Kuva mu mwaka w’2015, umugambi wo gushigikira itunganywa ry’inyigisho mu mashure, hamwe no guteza imbere akanovera k’ubumenyi buhabwa abigishwa warahagaze. Ndereyimana Félix aratuyagira ku kamaro k’ikigega mfashanyigisho c’uwo mugambi, hamwe n’ingaruka z’iyugara ryaco.
Ikigega mfashanyigisho ni umugambi wo gushigikira itunganywa ry’inyigisho mu mashure, hamwe no guteza imbere akanovera k’ubumenyi buhabwa abigishwa. Ico kigega cashizweho na leta y’Uburundi mu mwaka w’2005, hama kigafatwa mu mugongo n’ibihugu nk’Ubufaransa, Ububirigi, Ubuswisi n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ivy’indero Unicef.
Kuva mu mwaka w’2015, ico kigega carugawe, biturutse ku matati ya politike yadutse mu gihugu, afatiye ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu. Kuva ico gihe, inyigisho n’akanovera kazo mu mashure ntibihengeshanya gusubira inyuma. Nkaheza nkibaza aho kazoza k’igihugu cacu gahagaze, mu gihe ata ncabwenge zibushitse turiko turategura.
Akamaro k’ico kigega n’ingaruka z’ukugara kwaco
Nta murundi atakengurutse igihe ingingo yo kwigisha abana ku buntu mu mashure yafatwa. Kimwe mu vyagiye birasahiriza mu kuzibira igihengeri kivuye ku guhagarika ivyo kurihisha amahera y’ishure ku banyeshure, ni ico kigega mfashanyigisho. Kuba rero ico kigega carugaye, vyatumye haba imirimo isigaye icumbagira canke ntirangurwe. Aho novuga nk’agahembo k’abanyezamu bararira inyubakwa z’amashure, ibikoresho vyo gukurikirana uko abigisha bariko baritwara mu kazi kabo, ivya nkenerwa mu gutunganya ibibazo mu mashure nk’impapuro n’ugufotora kugira bagwize impapuro z’ibibazo, n’ibindi …
Umwe mu bayobozi b’indero mu ntara ya Cankuzo atashimye ko ntanga umwidondoro wiwe, asa n’uwemeza ko gutunganya ivy’inyigisho mu mashure ubu bisigaye ari ugufundikanya ibidafashe. Agira ati : « iki gihe dufise ingorane z’ubwoko bwinshi : imodoka y’ubuyobozi bw’indero ntibigikunda ko tuyiranguza imirimo yose kubw’ubukene bw’ibitoro vyayo, akenshi nsanga ari ngombwa ko nikora ku buryo bwanje kugira ngo bikunde ndonke ivya nkenerwa vyomfasha kurangura imirimo njejwe. Ahatari hake, ubu kugira dukore ivyegeranyo, ducungana n’aho hose hariko habera amanama kugira turabe nimba ata mpapuro basigaje mu zo baba bakoresheje, noneho tukazibasaba. Ikitavuzwe co, ni vya bindi vyo gusanga abakozi ku kivi canke za mpapuro dukoresha mu gusuzuma ibikorwa vy’abarimu, ivyo bikorwa gake cane canke ntibikorwe na mba, kuko ata buryo bubidufashamwo bukihari. »
No mu ntara y’inyigisho ya Gitega nyene, aho nsanzwe nkorera, ahatari hake mwe n’ubwo bukene butera bwibonekeza uko imisi igenda. N’uko rero usanga ubu mu gukoresha vya bibazo biheza igice c’umwaka, womengo ni twa tubazo dusanzwe twa misi yose : abanyeshure bagumizwa mu masomero yabo, bakicarana ku ntebe imwe ari nka batatu, hama ibibazo bikandikwa ku kibaho ku mvo zo kubura uburyo bwo kubigwiza kugira umunyeshure wese akore ukwiwe. Ivyo biraheza bikagora kugwanya bimwe vyo kurabiranirako mu mwanya w’ikibazo hagati y’abigana.
Amakenga ya kazoza k’igihugu
Ba sokuru bati « Uwanka agakura abaga umutavu » ; mu bihugu bikiriko birirondera mu nzira y’iterambre nk’iki cacu, imwe mu nkingi shingiro ni inyigisho mu mashure. Kanatsinda, uko igihugu kigira abanyagihugu bafise ubumenyi bushemeye, niko kiba gifise amahirwe menshi yo gutera imbere n’ingoga mu bisata vyose vy’ubuzima bwaco.
Nimba vy’ukuri imfashanyo igihugu kironka mu makungu zidashobora gusahiriza mu kuzibira igihengeri kiva kw’iyugara ry’ikigega mfashanyigisho, inzego z’igihugu mu gisata c’indero zirakwiye kwiga izindi nzira amashure yokuramwo uburyo bwo gushigikira no guteza imbere akanovera k’ivyigwa.
Ku bwanje, mbona nk’iyaba uburyo bukoreshwa mu bisata vya politike bwashirwa mu gisata c’indero, vyofasha cane igihugu muri rusangi. Nk’akarorero, intererano zisabwa kenshi n’imigambwe, iyaba zohagarikwa, mbere ubwo buryo bugahabwa ikomine kugira bushigikire igisata c’indero, yoba ari inzira nziza yo guteza imbere igihugu.