Uko tubimenyereye, umuhungu ni we yama atumbera umukobwa, agaheza akamubwira ko yamugomwe, yipfuza ko bokwubakana. Abakobwa barashobora gushima abasore, mugabo bagapfana isoni, ntibavuge. Ariko ukwo ni ukwihenda. Burya umukobwa arashobora kubivuga kandi rukaba urugo rw’iteka. Tubirabire hamwe, twisunze amatohoza yakozwe […]
Umukobwa
Inyishu ku kibazo gisangiwe na benshi: “ Uwo nkunze yoba akiri isugi ? ”
Abantu benshi bibaza ko bashobora kumenya ko umuntu akiri isugi canke atakiri yo. Ariko rero barihenda. Ivyo ni ivyo bapfa kwemera gusa. Ikintu conyene cokwemeza ko umuntu akiri isugi canke atari yo, ni ukubimubaza, akavyiyemerera we nyene.
« Nataye ishure ntahana inda bitamvuyeko », intahe y’uwahemukiwe
Kuri runo rubuga, hamaze imisi haca inkuru zivuga ku mabi afatiye ku gitsina. Amwe muri ayo mabi, aragaragaza ingene agatima k’ubuntu katakiriho mu mitima ya bamwe bamwe, aho umugabo muzima yifashisha uwo yofashije. Iyi ntahe ya Jeanne* irabigaragaza.
Ihohoterwa rishingiye ku gitsina: twese turabikora tutabizi
Iyo bavuze amabi afatiye ku gitsina, benshi twumva gufata ku nguvu n’ibindi bisa na vyo gusa. Ihibambewe! Si ivyo gusa. Hari n’ibindi vyinshi mbere dukora tutazi, bikozwe, aba ari guhohotera umukenyezi. Turabire hamwe muri make uko ishirahamwe mpuzamakungu riharanira iterambere […]