…Ivyo ndabishigikiye ».

Ku vy’ukuri, sinigeze numva mbabaye, ahubwo narumiwe. Sinari bwumve igishingantahe kibishe gituruka ku mukenyezi ashigikira ikibano gikomorera iteka ryose igitsina gabo. Ariko, ukuba muzi ko ivyo mwavuze bibabaza abagore, ivyo vyerekana ko harimwo agahaze. Mubisigura mwishimikije umuco. Ariko umuco uhinduka inzinguzingu, na cane cane iyo bawugize integerwa canke intakorwako. Ntarinze gushika kure, ndakunda imico yacu muri rusangi. Ni umuco wuzuyemwo kama k’igitangaza, ariko kandi ugizwe n’imihamuro ndetse na kama zitari nziza, zankiriza umukenyezi. Umuco wacu warateye imbere uko imyaka igenda irengana. Uko abakenyezi bashirwa mu mashure bakagira ivyo bashoboye, ni ko imigenzo ishigikira ugufata ku nguvu, ukwimonogoza n’ukurongoza umukobwa ku nguvu bitera biheberwa akahise.

Rero, iyo ndiko ndasoma ngo : « ni ko umuco ubivuga », ndibaza nimba mutahura vy’ukuri ico « umuco » bisigura. Washaka twibagire uwiwacu, wo ukomorera iteka ryose igitsina gabo. Duhagarare cane ku kugene umuco muri rusangi ugizwe n’ivyiyumviro n’ukugene abantu babayeho, bino bigatandukanya imigwi imwe n’iyindi. Gutyo rero mwifuza ko umuco ndundi umenyekana nk’uwukandamiza abakenyezi ? Umuco wacu uko uri uyu musi, warikuyeko imigenzo myinshi, wongera wakira iyindi, nk’igihugu kiri mu nzira y’iterambe. Ntitugifise vyabindi ngo : gutera intobo, gukazanura, gukanda, gucura, gushinga icumu, n’ibindi. Bisubiye, ntimwitiranye imigenzo n’umuco. Birahindagurika.

Turazi kandi ko amategeko agize umuco ashirwaho n’abantu (canke abagabo nk’uko twavyigishijwe). N’uko rero nimwibaze mu mwaka w’2017, kubona abagabo bari ku butegetsi bavyuka bafata ingingo ku bintu abakenyezi batarekuriwe gufata nk’iragi ryabo nk’uko bihanahanwa urunganwe ku rundi. Insiguro imwe gusa : umuco. Uwo muco wahoze ugandagura abakenyezi ngo n’uko basamye imbanyi imbere y’ukwubaka, uwo warekurira umugabo kuryamana n’umukazana wiwe, ni uwo muco nyene wasasira indava imigenzo myinshi ihagarikira ugukubagura umukenyezi.  

Muntahure neza, sindiko ndagwanya umuco wanje. Ndiko ndibutsa iyo twavuye nk’igihugu : twavuye ku mico ihagarikira imigenzo y’ugukubagura abakenyezi, dushitse ku muco ugerageza gushira imbere ubwigenge bw’umukenyezi, naho nyene agifise ingorane yo kwiyambura ingendo za kera z’uburyo abaho.

Naomi, warerekanye ingene « Ingoma » igaragaza umubiri w’umukenyezi, ivyo kumbure ni vyo, ariko kandi warerekanye ko iyo ngoma nyene yerekana ubwami bw’i Burundi, kandi ko yavugirizwa umwami gusa. Uwo mugenzo warasezerewe, kuko ubu ingoma ishikirwa na bose, kandi imaze kuba kimwe mu bice bigize ibirori vyacu. Kubera iki none tutoca agasaraba kuri mwe n’ico ciyumviro c’uko ingoma igaragaza umubiri w’umukenyezi ? Mbere jeho nsanga iyo mvugo ari igitutsi. Ikibabaje ni uko ikibano cacu gifata umubiri w’umukenyezi nk’ubwami bw’umugabo. Kubera iki none tutofata ingoma nk’iragi twese tunezerererwa, ata n’umwe ashizwe inyuma, hama tukihoza viy’uko umukenyezi avugije ingoma ari nk’ukwikinisha ? Koko turakeneye insiguro zikandamiza umukenyezi hanyuma y’ivyo vyose ? Mbega ntimubona ko twozigira indaganwa ihambaye kandi yugururiwe bose, igaherekezwa n’indirimbo zihayagiza Uburundi n’Abarundi ? Kandi kandi, ibigize umuco birashobora guhinyanyurwa, bikajana n’ibihe. Na cane cane mu bihe bigoye nk’ibi, aho abakenyezi bariko barahagurukira umwidegemvyo wabo. Isi igizwe n’abagore ku bwinshi, kubw’ivyo, igihugu giciye ubwenge ni igishira imbere umukenyezi.

