article comment count is: 1

« Niko zubakwa », kugeza ryari ?

Niyonzima Odette (yahinduwe izina) ni umukenyezi yama yahohotewe n’umugabo wiwe. Maze agize aritura umuryango ngo bamutunganirize, bakamuhanura ngo ni ko zubakwa. Landry Rukundo ntashigikiye mwe n’izo mpanuro kuko ziha impigi abahohotera agateka k’umukenyezi. Afatira ku karorero ka Niyonzima.

Ni mu mico y’ikirundi, aho usanga umukenyezi mu rugo afatwa ku rugero rumwe n’umwana, mbere iyo bishitse akagira ico atumvikanako n’umunega wiwe, amakofe n’inkoni akaba ari vyo bivuga. Iyo uriko uraganira n’abakenyezi bamaze igihe kinini bubatse, abatari bake usanga bemeza ko boba bamaze gukubitwa n’umugabo wabo n’imiburiburi rimwe.

Ni ko, nta muntu atagira ikosha na rimwe, kandi ntivyobaho ko senaka na inarugo wiwe bama bahuriza kuri vyose. Na kare ahari abantu ngo hama urunturuntu. Ariko, ni kubera iki umukenyezi ashobora guhohoterwa, maze ivyo bikaboneka nkuko umengo ni amarame, ndetse n’umuryango wiwe ukabisabirako ngo « nta zibana zidakomana amahembe » ?

Niyonzima ati « n’inkoho iramaze gukoreshwa kuri jewe »

Uyu mukenyezi Niyonzima Odette wo mu ntara ya Ngozi, ikomine ya Ruhororo, amaze hafi imyaka itatu yahukanye. N’agahinda kenshi, aratwiganira amahano yaciyemwo : « tubanye nk’imyaka itatu, twari tumaze kuvyara abana babiri, niho yatangura guhinduka biteye ubwoba, amahera yose yahembwa yayasorora inzoga, ntiyitaho umuryango,ngize ngo ndamubaza  yaca atangura kunkubita. Twama turiko turasohorwa mu mazu kuko tutariha neza, nategerezwa kwitwararika gufungurira abana banje mu mahera make nahembwa, nije namenya iyo nkura amahera yo kubavuza iyo barwaye, ivyo vyose ndavyihanganira gushika naho atangura kunzanirako abandi bagore mu nzu yacu. Igihe kimwe rero, yamaze amayinga ashika kuri atatu adataha. Agize ngo agaruke, uwo musi twaraye mû ruhagarara, kuko yandurutse avuga ngo natetse imfungurwa zitaryoshe, noneho ngize ndamwishura k’ata mahera naronse yo gusuma ibiryoshe, aca asohora inkoho arandasa. Imana yarakinze arampusha, nanje ndiruka ndamusiga, gutyo mbona kurokoka, nca nsaba indaro ku babanyi. Ni ko guhera aho nahukana». 

Ni abakenyezi benshi usanga babayeho ubuzima nk’ubwo bwa Niyonzima, ariko bagize baritura imiryango yabo ngo ibafashe gutora umuti w’iyo ngorane, bakabishura ngo « urihangana ni ko zubakwa ». Kugeza ryari ?

Umukenyezi afise agateka kamwe n’umugabo

Turetse ko bompi ari magiriranire mu rugo rwabo, umukenyezi n’umugabo wiwe baba bangana imbere y’amateka n’amategeko agenga zina kiremwa muntu wese. Kuba rero hari abikika inyuma y’ivyiyumviro bishaje, maze bagahohotera umukenyezi ngo ni ko zubakwa, ivyo ntidukwiye kuguma tubisabirako.

Abakenyezi nabo bari bakwiye kwitwararika kumenya no kwisunga amateka n’amategeko akingira agateka kabo. Hanyuma, abagabo nabo bakamenya ko umukenyezi ari umuntu nk’abandi, maze bagashira imbere ukuja inama mu rugo, kuko ingimba ntaho ishikana.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)