Abantu babona ugutandukanye imico n’imigenzo. Hari abavuga ko hari ivyakorwa kera ubu vyataye igihe. Abandi na bo, bakabona ko ibintu vyahindutse, ko abantu bakwiye kujana n’ibigezweko. Urwaruka rwo muri komine ya Buganda, mu ntara ya Cibitoke, rurakebura, abajejwe intwaro bagatanga […]
Ikirundi
Sobanukirwa insiguro y’amazina y’amezi mu kirundi
Biratangaje ukuntu usanga Abarundi bari bazi ibihe, buri kwezi bakamenya ikiramukiwe gukorwa. Usanga bamenya umurimo uramukiwe kandi batavyumvikanye. N’ukubona baramenya ukwezi bagezemwo, vyari bitangaje cane. Reka Patiri Yohani Batisita Ntahokaja, umwigisha muri kaminuza atuyagire ivy’amezi nk’uko tubisanga mu gitabo ciwe […]
Uburundi bwarikukiye: ikirundi co gute ?
Uburundi bwarikukiye, intwaro ishikirizwa Abarundi. Ariko naho twikukiye, hari agahaze kanini mu bijanye n’uko Umurundi yifata, eka mbere n’ururimi rw’ikirundi. Uyu mwanditsi akabona ko intambwe ikiri ndende. Arabitwiganira.
[Kwishura] : “Eka da! Nta rurimi rw’Ikirundi mu nyigisho”
Inyuma y’igisomwa casohotse mu rukurikirane rw’ibisomwa uru rubuga rwise #UrwegoNshingwakirundi, rukaba rwasaba ishirwaho ry’urwego ruhagararira ururimi rwacu, gisaba ko Ikirundi conagurwa canecane mu mashure; umwanditsi Egide Nikiza abona ko bishoboka, ariko bidasigura ko Ikirundi gica gicika ururimi rwokoreshwa mu nyigisho. […]
#UrwegoNshigwaKirundi: mu mashure, “uwanka agakura abaga umutavu”
Ugereranije indimi zigishwa mu mashure yo mu Burundi, Ikirundi ni rwo rurimi rufise ikibanza gito muri zose; gutyo ikaba imwe mu mvo zihambaye zituma rusubira inyuma cane. None, hokorwa iki ngo ntiruzimangane, rugende amazimayongo ?
#UrwegoNshingwaKirundi : twaratewe ntitwabimenya
Uko iterambere ridushwara, ni ko habaho n’imvugo ijanye na ryo. Hatabonetse urwego rwoza gufasha gusubiza ijunja n’ijambo ururimi rwacu, nta kabuza turarubura iyo twarubonye, ruhinduke uruvange. Uno musi, amajambo mvamahanga asigaye akoreshwa nk’Ikirundi ashishikara kugwira mu biyago vya misi yose. […]
#UrwegoNshingwaKirundi: ibikorwa ni vyinshi, ababikora nta bahari
Ibibazo bihanze ururimi rw’Ikirundi ntibiharurwa. Urwego nshingwakirundi ni rwo rwari rujejwe kubitorera umuti. Haba mu mvugo, mu nyandiko, eka mbere no mu bindi, urwego nshingwakirundi rwofasha vyinshi. Twahisemwo kwegera Gertrude Kazoviyo, umwigisha muri kaminuza, ngo abituyagire.
#UrwegoNshingwaKirundi: umugambi wanigiwe mu menshi
Hamwe urwego rushinzwe ururimi rw’Ikirundi rwovuka, ntibwoba bubaye ubwa mbere. Kwoba ari gushira mu ngiro ivyiyumviro vyariho, haheze imyaka irenga mirongo itanu. Urwo rwego rwarigeze kubaho, n’aho mu nyuma vyagenze nabi rurahagarara. Ido n’ido ry’ubuzima bw’urwo rwego n’icatumye ruzimangana.
#UrwegoNshingwaKirundi : ico ari co n’indinganizo yarwo
Mu ntumbero yo kugarukira ururimi rw’Ikirundi, icihutirwa kandi ata n’umwe akideha, ni uko hojaho urwego nshingwakirundi. Ni rwo rwovyitaho kurusha, rukabiha intumbero, kandi rukabibazwa. Urwo na rwo rutegerezwa kuba rutunganijwe hakurikijwe integuro mpuzamakungu, kugira rushobore kugira ico rushitseko. Muti none […]