Ncuti yanje, munkundire ndangize ndabibutsa ko inganishwa ry’ibitsina rirangiza uburyo bwose bwo gutandukanya iciswe igitsina gore n’igitsina gabo. Kubwivyo, vyumvikana nabi iyo mwanditse ngo : « biciye mu mvyino n’indirimbo kama, turashoboye kwerekana impano n’ubutore vyacu; Kubera iki none dusaba ingoma, mu gihe zonashobora guhungabanya ubupfasoni bwacu…. ?». Mugize nk’umuntu yokwihera amenyo abonye umwigeme Serena Williams n’ukuntu umubiri wiwe wubatse, kandi jeho ndabikunda. Inama nokugira nk’umukenyezi irasanzwe, gerageza ubeho ubuzima bwawe uko uvyumva, uje kure y’ivyo ikibano cakwigishije ku vyerekeye ubupfasoni canke ubugabo, bizogufasha kubaho widegemvya no kwakira abandi uko boba bari kwose.

Naomi, mwarangije muvuga ko « ukunganisha ibitsina bidasigura ko abagore bategerezwa kuja impigi n’abagabo. » Ivyo bica vyerekana ko muri « umwamikazi w’ikibano cegurira iteka ryose igitsina gabo gusa ». Hari abakenyezi bemera ubwigenge bwabo bariko bariyamiriza indinganizo nk’izo zibakandamiza. Mu gihe mushobora kwisubiza ubushobozi bwanyu, mu gihe umukenyezi ashobora guhiganwa n’umugabo mumenye ko mutegerezwa kwikuramwo imvugo ngo « ndi umugore », ahubwo mugahamvya ivyiyumviro vy’ukuba umukenyezi yifuza gushikira amateka n’amahigwe abagabo bahabwa, bidatewe n’uko turi mw’ihiganwa, ariko gusa kubera ukumererwa neza kwawe gukeneye guhabwa ako gateka abagabo nabo bahawe. Nk’uko ugutwi n’ijisho bitohana impigi, ni ko abakenyezi n’abagabo batoja mw’ihiganwa.   

Ndizeye ko Abarundi batazokwemera amategeko akandamiza abakenyezi. Twavuye kure, mu migenzo ituntuza, kugira ntitube twosubizwa inyuma n’imihamuro y’akahise kacu. Barundikazi aho muri mwese, komera !

Articles récents

Recent Comments ( 4 )

  1. Murantumge,mbanje Kuramutsa Amahoro Kuri Bose. »ingoma Y’uburundi » N’ikintu Ndangakaranga Zina Murundi Wese Atarakwiye Kwirengagiza.Ingoma Rero Kuva Na Kera Zikaba Zavuzwa N’abantu B' »igitsina Gabo » Bivanye N’insiguro Zari Zifise Eka Nubu Zigifise.maze Zikaba Zitavugirizwa Uwariwe Wese N’ahariho Hose.Jewe Rero Nk’umurundi Akunda Akaranga K’uburundi,sinumva Ukuntu Umuntu Yoshigikira Ko Umuntu W' »igitsina Gore » Yovuza Ingoma,ahubwo Mbona Ko Hoba Hahonyanzwe Agateka K’umurisho Tutibagiye N’akaranga Twasigiwe Na Ba « Sokuru »,mbere Nkabona Kandi Ko Uwo Muntu Atoba Amenya Neza Insiguro Y’ingoma Y’uburundi Ahubwo Riho N’uko Yokwegera Abatama Ba Kera B’abatimbo Bakamucira Agace Akamenya Insiguro Yayo.Ahubwo Ndakeburura N’abarundi Bamwe Bamwe Aho Basigaye Bafata Ingoma Nk' »igikinisho » Mukuzivugiriza Abo Babonye Bose.Ivyo Nkabona Ko Ari Uguhonyanga « umuco W’abarundi ».Sinoyavuga Ngo Ndayamare Kuko Ni Menshi Nobivugako Ahubwo Reka Ngeze Aho. » Niharambe Umuco N’akaranga Muburundi ».Murakoze.

