article comment count is: 14

“ “Umupoil” ntiyiruka…” : ibintu bitatu ntazibagira muri Rumuri

Ukwibuka si ukuzura akahise kabi gusa. Ahubwo, bigize ico turi, ingene twiyumvira n’ingene dukora. Uno mwanditsi aratuyagira bimwe mu vyo yibuka mu buzima yabayemwo muri kaminuza y’Uburundi. Bimwe bikamunezera, ibindi akabinegura. 

Womengo ni ejo bundi. Ndibuka tuje gutangura umwaka wa mbere muri kaminuza y’Uburundi, iyiswe Rumuri « ikigega c’ubumenyi ». Muri irya myaka, abo twahasanze, mu ntumbero yo kutumenyereza ubuzima bwo mu bigo vya kaminuza, hari imvugo n’ivyiyumviro bishasha batwigishije. 

Uyu musi nshimye kubasangiza bitatu maze imisi nibuka. 

1. “Umupoil” ntiyiruka… 

Cari iciyumviro catwigisha ku nyifato itandukanya abize muri Rumuri hamwe n’abatahahonyoje ikirenge. Hari ukuntu rero abo bambere usanga bimereye. Bamwe barabishima, abandi bakabitera ivyatsi. 

Nk’akarorero, ico ciyumviro cagira giti: “umupoil” ntiyirukanga, naho inyungu ziwe zoba zibangamiwe. Ariko, mu gihe rukambanye, arashobora kunyaruka.” Ni iyo mpamvu mwoba mwarigeze kubabona badakangwa n’uko imvura ikorotse, bamwe bakemera kunyagirwa, abandi bakaraba aho bayugama ngo: “ndaba ndagenda niyahita.” Kandi ntibayonga, ni mu mutwe gusa. 

Ariko icari gitwengeje, mu nyuma, kumbure kubera ibihe biha ibindi, iyo babonye aka “lift”, “ntibagawusinga” (kugendera ifyeri utikoroga Ndlr) nk’uko bavyirata, barakura hasi bagasiganwa. 

2. “Vyo mwebwe…”: indamukanyo

Uko ni ko aba poils baramutsa “aba puants”. Mu gihe abo bambere ari abamaze n’imiburiburi umwaka umwe muri kaminuza y’Uburundi, abo ba kabiri ni abashasha, abakihashika, ba bandi baba bimosheje igipara. 

Ni uko rero, abo ba mbere bakaramutsa abakabiri bati: “Vyo mwebwe !” Bene kuramutswa nabo bati : “Sabwe sabwa inka na fécondité (irondoka), Nyakubahwa poilissime !” Iyo nyishu rero umupuant akayitanga yunamye, agenda asubira inyuma yongera ajugumira (« courbage, gendage et jugumirage ») ; abahazi muravyibuka cane. 

Aho, baba bariko batwigisha ukwiyubaha, ukwiyubahisha, uguca bugufi n’ukwubaha abandi. Burya ivyo bintu bine biroroshe ko bijana ? Ni co gituma bamwe muri nya bapoils basa nk’aho bikarisha ; kuko nyene ivyo hamwe n’ibindi vyinshi vyarema muri bo agatima ka “Jewe ndakaze”, ndi agahambaye. 

Imvo n’imvano yo kubita “vyo”, ni uko abo bashasha baba ari ibintu bibi, bisa nabi, bivundurutse mu mitumba ya kure. Ni naho bariko barabaha indangurakintu yabo bavuga ngo ni “vyo, vyo bibi, vyo binuka, vyo vyo…”, ivya ndagutakiye vyose.

3. Ku mugwa mukuru w’abapoils

Uwo nawo ni ikigo c’iyo kaminuza kiri ku Mutanga. Hari imvo nyamukuru zatumye bahita umugwa mukuru : ni ho inzego nkurunkuru za kaminuza zikorera ; nk’ubuyobozi bukuru, abajejwe uburaro n’ugufungura n’abajejwe amatungo vya kaminuza, eka mbere n’inzu ya Posita, aho abapoils bahora baja gutorera ka gafashanyo kahavuye gahindurwa ingurane. Ibindi ni uko ari co kigo cakira abanyeshure benshi gusumba ibindi, ni ho hari inzu nkuru kandi nini basomeramwo ibitabo (Bibliothèque centrale Mouamar Khadafi), iyo bataziriye Siguvyaye.   

 Ndibuka ko muri ya migirwa yo kwakira abashasha n’ukubamenyereza ubuzima bwo mu bigo vya kaminuza y’Uburundi, harimwo umusi wahariwe kuja gutemberezwa muri ico kigo, mbere bakanatwereka ibiro izo nzego nkurunkuru zikoreramwo. 

Nibuka twinshi. Tumwe twari ngirakamaro, utundi udupfuye nabi. Ubu ndashobora kuvuga nti : aho hari kera. Kuko bimwebimwe muri ivyo bitagikorwa uko vyahoze. 

Yaga namwe ivyo mwibuka aho mwize.  

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (14)

  1. Nimurenke kuntera intimba ya Rumuri, intégration ryari ijambo ryinshiii! Kandi ingaruka yikurwa ryayo ntizobura kwigaragaza mu ndongozi za kazoza!!!

    1. Muribuka hymne des puants,hari puant giti na puante oboso,turiko tuduza i drapeau y’aba puant imbere yo kuja mwi shure.Baptême irakwiye kugaruka yaratuma umunyeshure adafyina.canke les trois « i ».🙈

  2. ko utatubwiye abavyitwaza nabo mu kubonera abandi n’ukubasuzugura tubwire niba vyarahagaze n’icatumye bihagarara .
    Turazi KO harimwo n’ihohoterwa rikomeye kuri bamwe .ahubwo nibicibwe Burundi ntaco bimariye urwaruka atari kubigisha ubugome n’urwanko .

  3. Je dis c’est une histoire mais c’était une formation mais aussi une éducation.De toutes les façons pas mal a changé et les conséquences affectent et l’institution et le pays. Ba bantu bagira ibintu abantu kubuntu….ntabakihariii

  4. Iyo migirwa ikihari haraboneka akarusho mu nyifato z’abanyeshure ba Kaminuza #Rumuri. Ivyo birakwiye kugaruka yamara ngira ntivyoba bigikunda. Abavyakira ukundi n’abo ni ivyabo na Yezu ntivyakunze na Bose. Niharambe poillissime.