article comment count is: 1

Amashure yigisha mu congereza mu Burundi : igwirirana ryayo ryotera amakenga?

Ururimi rw’ inyigisho mu Burundi rusanzwe ari igifaransa. Ariko turabona amashure yigisha mu congereza aguma avuka. Bamwe mu bavyeyi, abigisha b’igifaransa n’amashirahamwe atandukanye bakabona ko atari bibi mu gihe Uburundi buri mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko. Ariko rero hari abandi babibonamwo amakenga. 

Danella Irishura* ni umwigeme w’imyaka 14 yahora yiga kw’ishure Notre Dame rya Rohero mu wa 1 PFSC (1ère post fondamental sciences). Arakunda gusoma ibitabo biri mu gifaransa, eka n’amareresi akunda kuraba ari muri urwo rurimi nyene. Uriel* na we ni umuhungu afise imyaka 12 yiga kuri MIA (Millenieum International Academy) riri mu gisagara ca Bujumbura, yiga mu rurimi rw’icongereza. Uwo arasumvya icongereza Danella kure n’iyo, kandi ni we abonwa nk’uwufise amahirwe menshi mu buzima.

Umuvyeyi umwe twayaze agira ati : « Ndavye ukuntu Abarundi bamwebamwe bagira ingorane z’ukwumva n’ugutahura ibintu vyanditse mu congereza iyo bagiye mu nama zigirwa mu congereza, mbona ko ayo mashure ahubwo akenewe cane. Ariko rero n’igifaransa nticoca gihebwa kuko mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko caba igifaransa caba icongereza n’indimi zibiri zose zikoreshwa. »

Akatari nk’akandi ntikama ari ishano

Ku bw’umwe mu bigisha bo mw’ishure Nderabigisha ENS yigisha igifaransa, igwirirana ry’amashure yigisha mu congereza si ribi namba. Muri iki gihe, ubwo butandukane ni ngirakamaro ku muntu wese ariko ariga, ntibimugora iyo yize muri kaminuza zo hanze zigisha mu congereza. Hari n’ibitabo usanga biri mu congereza. Utacize rero kuva uri muto hari aho bikugora gutahura ibirimwo. 

Umwigisha w’igifaransa n’igiswahili kuri Lycée Kayanza arabishimangira ko bikenewe cane, kuko vyotuma urwo rurimi abanyeshure barumenya narirya turi mukarere ka Afrika y’Ubuseruko. Ku bwiwe, umunyeshure aca abandanya bitamugoye no mu bindi bihugu, mbere no kurondera akazi bikamworohera. 

Nawe Jean Samandari amwunganira afatiye ku bana biwe bagize amakuba bagiye kwiga aho biga mu congereza. Bize mu gifaransa ng’aha mu Burundi kugeza baheze amashure yisumbuye. Mu nyuma baja kubandaniriza muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Bashitseyo ntiborohewe na gato mu vyigwa vyabo. Uwo asanzwe arongoye ishirahamwe Bafashebige ati: « Ubu turi muri EAC. Inama ziri mu congereza. Ko n’amashure yigisha mu congereza agwira nta kibazo na kimwe  kirimwo ». 

Ariko…

« Aya mashure yigisha mu congereza arafise akamaro ndetse akagira n’ico yica. Ingaruka nziza mbona ni uko icongereza ari rwo rurimi ruriko rukoreshwa kw’isi yose kurusha izindi ndimi. Ikindi, Uburundi buri mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko aho ururimi rw’icongereza ari ngirakamaro cane. Nka twebwe turongoye sendika z’abigisha mu karere ka EAC, iyo tugize inama tubwirizwa kuyigira mu congereza. Naho igihugu ca Kongo iharanira demokarasi kiriko kirazamwo, igifaransa kiza nk’ururimi rugira kabiri. Abana bariko biga mu congereza baca bagira amahirwe yo kuronka akazi. » Ivyo bivugwa na Rémy Nsengiyumva arongoye urunani rw’abigisha STEB. 

Ariko rero aragwa akagaruka, akabonamwo agahaze. Agira ati : « Mu bisanzwe uko twari tubizi, amashure y’abikorera utwabo ururimi rwose akoresha ategerezwa kwisunga  integuro y’igihugu. Ibibazo vya Reta bikaba bimwe kugira bashobore kubagereranya n’abandi bana b’igihugu ». Akabona ko abo bize mu congereza bashobora kuba bahabwa amahirwe bakanoroherezwa kurusha abize mu gifaransa. 

Ayandi makenga ashikirizwa n’uwo arongoye STEB ni ngene ayo mashure ashirwaho : ico bafatirako, abayashiraho, n’intunganyo yisunga. Ku bwiwe, itunganywa ry’inyigisho ryategerezwa kuba rimwe kuri bose kugira abana b’igihugu bige kumwe, babazwe kumwe ntihabeho umwana n’ikinono.

* : izina ry’iritazirano

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Ururimi rw’icongereza ni nkenegwa,Igisata b’Uburezi bwokwitaho kwongereza amasaha yo kwiga urwo rurimi Kuko Ataho rudakoreshwa kw’isi.Hanyuma ndibaza abavyeyi bajana abana babo muri ayo mashure y’icongereza Baba bafise plan yo kuzobaronderera kubandaniriza hanze y’igihugu,si ibintu vy’amahirwe.Narirya tuzi KO ururimi rw’igifaransa rugoye kurusha icongereza ,rukaba ari rukoreshwa mu mihingo myinshi y’akazi cank kaminuza,abahereza muri ayo mashure ntibiborohera Kubandaniriza muri système zihari Hano mu Burundi.
    Iciyumviro KO le système Anglophone et francophone bokwiga bimwe ni co gushigikira cane.Babaze KIGUTU International Academy ingene ibikora..