Abarundi bamye bemera Imana kuva kera na rindi. Mu Burundi bw’aho hambere, Imana yari izwi, igasengwa, igasabwa inka n’ibibondo kandi ikizigirwa cane biciye kuri Kiranga, umuhuza wayo n’abantu. Naho rero ubu benshi bahakwa gusuzugura ukwemera kw’Abarundi ba kera, hari vyinshi nyabuna twari dukwiye kumenya kandi vyodufasha muri ukwo kwemera kwabo nk’uko Divin Dushime abituyagira.
Aho hambere, Abarundi bari bazi kandi bakemera Imana. Ariko rero kino gihe hari abasa n’ababihakana bafatiye kw’izina twumva Kiranga. Imbere y’uko abazungu bashika mu Burundi, aho baje bigisha Imana bakoresheje Bibliya, Abarundi bari basanzwe bemera Imana. Sinoreka kuvuga ko hari ukutabona kumwe ivy’akahise tudahurizako nk’Abarundi.
Hari abavuga ko Kiranga ari we yafatwa nk’Imana abandi nabo bati haba namba Kiranga ntiyari Imana ahubwo yafatwa nk’umuhuza w’Abarundi n’Imana. Jewe nkaba ndi ku ruhande rw’abavuga ko Kiranga yari umuhuza w’Abarundi n’Imana…!
Nk’uko navyiganiwe na Sicaire, umwigisha yanonosoye ururimi rw’ikirundi, narakuyemwo ivyiyumviro bikuru bikuru bishika kuri bitanu bifatiye ku kugene Abarundi babona Imana. Babona ko Imana ari yo soko ry’ivyiza vyose, ikaba ariyo izigama umuntu, igahana uwuyigabiye, ivyo ikora ntibitahurika iminsi yose kandi Imana ziri kwinshi. Kukaba nka ko, Abarundi baho hambere, biciye mu buzima bwabo bwa minsi yose, biraboneka ko bari bemera Imana.
Ibimenyetso vyerekana ko Abarundi bemera Imana
Ntawuyobewe ko ata mugani, igitito, canke umwibutsa mu mayagwa n’imigenzo vy’ikirundi vyabayeho inyuma y’uko abazungu bashitse mu Burundi. Ivyemeza ko Abarundi bemera Imana turabibona mu migani no mu myibutsa: “Imana iguhaye niyo ikwaka”. Utundi turorero turi mu mazina nka “Rugira”, “Sebibondo”, “Indavyi”, n’ayandi. Hari n’ibindi bimenyetso dusanga mu migirwa nko gukeza umuvyeyi yibarutse aho bavuga akajambo ngo “Kira mama! Simba imanga, Imana icane…” ndetse no mu bundi burorero bwinshi.
Ariko rero hari n’utundi turorero tutwereka ukwo Imana yabonwa. Hari n’abayibona ukundi aho hari amazina baca bayita ariyo: “Rwuuba rwa biguta”, “Bijinyagu”, “Busa bubi”,… Ibi bikerekana ko Abarundi babona Imana uburyo bubiri. Bikerekana rero ko hoba hari Imana babona nka nziza n’iyindi mbi. Ni no muri utu turorero twose tubonera ko Kiranga atari Imana.
Nta masengero yari ahari ameze nk’aya tubona muri kino gihe nk’uko navyiganiwe na Sicaire. Ariko rero, hakaba hariho ikibanza bita indagano, aho bahurira n’Imana. Ibi vyose bikabandanya vyerekana ko Abarundi baho hambere bemera Imana.
Kuvuga ko badusumvya kumenya Imana n’ivyo kwemeza umuntu kugiti ciwe ariko ku bwanje mbona bari bafise ukwemera gukomeye! Ni vyo ntibigishwa nkuko abubu twigishwa kuko ntawarayizi gusumvya uwundi ariko bobo barizera Imana ku rugero ruhambaye mbona umenga abizera Imana bakino gihe twokwigirako. Nk’uko hari abapagani kino gihe, na kera bari bariho. Abo nabo n’abatemera ko Imana ihari canke ntibakurikize imigenzo ndoramana.
