article comment count is: 0

#UrwegoNshingwaKirundi : ico ari co n’indinganizo yarwo

Mu ntumbero yo kugarukira ururimi rw’Ikirundi, icihutirwa kandi ata n’umwe akideha, ni uko hojaho urwego nshingwakirundi. Ni rwo rwovyitaho kurusha, rukabiha intumbero, kandi rukabibazwa. Urwo na rwo rutegerezwa kuba rutunganijwe hakurikijwe integuro mpuzamakungu, kugira rushobore kugira ico rushitseko. Muti none mu bisanzwe urwo urwego nshingwarurimi rwoba rutunganijwe gute? Umuco.

Mw’itegeko rigenga ikoreshwa ry’indimi mu Burundi, ryo muri Kigarama 2013,  Reta yiyemeje gusubiramwo itegeko ry’umwami ryashiraho urwego nshikingwakirundi, maze rugaruke kandi rufise akanovera karubereye. Muri ryo, handitse uku gukurikira : « Ruzoba rugizwe n’abatohozandimi, abigisha, abazi gutora bishasha, abaserukira Reta n’amashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya poritike bitaho ibijanye n’umuco n’indimi mu Burundi. »

Ikiryoshe kandi gihambaye, ni uko urwo rwego rwoba rwikwije kandi rwigenga (mu buryo no mu bikorwa). Ni rwo rero rwoba rujejwe gukurikirana ikoreshwa ry’indimi mu Burundi. 

Uravye uko iryo tegeko rigenga indimi ribivuga, rwobaye ari urwego rwikwije, twokwitegako ibidasanzwe. 

Inzego nshingwandimi ziba zitunganijwe gute?

Inzego nshingwandimi ziri kw’isi ni nyinshi cane. Hari n’ibihugu usanga bifise izirenga rumwe bivanye n’ivyo rushiriweho. Ugasanga urujanye n’igisata c’ubuhinga ruratandukanye n’urujanye n’ic’ubuvuzi, gutyo gutyo. 

Ariko kenshi, iyo bavuze inzego nshingwandimi, abantu benshi bakunda gushoka bumva urujejwe Igifaransa (Académie Française), rwashinzwe mu 1634. Urwo na rwo rukaba rujejwe gushiraho amategeko agenga ururimi rw’igifaransa: inyandiko, imvugo, impfunyapfunyo, n’ibindi. 

Rushinzwe kandi kuryohora urwo rurimi uko bikenewe, rukaba rugizwe n’abantu 40. Abo na bo bava mu bisata bitandukanye harimwo indimi, imbogorabwenge (philosophie), ubuganga, ubuhinga, n’ibindi.

N’aha hafi yacu, hariho urwego rushinzwe Igiswahiri rwitwa « Baraza la Kiswahili la Taifa »; BAKIFA mu mpfunyapfunyo. Rwavutse mu 1983, rukaba rujejwe kugenzura no kuryohora ururimi rw’igiswahiri, rusanzwe rukoreshwa mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko (EAC).

Mu vyo rujejwe, rurakwikirana ingene urwo rurimi rukoreshwa, uko rutera imbere, rukemeza amajambo mashasha iyo bikenewe, kandi vyose vyisunga poritike ya Tanzaniya.

Ururimi rudasanzwe, rwatohojweko kera

Burya, nk’uko umwigisha muri Kaminuza Mberamihigo Ferdinand abivuga; «Ikirundi kiri mu ndimi zidasanzwe muri Afirika. Kiri muri zitandatu zivugwa mu mihingo yose y’ibihugu zivugwamwo, na zo zikaba ari : Ikirundi, Ikinyarwanda, Igisomari (Somariya), Ikimerino (Madagasikare), Igisoto (Resoto), hamwe n’Igiswati kivugwa muri Eswatini (cahoze citwa Swazirande).» 

Ubutohoji ku Kirundi si ak’ubu. Inyuma y’imyaka 11 yari amaze mu Burundi, umumisiyonari Van Der Burgt yarasohoye kazinduzi ya mbere y’Ikirundi n’Igifaransa, hari mu 1903. 

Mu mwaka w’1961, ni ho uwundi mupatiri yitwa Francis Marie Rodegem yasohora na we nyene kazinduzi y’amajambo y’Ikirundi asiguye no mu Gifaransa. Gushika ubu nta kazinduzi yindi irasohoka, n’imigambi yo kuyandika iravugwa, ariko ntirashobora kuja mu ngiro.

Umushinge urakwiye

Ico benshi batazi, ni uko ubu hariho itegeko rigenga inyandiko y’Ikirundi. Integuro y’iryo tegeko yavuye mu ruganda rwo ku wa 2  Myandagaro 2012. Uburundi, bufashwe mu mugongo n’ishirahamwe rya ONU ryitaho indero n’imico (UNESCO), bwaratunganije uruganda rurimwo abantu batandukanye bitaho ibijanye n’Ikirundi. Bimaze kwemezwa n’inama nshikiranganji, integuro yahavuye yemezwa n’Inama nshingamateka, maze n’umukuru w’igihugu arishirako umukono.

Mu bisanzwe, ni ryo tegeko ryabwirizwa kuba rigenga inyandiko y’Ikirundi ubu, mugabo ntiriratangura gukoreshwa. Inama nk’iyo yo kwihweza inyandiko y’Ikirundi yaheruka mu 1983.

Ivyo bikorwa ni vyo urwo rwego ruzoherako mu gushinga imizi, no kubifasha bikagira ico bishitseko. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion