article comment count is: 2

Kugira ubugeni utikokoye, birashoboka

Adahogoye, umwe muri twebwe aratwereka ukuntu umusi mukuru w’ubugeni woryoha kandi umuntu atarinze kwikokora. Fata akanya utege yompi.

Umusi wa gatandatu uri hano ntiwari usanzwe. Nagiye mu bugeni bw’umugenzi, amaguru adakora hasi, niteze kubona ubugeni bw’agakura. Icabituma, ni uko umwe wese yategerezwa kwizimana mu kwirihira inyobwa n’imfungurwa (kiretse abo mu miryango y’abageni n’abagenzi badasanzwe). Icantangaje, urubanza rwagenze neza cane. None aho ntikoba akarorero keza, abakiri bato bokurikiza, ubona ko amikoro yabo adashemeye, bananirwa kwirihira ivyo gusayangana ?

Gusesagura, aho vyabereye ni kera

Abakiri bato benshi bashaka gusayangana cane mu birori vy’ubugeni bwabo. Kwambara impuzu nziza cane, kugendera mu modokari nziza kurusha izindi, umurongo w’imiduga nk’uko womenga ni umukuru w’igihugu, kugirira urubanza mu kibanza gisharije kurusha ibindi, isinzi ry’abatumire, kubaho neza, inzu nziza muri karitiye idasanzwe, n’ibindi. Kubera gutinya uruvugo, abageni barirya bakimara, bashaka kwigana abandi.

Ku bwanje, ukuntu ibirori vy’imanza zitangurira canke ziherekeza ubugeni vyifashe, vyategerezwa guhinduka. Uko ibintu bimeze sindavyanse, mugabo biri uko, bituma haba abakundana badashobora kwubakana.  Ndabivuze uko kubera ko, uko imyaka igenda, ni ko ubugeni butera busaba amahera menshi kurusha.

Uko biri kwose *Eric ntiyompinyuza. Amaze amezi atatu yubatse, mugabo ubu arasemagura ijuru kubera amadeni yafashe kugira ngo asayangane mu birori vy’ubugeni. Umugore wiwe ntagira aho akora ngo ahembwe, aravuga ukuntu adashobora gusuma, kuriha inzu n’ukwitegurira umwana yimirije kuvuka mu misi mike.

Mu vy’ukuri….

Vyose biva mu mwumvikano hagati y’abakunzi. Kuvugana amafaranga mufise kugira ntimwibagire na kimwe mu bikenewe, maze muvugane ukuntu urubanza rwogenda. Hanyuma mumenye ko akamenyero kagirwa n’abantu, atari ko kabagira, muheze mutegire urubanza mukwirikije uburyo mufise. Ivyo mubihejeje, mubibwire imiryango yanyu, kandi nta na kimwe irekuriwe guhindura  ku vyo mwapfunditse.

Ntimutinye guheba bimwe canke kugirira rimwe imanza ziribiri kugira musohore amahera make. Ntimwihende, ubugeni nya bugeni butangura urubanza rwaheze, muri mwenyene mu nzu, ata batumire canke abafata amasanamu bahari. Ibihuhusi vyose bishikira urugo ni mwebwe gusa muzohangana na vyo.

« Icari kindaje ishinga kwari ukubana n’umugabo wanje n’umwana wanje. Ubugeni buba canke butaba. Umuhezagiro w’abavyeyi n’abaserukira Imana ni vyo vyari bihambaye kuri twebwe. » Iyo ni intahe ya Carly*, amaze imyaka itandatu yubatse.  

Mu 2014, ubugeni bwiwe bwatangaje benshi, kubera ko bari bafise abatumire batarenga 50. Aho rero nta birori vyo gukwa vyiriwe biraba, gusaba irembo vyari bihagije.

Ego cane. Kugira ubugeni udasesaguye birashoboka. Erega igihambaye ni ubuzima bukwirikira inyuma y’urubanza, kandi mubwitegurira hisunzwe uburyo mufise. Aho honyene ni ho muheza mukabaho mwigenga, kandi mwisanzuye.

 

* : Amazina yahinduwe

 

Turabaramukije,
Mwoshobora kudutiza iminota itarenze ibiri, mukishura kuri utu tubazo twerekeye ivy’imfashanyo mw’iterambere zihabwa Uburundi ? Ivyo mutwishura bizokingirwa, kandi bihejeje gukoreshwa bizoca bifutwa.

https://www.yaga-burundi.com/questionnaire-rapport-aide-developpement/

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)