article comment count is: 0

Mwari muzi igituma kuresha abaswahilikazi bitoroha ?

Buyenzi si zone irangwamwo amagaraje n’abakanishi gusa. Irangwamwo n’abakobwa b’isuku cane kandi bezabeza bambara bakikwiza, harimwo benshi b’abayisiramu usanga bitwikiriye. No mu yandi makaritiye n’amazone y’abaswahili niko kw’uko. None biroroshe ko abasore babaturukira kugira babareshe, bahakure ubumwe bujana ku bugeni ? Ku wa gatandatu uheze, uyu mwanditsi yaratiye akabando asimbira mu Buyenzi no mu Kinama, maze ayaga na bamwe n’abandi bamubwira igituma bitorohera benshi. 

Kuja kurondera amakuru bisanzwe bitoroshe muri iki gihe kubera ivyo i gihugu gihitiyemwo. Ugiye kurondera amakuru akora cane ku buzima bwite bw’abantu hoho bigoye kuruta. Narirya nari ngiye kubaza ibintu bidakunze kuvugirwa hejuru murumva neza ko bitari vyoroshe. Kubera ntari ndahamenyereye kuko mba mu yindi karitiye, naciye nikora ku wuhamenyereye maze anjana ku bo nari nkeneyeko amakuru. Aba rero ni abigeme n’imisore iva mu ma karitiye benshi bita “y’abaswahili’’ canke mu giswahili. Ariko kubaronka ntivyamworoheye. 

Ico twoherako ariko, n’ugutandukanya umukobwa wo mw’idini ry’abayisiramu hamwe n’umukubwa bita umuswahilikazi kubera ururimi avuga canke imico y’amakaritiye y’Abaswahili. Abaswahili bose si abayisiramu, kandi abayisiramu bose si abaswahili. Aha muri iki gisomwa bamwe twayaze ni abaswahili kuko baba ahari imico ijanye n’igiswahili nka Bwiza, Buyenzi na Buterere, ariko hari n’abo twayaze bo mu Buyenzi b’abayisiramu. 

Tugishika kurya 6 mu Buyenzi uwa mbere twagiye kuraba twasanze atariho ari. Dufashe umugambi wo gutegera kw’ibarabara abo tuyaga, ntivyoroshe. « Dada,  huyu bwana ni mtangazaji. Anatafuta binti wa kuongelesha kuhusu kutongoza 

mwana mke wa kiswahili », ubwo nyene umukobwa yaciye atwikunkumura ngo: « Ishiya uko », aba aragiye.  

Ni ho twabandanya mu Buterere aho asanzwe aba kuko ariho yabona azinanye n’aboshobora kwemera kunganiriza. N.H. ni umwigeme yitwikiriye afise imyaka 25. Afise umwana umwe akiri muto, twamusanze ku rya 5 mu Buterere hafi y’aho bita kuri ‘’étaje’’. Kubera yari azinanye na wa mugenzi, ntiyagoranye yaciye yemera ko tuyaga, duca turondera aho twicara. Tumaze kwicara, se wabo wawa mugenzi yaciye aza kumuramutsa duca nawe turicarana. Yitwa Lambert Buleli, afise imyaka 65. Nawe nyene yaciye ashikira mu kiyago.

Ngo kuresha umuswahilikazi biragoye ?

N.H yaratangaye ndamubajije ico kibazo, kuko wewe abona ko ari ibisanzwe. Twongeyeko ko bivugwa ko abo bakobwa usanga bakaze, yasubijeyo ati : « Urumva  nyene bivana n’ico umusore aje arondera. Ari uwushaka ivyo yonona bamushwimura kare. Igituma ni uko aba bakobwa baba barigishijwe kuba ‘’hange’’, ntibajane n’ibiguruka. Hari rero igihe abanza kukugandisha kugira arabe ko uri ‘’seriye’’. Amaze kubona ko ari sawa bica bigenda neza. We wokwishinga aba basore bakamanikiwe bo mu giswahili ukagarukira he ? »

Ariko rero hari akagoborandya yaciye yongeramwo ko iyo umukobwa ari umuyisiramu umuhungu akaba umukirisu canke uwo mu rindi dini bidakunda ko bubakana. Aha wa mutama Lambert yaciye amwakira ati : « Umukobwa w’umuyisiramu murashobora gukundana nta ngorane naho woba uri umukirisu, ariko ikizira n’ukurongorana. Ubanza kwinjira idini. Mucishije ahanyu mukubakana, umukobwa baca bamuca iwabo kandi umuryango w’umukobwa ntupfa uhonyoye mu rugo rwanyu ». 

Ngo ata kanga canke Jilbab  nta gashoboka ?

N.H yaciye atwenga mbajije ico kibazo, ati: « Na wewe ibibazo vyawe biragoye. None turetse uwo mu giswahili, umurundikazi wewe asanzwe umukunda ntumuha utuganuke (cadeaux)? I kanga ni vyo ni impuzu ikundwa aha, ariko utayimuhaye ntaca arara aguhevye. Umukobwa wo ngaha ni co kimwe n’abandi, ariko ni uko abo ngaha usanga baciye ubwenge ».

Wa mugenzi wanje yamfasha kurondera abo tuyaga nawe nyene yarafasha ijambo agira ati: « Igituma bavuga ko bagoye, abakobwa bo ngaha za Buyenzi, Bwiza b’abaswahilikazi usanga ata nzoga banywa, kandi ata bibanza vyo kubasohokanamwo ng’aha mu makaritiye bihari bikwiye. Iyo rero ushaka kumuresha, uramusohokana, ukamujana ku mucanga hamwe  bita kuri “beach” hari ububare bwiyubashe. Ufise rero umupfuko uhobahoba uba unaniwe ; uca uja kurondera abo mureha ». Ico ariko yemeza ni uko abakobwa bo muri ayo makaritiye usanga bazi kwubaka, kuko benshi baba bazi umuji, nta kintu abandi bagabo boza babahendesha kuko ngo baba baciye ubwenge.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion