Hari ingendo yadutse muri ino misi, abasore n’abigeme bimirije kwubakana batangura kuragana mw’ikomine kandi umuhungu ataratanga inkwano. Abasore babikora bavuga ko inkwano izoza mu nyuma, ariko kenshi na kenshi ntipfa ije ; ibiheza bigatera ingorane mu miryango, n’ubuzima bukurikira ntibube bwiza. Uyu muhagarikizi yasanze yahagarikiye umusore yagize ubugeni atarakwa, aratuyagira ayo yabonye, agacira n’agace ababikora.
Mu misi iheze, naritwenze ngo ndahagarikiye umuhungu ashinga urwiwe. Narikokoye ndagurana udufaranga abagenzi, ndaca ku biti no ku mabuye, agakoti gashasha ndanegako, ku musi w’ubugeni. Turamwirukira tumuronderera ibikenerwa vyose ku rubanza. Uburuhe nahagiriye nta bwo nari bwagire kuva nitwa jewe.
Uko umwanya wahera ni ko twabaza umuhungu. Akatubwira ko umukobwa n’umwishingizi wiwe bakiri gusokoza, ariko ubwabo banyibwiriye ko isaha zitatu bari bavuyeyo kera. Ntangura kugira amakenga, nkabona ko hari icinyegeje inyuma. Hafi isaha zitanu, nagiye numva umuntu ntazi anterefonye ambarira ko ubugeni butaba kubera ko ata nkwano yatanzwe. Icari cabaye, abavyeyi b’umukobwa bari bararahiye bararengwa, ko batamutanga adakowe. Naguye mu gahundwe, mu gihe bari bamaze amayinga abiri baraganye muri komine.
Agahomerabunwa !
Akinsaba ko ndamubera umuhagarikizi, yambwira ko gukwa babihejeje kera. Eka n’umwigeme ni ko yambwira. Mu nyuma naciye numva ko hatanzwe udufaranga dukeya, bemera ko bazokwa ku musi w’urubanza ; abavyeyi b’umukobwa baja na rwo.
Umuhungu utanka yari azi uruyeri yagize, wamengo ntaco bimubwiye. Kumbe yari afise ico yitwaje. Umukobwa yari afise inda y’agasamo, bizi be na we gusa. Aho hose yarabona ko atamucika, na rirya bari bahejeje kuragana. Abavyeyi n’incuti z’umukobwa bobo, bari bavuye ruguru ngo baje mu bugeni bw’imfura mu muryango bararahira bararengwa ko ata bugeni buba.
Ibintu vyarabaye zuguruzuguru kugeza aho, isaha umunani, ari ho incuti n’abagenzi begeranya amahera makemake bagatanga, abavyeyi b’umukobwa bagapfa kwemera. Twaciye tuja mu misa, dushavuye. Abavyeyi na bo wamengo bari ku maziko, umubabaro wari wose.
Umugeni si “impa nzoriha”
Abafyina ntibari bakwiye gufyina ku buzima bw’urugo. Umugeni si uwo gufata nk’igitungwa c’ikitazi, kigurwa uko gishatse kikagurishwa. Ni umuntu ahambaye cane. Kumutwara utamukoye kwoba ari kumusuzugura, gusuzugura abamwibarutse, tutibagiye n’abandi bamufiseko uruhara.
Vyongeye, gukwa uwo washikanye mu nzu, mubana kandi vyemewe n’amategeko, ntibigira ifatiro. Ku bisanzwe, ntibibaho. Umukobwa aseye bwose ngo azokobwa, akemera kuragana inkwano itarashika, aba asamaye.
Mu gihe inkwano itaravaho mu gihugu cacu, kiguma ari ikintu gihuza abantu kandi gifitiye akamaro ikibano. Abagikinishije rero, kirashobora gutandukanya abo cohuje, kigacanishamwo abasanganywe, ba bamwana.
Kira noneho, inkwano ipfuma iba nto ariko ikabaho. Uretse ko hari abahungu b’abanyamayeri babikora bazi ko batazoyatanga, vyonashika hakaba isanganya, ayo mahera y’inkwano akibwa canke hagashika ibindi. Muri ico gihe biragoye gusigura.
Ngo kumaziko muranyishe kbs ndasetse ndakumbagaye
Jewe nakurikiye iyi nkuru nsanga uwayanditse ashira inkwano imbere nk’uko umenga umukomba ni imabwa bayanga, udakwijije ikiguzi ntuyitware. Jewe ndabibona ukundi.
-Inkwano ni umugenzo gusa, uwakoye n’uwutakoye barangana imbere y’amategeko, kandi ntaco ivuze kuri kazoza k’urugo.
– Abashinze urugo bagigwa no kwumvikana ata buryarya, umuhungu yabuze inkwano akabimenyesha, umukobwa akaba abizi akabimenyesha umuryango wiwe, ntacobuza ko barushinga.
-Mvunire akagohe abavyeyi bagomba inkwano ihanitse batiyumviriye kazoza k’abana, n’urugo rushasha, baba bariko baba intambamyi z’urugo rushasha.
– Kenshi n’iyo nkwano iherera mu birori. Umugenzo wo gukwa kera hagenda abagabo batarenga bane. Ivyahindutse ni vyinshi.
–
Je sindabibona cokimwe namwe.muvuze ko gutwara umugeni utamukoye kuba ari ukumusuzugura? ekaaaaaa !!mbega ko umutwara amaze kuryamana nabahungu atoharura baba baramukoye?mbega uwamuciye ubusugi yaratanze inkwano?nuko twigorewee abahungu barakamvura bagaca baduterera ngo dukwee.
Shaaa nizer ko baba star bumuziki bacu bbataziger bakora iryo kosa! Nahandi ndabarindiriyeee
Jewe n’ibaza yuko gukwa vyoba mumumvikano hagati y’imiryango ibiri bakaraba amikoro y’umuhungu Aba afise kandi bakaraba urukundo ruri hagati y’umusore n’umuhungu kuko bitabaya uko n’iharya abakobwa usanga batwaye inda z’agasamo.
Commentaire *ubukene nihatari nk’ipantaro iroka! arik iyo nkuru n’agatenza pe!