Mu buzima bwa minsi yose, umukobwa atwaye inda y’indaro aramaramara akongera akamaramaza umuryango. Ubu rero, abigeme benshi baratinya gutwara inda z’indaro gusumba izindi ngorane zose bokura mu mibonano mpuzabitsina. Jean-Désiré Nduwayo aratuyagira ingaruka mbi z’uburyo bwo gutandukanya imvyaro iyo bukoreshejwe […]
Urwaruka
Umwana ni uwa bose !
Mu gihe hirya no hino kw’isi, tudasize inyuma no mu Burundi, abana bakunda guhura n’ingorane zitandukanye bivuye ku magara canke ubushobozi buke vyabo, ni ngombwa ko uwariwe wese yibaza icokorwa kugira agateka kabo kagarukirwe. Chadrack Nzeyimana aratwibutsa ko umwana ari […]
Urwaruka na politike ya Afrika y’ubuseruko
Abatari bake mu Burundi barazi ko igihugu cacu kiri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. Ariko rero, baba urwaruka canke abakuze, si benshi bazi ukwo politike y’uwo muryango itunganijwe. Jean-Désiré Nduwayo araducira ku mayange ibijanye n’ibiyago vyari vyatunganirijwe n’abanyeshure biga muri […]
Ugukundisha igihugu urwaruka
Igihe c’uburuhuko cama kirangwa n’ibikorwa bitandukanye ku banyeshure bari i muhira iwabo. Uwu mwaka, ugukundisha igihugu ku rwaruka vyaciye mu bikorwa vy’iterambere ry’amakomine agize igihugu. Chancelle Bamuhaye aratuyagira uko bamwe n’abandi bavyakiriye.
Ubuzima bw’abahejeje amashure ya kaminuza mu Burundi
Mu gihe, mu myaka iheze, twari tumenyereye ko uwuhejeje amashure ya kaminuza aca aronka akazi bidatevye, ubu sikwo bikiri. Uko imyaka ihera nikwo n’ibintu bihinduka. Muri kino gihe ayo mashure yararwiriye maze abayaheza baba benshi. Ari naco gituma benshi bibagora […]
Uburundi nipfuza
Kenshi na kenshi iyo hagize igihuza abantu, barahanahana ivyiyumviro, eka mbere bakanigishanya. Ivyo biri muri bimwe Désiré Sezikeye atuyagira ahereye ku vyiyumviro urwarukarwo muri kaminuza y’i Ngozi rufise ku « Burundi bw’ejo ».
Kwubaka birashoboka naho twoba tutagira uburyo bwinshi
Mu gihe muri ino minsi hibonekeza ukubura akazi ku rwaruka ruhejeje amashure, abatari bake biranabagirako ingaruka mbi mu bijanye n’imibano. Renovat Ndikumwenayo aravyihweza agasanga benshi mu bakiri bato badafise akazi badashobora no kwubaka izabo nk’uko abituyagira.
Uwutazi ubwenge ashima ubwiwe
Abatari bake baripfuza ibikorwa canke ubuzi bokora ngo bibesheho, ariko bikabagora kubironka. Kurabira akarorero ku bamaze kubigerageza bigakunda, ni kimwe mu vyofasha uwifuza gutera imbere. Iradukunda Laude Ersine araducira ku mayange.
Urwaruka n’ikena ry’akazi mu Burundi
Mugihe haheze iminshi Leta y’uburundi imenyesheje ko igiye guhagarika itangwa ry’akazi mu bisata bimwe bimwe vyayo, Aminadab Havyarimana we abona ko bitoca intege urwaruka mu gihe hari amahoro n’umutekano mu gihugu.