Ico mbona rero nuko tutokwagiriza canke ngo tuvuge kw’abakera ata Mana bemera canke bari bazi. Twari dukwiye kubaza neza uko vyari vyifashe ahohambere kugira ngo tugumane ukuri kw’ivy’akahise. Urwaruka na rwo rwari rukwiye kwitaho kumenya kahise muri rusangi kuko tutazi kahise hari ivyo tuzosigara turakora bidahwanye n’uko twari dukwiye kubaho.
beau site !!!
umwana waho hambere vyar gut?
Rwuba rwa bigata cari igihushane c Imana rugira, le Satan !
Je partage ton avis
kiranga yarigeze abwira Abarundi kw imana ifise umwana ariw yesu?vyaje gute?
Mbe Kiranga Yariyereka Abantu Canke Carikibumbano?(Igishusho)
Abarundi ba kera basenga IMANA y’igitangaza. …itaboneka. ..ntiyari imbumbano eka namba imbazano .
Bari bafise ukwemera gurtyoroye kuko Imana basenga (KUBANDWA)yari RUGIRAVYOSE. bayigishijwe n’INTUMWA yayo KIRANGA KIRUMWERU (Mweranda ).
Ababangikanya Imana nabo (païens )nibo basenga imizimu babicishije muvyo bita GUTEREKERA .
Abakoloni n’abamisiyonari rero baciye bitirabya (exprès )KUBANDWA du Prophète KIRANGA (Culte pur )et GUTEREKERA (Paganisme )
Tukamenya ko dukwiye kugira umwete wo kurondera ukuri ka kahise kacu. ..
koko hassan ndabona nawe uvuga ivyuzi iyo alain akorana ikiganiro na scaire murikumwe vyaba vyiza gusumba
Nohura nawe nonezerwa
Kucerekeye guterekera nibaza ko kwari nko kwambaza ba sokuru naba sekuruza, nkuku abarundi baba catholique bambaza aberanda
Yarabiyereka cyane kuk yarumuntu samarenga yabayeho
Wapi kiranga ntiyabwiye abarundi kwimana igiye gushiraho yesu wap
Mbega uwo siciaire yoba yamenyehe imigenzo nkiyo yose?Mbe hoho numurundi? ava mu ntara iyihe?
Abarundi Bubu Bemera Imana Gute?
Ico noshikiriza nuko kubijanye n’amemera mana, atawe vyoruhisha mumutima kuko Imana Ihoraho n’imwe kandi mushobora vyose. Nukuvuga rero ntihagire uwokwitiranya ibintu n’ibindi, ahubwo « ng’ukuri tugezemwo abe arikwo tugenderamwo »! Icatumwe abarongozi b’idini ry’abayuda barwanya Yesu Kristo,nuko batatahuye neza ko haribindi bihe bagezemwo, kandi ko Kristo wariwo muryango wo gucamwo kugira babishikemwo.Kumbure mvuze muncamake kuko vyinshi biribonekeza ubwavyo, no kuwushaka kubibona, murakoze!
Vyukur Kirang Ntiyari Imana Ahubw Yar Intumw Yimana
Murakoze kuri izi nyigisho zingene abarundi bakera babaho imbere ya influence za Islam na Christian. Hoba hari ibitabo vyavyo canke abarundi bagikwirikiza ayamasengesho ya kiranga kuri jewe abakurambere bambwiye ko kiranga yafatwa nkintumwa yimana.
Murakoze kuri iki kiyago mwaduhaye.Murahora muduha n ibindi nk indero y abana bo hambere aho,ubugeni,iyimikwa ry umwami,umuganuro…
Kiranga yari ikigirwamana nka dagoni,bayali nibindi.ivyo nivyo bashira mugishingo c’Imana!vyumvikane ko ivyitirirwa Imana nka kiranga ntivyari mu burundi gusa!Mbe ko abemera Imana Ihoraho bizigiye kuzojanwa mw’ijuru,none abakera bahuzwa nakiranga mugishingo c’imana yabahuza ababwira ko bazoja mw’ijuru?
jewembona twosubira guseng’Imana yacu tukarekana nimanazabanyamahanga kuko zadutwayimigisha nurukundo
kiranga
ni vyiza cane
twoza turabisoma kuko nivyo dushobora gutéhura ningoga
Uwokiranga yavukiyeh?umugore wiwe yitwande? Yashitse mu burundi ryar? Mumwaka uwuhe?