  2. Ndabaramukije mwese abari kurubuga.
    Jewe bivanye n’akazi kamfata caane, sinari menyereye kugira icomvuze ku nkuru zica ku mbuga ngurukanabumenyi, ariko uno munsi ngira ndabikore Kubera uwo mwigeme Judicaëlle arambabaje kuko agomba guhuvya abarundikazi.
    Itegeko ryaje hageze.
    Jewe ndi umugabo kandi ndafise umwana w’umukobwa, kandi ndamushira kurugero rumwe n’abana b’abahungu.
    Bisubiye abagore turabubaha kandi tukabakunda kuko harimwo ba mama bacu, bashiki bacu, eka n’abagore bacu.

    MUGENZI Judicaëlle, jewe nukuri ndaryohewe kwumva uri mubigeme muri bake bubahuka guhagararira agateka k’abakenyezi.
    Ariko rero nsubiye kwiri jambo wanditse ngo: « Turazi kandi ko amategeko agize umuco ashirwaho n’abantu (canke abagabo nk’uko twavyigishijwe). N’uko rero nimwibaze mu mwaka w’2017, kubona abagabo bari ku butegetsi bavyuka bafata ingingo ku bintu abakenyezi batarekuriwe gufata nk’iragi ryabo nk’uko bihanahanwa urunganwe ku rundi. Insiguro imwe gusa : umuco. »

    Mugenzi wanje Judicaëlle, Mbe ko uvuga ngo ntakuguma mumico irekurira abagabo bimwe ikabibuza abagore, mbe wewe nk’ubu ntiwova muvyimico maze ukaja kuresha umusore, ugateguura urubanza rw’ubugeni, maze abavyeyi bawe bagatanga inkwano ( dot) kubavyeyi b’umuhungu !!!!!!
    kuberiki n’ubwo umukobwa ariwe aba yatanze amahera ya dot, vyitirirwa ko yatanzwe n’abavyeyi b’ubumuhungu???

    Reka shaaa kubesha abigeme n’abapfasoni, kandi ureke gutwarwa n’imico y’abazungu kuko après tout uguma uri umurundikazi kandi ntuzigera usaba umugabo ngo agufashe gutwara imbanyi kugira ureke kuyitwaara amezi icenda wenyene, kandi ariwe yayiguteye!!!!!!
    Pardon, j’exagère peut-être mais c’est pour te convaincre ko IMANA YO NYENE IFISE INGENE YAPANZE IBINTU, KIMWE KIMWE UKWO KIBEREYE.

  3. Amahoro neza.nukuri mupfasoni wavuze ko boba bakwigije inyuma kuko utavugije ingoma ntiwatahuye ico kuvuza ingoma bisigura.urazobaza ibihimba vy’ingoma uzocubona ko umugore avugije ingoma aba ari ikimenabanga.kandi nimba ushaka ko karanga k’ingoma gacafura canke ngo kazimangane urabaza kera nta mugore yigeze avuza ingoma.

  4. KUVUGA AMAGAMBO MENSHI HABAMWO N’AMAKOSA MENSHI SINSHIMYE KUGARUKA KU GITUTSI WASHIZEMWO NI WAGOMBA UZOKWIKOSORA.NTUSHAKE GUHINDURA IBINTU VYASHIZWEHO N’IMANA.ADAMU AHAWE EVA YAVUZE KO ARI UMUGORE.KUKI ATAVUZE UMUKENYEZI?ABAGORE BIBAGIRA INSHINGANO ZABO BAKARYOHERWA NO KWITWA ABAKENYEZI.INYUMA YA VYOSE BAGARUKA KWITWA ABAGORE.

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*