article comment count is: 5

« Nataye ishure ntahana inda bitamvuyeko », intahe y’uwahemukiwe

Kuri runo rubuga, hamaze imisi haca inkuru zivuga ku mabi afatiye ku gitsina. Amwe muri ayo mabi, aragaragaza ingene agatima k’ubuntu katakiriho mu mitima ya bamwe bamwe, aho umugabo muzima yifashisha uwo yofashije. Iyi ntahe ya Jeanne* irabigaragaza. 

Nagiye kwiga mu gisagara ca Rumonge mpejeje kubura umuvyeyi nari nsigaranye. Abo tuvukana barinize, ndaronka amafaranga y’ishure n’ayo kwikenura, eka mbere no gufungura. Aheze narababwira, bakandungikira. Bayarungikana uwo babonye hagufi wese ashobora kuyanshikiriza. Tugahana isango, akayanshikiriza. Aho niho nanduriye.

Umusi umwe, nagiye gutora utwo bandungikiye, twazanywe n’umuntu asanzwe yunguruza abantu abajana i Bujumbura. Yaratunshikirije, aca aranyunguruza, anshikana aho nari nsanzwe mbaye. Tugenda turayaga. Ambaza uko mbayeho, ndamubwira, kandi nkabona umengo arangiriye impuhwe. Yarandemesheje, mbere ansaba ko ntosubira kugora benewacu basigaye ruguru. Ku gatima nti ng’uyu umusamariya w’imbabazi turahuye.

Niko kunyemerera ko azoza aramfasha mutwo nzokenera. Tuvanye, aca ansaba akanomero ka terefone, ubucuti buba buratanguye. Nirya akara ngo ndaronse uwuzombera umuvyeyi, na rirya yari akuze; yaboneka nk’uwababa imyaka 50.

Indya nkurye!

Yama anyakura imisi yose mu gatondo, akambaza uko naraye, akanambaza ko mfise ivyo gufungura. Ntibitevye, aza aramanukanira bimwebimwe avana ruguru.  

Umusi umwe yaje kundamutsa, aca ansaba ko nokwimuka nkahava. Amafranga yo kuriha inzu anyemerera ko azoyatanga, kandi atako aranabikora. Agafi, amavuta yo kurya no kwisiga, agasabuni, agahuzu keza, … ivyo vyose naridoraguza. Mu nyuma yahavuye ampa n’umutahe wo gucuruza ibinyobwa vya Brarudi. 

…agomba kungira umugore wa kabiri

Ubuzima bwararyoshe, mbaho nguwe neza. Umusi umwe, niho yampitana turasohokana, aca ambwira ko ashaka ko ndamubera umugore. Yaranyemereye ko asanzwe yubatse, ndetse afise n’abana bakuze, ariko rero we ngo yipfuza ko ndamuvyarira abahungu, kuko ngo uwo bubakanye afise abana batanu, bose bakaba abakobwa; nk’uko womengo abakobwa si abana.  

Namwamiriye kure, ariko aca ambwira ko amafranga yamfashishije yose ari inkwano yariko aratanga. Aca arampendahenda turatahana gushika hamwe nari nsigaye mba. Ngo dushike mu nzu, ansimbirako. Narirwaniye ariko vyabaye ivy’ubusa. Yahavuye andusha inguvu, akaba karaba. Ku myaka cumi n’itandatu, ubu ndibungenze, nari ngikeneye kwiga. Ubu ndi i muhira, simbona kazoza kanje uko kazoba.

Uyu musi, nimba hibonekeza ibitigiri binini  vy’abana bata amashure mu ntara ya Rumonge, abagabo bene abo barabifisemwo uruhara. Mu mwaka w’ishure w’ 2018-2019 gusa, hafi abanyeshure ibihumbi cumi barahevye ishure mu ntara yose ya Rumonge. Muri abo, 120 bari batwajwe inda zitipfujwe nk’uko vyamenyeshejwe n’abarongoye igisata c’indero muri iyo ntara. 

Abantu bameze nk’uwo mugabo, bagira ico bokijije akaba ari co bica, bari bakwiye gushengezwa, kandi bagahanwa bimwe vy’akarorero; maze bigaha icigwa abandi. Nta bandi bo bogufata iyambere mu kubashengeza atari bene guhohoterwa. 

* : izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. pole sana , wihanganire ivyagushikiye muvukanyi , hama abantu nabo bakicizera ko twebwe abahungu hariho abagifise umutima wurukundo utagira icinyegeje inyuma ni bavyikuremwo kabisaaa, abafise umutima wurukundo wogufasha sans arriere pensee dusigaye kurushi, donc mes soeurs faitent gaffe a vous

  2. Ariko wa mukobw uratwenza, ut ivyagushikiye ntivyakuvuyeko? we war uzi k urik urary ivy uvyutazoriha, erega nta vyagusa bibaho, ko ataco mwapfana yariko aguca iki? jewe mbona ko yihemvye.

  3. 1.

    1. Jewe mbona ko n’abo bavukana n’uwo mukobwa Jeanne bapfuye gusa kurungika umwana kwiga mugisagara ca Rumonge mugabo badakurikirana uburyo abayeho (n’aho yari kuronka umugiraneza w’ukuri amufasha, BARI BAKWIYE KUMUBA HAFI BAKAMUGIRIRA INAMA INGENE YIFATA MURI IBI NA BIRIYA.
    2. Mbega ico kigabo c’ikigesera c’imyaka 50 ntikibona ko naco kitobishima mugihe abo bana baco b’abakobwa nabo boza guhendwa n’ibindi bitama vy’abarundi?
    (Voir La regle d’or, ou « Ne faites pas aux autres ce que vous ne voudriez pas qu’on vous fasse » Regledor_Acouture.pdf.)

  4. Vyoba vyiza umuntu agiye aragira amakenga muri vyose,kuk nukwemera gufashwa nuw’umuntu urazi ntandwi yohera utariyumvira impamvu ariko abigira,kwiyubara biranew igihe vose