article comment count is: 10

Kwubakana n’uwo mudasangiye idini : vyogenda gute ?

Bigezweho ko, mu mashengero amwe amwe ya hano mu Burundi, abigishamana batemera kuraganisha abageni badasangiye amadini. Abahuye n’ivyo vyago baratwiganira uko vyagenze.

« Mw’ishengero iwacu, baratwihanikirije ko badashobora guhezagira ubugeni bw’umukobwa n’umuhungu badasangiye idini » ; uwo ni Thierry, umusore w’imyaka 32, yategekanya kugira ubugeni n’umukunzi wiwe Emerance muri uyu mwaka w’2019, ariko vyanse, biturutse ku kudahuza kw’amadini basengeramwo.

Uwo musore arabandanya ati : « Ubona ko amakuba adasiga ayandi, i muhira iwacu naho, abavyeyi barandahiye ngo umuhungu si we akurikira idini ry’umugore wiwe, ahubwo ngo ni umukobwa yonkurikira » ; aho ni mu gihe yariko ariyumvira ko yopfuma ahindura idini, akaja mu ry’uwo mukobwa bifuza kubakana.

« Ariko kandi, n’umukunzi wanje nawe ntibiriko biramworohera  nawe nyene ngo ntiyoza gusengera iwacu, kubera iwabo ngo batemera bimwe n’idini ry’iwacu. Baramwankiye rero » ; nk’uko uwo nyene urubanza abandanya avyigana.

Vyama vyabaye

Nadège* na Janvier* bahisemwo guhindura amashengero bari basanzwe basengeramwo, kugira bahurire muri rimwe bumvikanye. Ivyo babigize hakiri kare, kugira imiryango yabo ntize ibabere intambamyi, canke mbere n’ayo mashengero nyene.

Naho abo babigenjeje uko, hari abandi basa n’abatoye izindi nzira zitoroshe. Diane* na Théophile*, bo bumvikanye ko bobanza bakaryamana, maze umukobwa agasama imbanyi, hama ivyo bitume abavyeyi bajijuka, bakabareka bakabana, kuko na bo nyene barabankiye kugeza ubu.

Amategeko nayo

Naho abatari bake bakunze guhura na mwe n’izo ngorane, itegeko n° 1/024 ryo kuwa 28 Ndamukiza 1993, rigenga ivy’ingo n’imiryango, ntiribuza mwe n’abo basore n’inkumi kwubakana.

Mu ngingo ya 87 y’iryo tegeko, haravugwamwo ko ubugeni ari umwumvikano w’umugabo n’umugore, bihuye n’amategeko. Igihe conyene imiryango, inzego canke uwundi muntu uw’ari we wese arekurirwa kugira ico abivuzeko, ni mu gihe bano bagiye kubakana bashobora kuba hari ico bahajije mu bijanye n’amategeko ; ivyo bikaba bidondaguye neza mw’iryo tegeko, kuva ku ngingo ya 88 kubandanya.

Ni uko rero, iyo hageze ko bashinga urwabo, abahungu n’abakobwa bahura n’intambamyi zitari nke. I ruhande y’uko ubugeni bwo mu Burundi busanzwe butwara uburyo bw’amafaranga atari make, biragera mu miryango bigakomera, ubu naho hakaba hagezweho ivy’amadini adahuza ukwemera. Aho ni aho tutavuze ubwoko nabwo ; kuko nyene hari ababukorerako.

* : yahinduwe izina.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (10)

  1. kubakana mudasangiye idini ntaco bitwaye igikuru n,urukundo .Turakwiye kurengera ivyiyumviro bimwe bimwe bidutandukanya.Ama dini sayo gutanya abantu ahubwo nayo guhuza.Ayaza yankira abantu ko babana barashimanye sivyiza kuko nyimba dusangiye umuremyi turi bamwe .

    1. Burya ingorane nizimwe,naje niko bimereye,ndi umukatorike nawe ni umu pentecoste but muhira iwabo bamubwiye kwarije nkwiye guhindura nkakurikira umukobwa ariko nubu biracambangamiye kuko igiti sico gikurikira inyoni ahubwo inyoni nizo zikurikira igiti zashimye, karundura ngo ninkwano ntayo bazotora,ndabon urukundo rwacu rubangamiwe, jewe numukobwa twabuze ico dufata nico tureka, idini siryo ryubaka

  2. (facteurs Incompatibles)

    Nanj Niko Bimeze, Numu Gatolika Ndumu Pentecote. Nivyo Turakundana Kand Cane(101/100), Arik Mugih Twobana Tudasenga Hamwe Ndumva #ABANA Bojuragirika Mukwemera Kwabo.Kuko Sinumva Uko Twobigisha Gusenga. Aho Rero Tworaba Ntitwikunde Hama Ngo Twibagire Uruvyaro.
    Mugihe #Atazibana_zidakonya_amahembe ;hagize Akagorana Burya Ndumva Vyob Bigoye Guhanura. UMUTI : Nukworosha Imitima Hakagira Uhebey Uwundi Kugir Urugo Rubemwo Ukwizigirana Gukwiye

    1. uti abana umwana akwije imyaka 18 arafise uburenganzira bwokuja mwidini yipfuza uruvyaro nidini biratandukanye cane umwana namaraso yumuryango hagati ya 2 bubakanye ntaho idini ari amaraso idini woriheba ariko ntiwoheba umwana utiri igipfamutima

  3. Amahoro iyi nkuru mwanditse nanj vyarambayeho nahisemwo guca nfondera uwo duhuj imyemerere.bishoboka nanj munyandik ndabah inkuru yanj uko yagenz ubu hashits ko nzogira urubanza mu kwindwi kwuyu mwaka.kand nzokubakana nuwo dusingiy ukwemera kuko urya tutar tuyisangiy havuyemwo ibibazo murakoze.

  4. Icombona Nomvuga Kubavyeyi Babera Intambamyi Abana Babo Muvya Mariage . Nuko Bakora Amakosa Mugihe Bishimaniye . Kandi Indini Siryo Ryubaka Hubaka Urukundo ,

  5. Muvyukuri Ivyo Vyokuvuga Nago Kwubakana Mudasangiye Idini Ngo Birabatesha Intumbero Sivyo Kubera Harya Mukireshanya Wewe Umuhungu Niwe Ubukwiye Kubwira Umukobwa Ko Azogukurikira Agaheba Ahiwe Asenga Kuko Aba Yagushimye Nakare Idini Ryumugore Numugore Ntamuhungu Akwiye Gukurikir Umugore Umuhungu Numu fiance Wiwe Nimwe Muvyipangra Hakiri Kare Yase Uramuheba Kuko Harya Iyo Hagera Kuja Gusenga Umwe Agafata Inzira Yiwe Uwundi Iyiwe Sivyiza Ucumenga N Amacakubiri. Ok Muhezagigwe.