Hamwe urwego rushinzwe ururimi rw’Ikirundi rwovuka, ntibwoba bubaye ubwa mbere. Kwoba ari gushira mu ngiro ivyiyumviro vyariho, haheze imyaka irenga mirongo itanu. Urwo rwego rwarigeze kubaho, n’aho mu nyuma vyagenze nabi rurahagarara. Ido n’ido ry’ubuzima bw’urwo rwego n’icatumye ruzimangana.
Abarundi barayamaze bati: “hapfa uwavutse”. Ico mwumva abakuru n’abato batakambira, si iciyumviro gishasha na gato. Kirahari kandi cari catanguye kuja mu ngiro, inyuma y’intahe yo kwikukira kw’Uburundi.
Kugira rujeho, yabaye intambara itoroshe yarwanywe na Patiri Yohani Batista Ntahokaja, umwigisha muri kaminuza akaba n’umuhinga mu vy’indimi. Ku gashavu k’uko abazungu batashaka ko Ikirundi cigishwa mu mashure, yarasavye Umwami ko yoshiraho urwego nshingwakirundi; nawe aravyemera.
Ku wa 16 Nyakanga 1962, ni ho Umwami Mwambutsa IV yashira umukono kw’itegeko nomero 1/96 rishiraho urwego nshingwakirundi, rwitwa “Académie de la langue et la littérature Rundi” mu rurimi rw’Igifaransa.
Urwo rwego rwari rujejwe iki ?
Ingingo ya kabiri y’iryo tegeko yavuga ko urwo rwego rwari rufise ibiro i Bujumbura, rwari rujejwe kwiga amayagwa n’ururimi vy’Ikirundi, guteza imbere ibikorwa vy’amayagwa akozwe mu Kirundi, kwandika Kazinduzi n’indimburo vy’urwo rurimi, n’ibindi bijanye.
Urwo rwego kandi, nk’uko iyo ngingo yabandanya ibivuga, rwategerezwa guteza imbere ururimi n’amayagwa vy’Ikirundi mu mashure, gutegura amahiganwa yo kwandika mu Kirundi rugatanga n’ubushimwe ku barushije abandi, hatibagiwe kugenzura ikoreshwa ry’urwo rurimi mu binyamakuru no mu nzandiko zitandukanye z’ubuzima bw’igihugu.
Iryo tegeko nyene ryaravuga igitigiri c’abantu bagize urwo rwego, abantu 20, n’ico bakora, hamwe n’ikiringo komite nyobozi izomara: imyaka itatu.
Kubera ata buryo bwo gukora urwo rwego rwahawe, rwamaze umwanya urume rumara, ruba uruvukiye mu nzandiko gusa. Nk’uko Edouard Ntamatungiro abivuga, n’indimburo twisunga uno musi Ntahokaja yashoboye kwandika, uburyo yakoresheje bwari ubwo ahawe n’igipatiri ; nta buryo bw’igihugu yigeze ahabwa.
Kwivyukiranya
Mu 2011, ibiro vya Unesco bifadikanije n’ubushikiranganji bw’imicokama vyaratunganije icigwa cakozwe n’abahinga mu vy’indimi Bonja Guillaume Ndayishimiye, Melchior Ntahonkiriye na Edouard Ntamatungiro. Ico cigwa casaba ko hoshigwaho itegeko ritunganya indimi mu Burundi. Ku wa 28 Myandagaro 2014, ni ho abashingamateka bemeza ijana kw’ijana integuro y’itegeko rigenga politike y’igihugu itunganya indimi.
Amategeko atandukanye yaratowe ku neza yo guteza imbere urwo rurimi biciye mw’ishingwa ry’urwego rurushinzwe. Aha twovuga nk’Itegeko nomero 1/19 ryo kuwa 10 Nyakanga 2013 risubiramwo inyigisho zo mu mashure y’intango n’ayisumbuye, rivuga ko imyaka itandatu y’ishure shingiro yokwigishwa mu rurimi rw’Ikirundi, hamwe n’itegeko nomero 100/235 ryo kuwa 2 Kigarama 2017 rivuga ivyishirwaho ry’inzu y’akaranga irimwo kandi urwego nshingwakirundi, n’ivyo ruzoba rujejwe.
Ayo mategeko yose kugeza uno musi turindiriye ishigwa mu ngiro ryayo, ariko yoyo aratomora ibikorwa bijanye n’urwo rwego. Kugeza ubu ikibuze ntikiramenyekana, kuko mu mwaka uheze, mu ruganda rwo guhanahana ivyiyumviro kw’inagurwa ry’ururimi rw’Ikirundi, umuyobozi w’ikigo c’isomero no gusasagaza akaranga CEBULAC yari ahari ico gihe yavuga ko uburyo buhari.
Ruririrwa na bose…
Urwo rwego rusabwa na bose. Abakuru n’abato bitayeho kubona Abarundi bagize ijambo mu makungu, ururimi rwacu rugashirwa mu zindi, bose bagona rimwe.
Mu kinyamakuru Iwacu, Umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi Juvénal Ngorwanubusa, bamubajije ikintu ca mbere yoherako gukorera igihugu ari hamwe abaye umushikiranganji w’imico n’akaranga; yavuze ko yohera gushiraho urwego nshingwakirundi.
Eka na Guillaume Bonja Ndayishimiye, ndetse na Edouard Ntamatungiro bakoze ca cigwa twavuga aho hejuru, bavuga ko ishirwaho ry’urwo rwego risigaye kuja mu ngiro, kuko amategeko arugenga yose ahari. Ntamatungiro we akagira ati: “N’amahuriro yo guhanahana ivyiyumviro ku rurimi rw’Ikirundi yahora atunganywa uko imyaka itatu ishize, ubu yarahagaze. Na yo akwiriye gusubira gutunganywa, kuko yarafasha”.
Ata guca hirya no hino, urwo rwego rurakenewe, kandi mu maguru masha.
L’académie Rundi que l’Abbé Ntahokaja a présidé au lendemain de l’indépendance n’était pas dans le cadre de l’Église. Il a fait la plupart de ses recherches ultérieures en tant que professeur à l’école Normale Supérieure puis à l’Université(assisté entre autres par un certain Kabwa). Il y a eu aussi vers 1973 un éphémère « Centre de Linguistique Appliquée Rundi « CLAR en abrégé.