Ukwezi kwa Kigarama twaraye turangije kwaranzwe n’itangwa ry’impapuro z’umutsindo ku mashure yisumbuye amwe amwe. Naho abantu baba banezerwe cane igihe co gutora urwo rupapuro, hari akantu kagihaze. Urwo rupapuro, ku wugize Imana mbi rukamutakarana, kuronka uko arusubiriza ni amananiza. Gasupari vyaramushikiye, aradushingira intahe.
Hari mu ci ryo mu 2018, igihe naronka urwo rupapuro rw’umutsindo. Nkirwakira mu minwe, naciye nibagira imiruho naruhiye ku ntebe y’ishure. Eka mbere, narubonyemwo na kazoza keza, kuko rwampa uruhusha rwo kuzobandanya kaminuza, rukanyugururira n’amarembo yo kuronka akazi keza cane, k’uwize nyene.
Ariko, uwo munezero wamaze akanya urume rumara. Imvura yabaye igitasuye, imyuzure itera aho naba mu Buterere, ihitana utwanje twose idasize inyuma na rwa rupapuro rw’umutsindo. Ivyo kurondera akazi canke kwiyandikisha muri kaminuza biba bibaye umugani kuko urwo rupapuro ari karahara mu ruganda ntibacura. Ni ho rero nigira inama yo kurondera urundi.
Inzira y’umusaraba
Nahereye kw’ishure nari nararuronkeyeko. Barundi ntaco bamfashije atari ukumpa urupapuro rwemeza ko naciye kw’iryo shure, maze bandungika kubariza mu bushikiranganji bw’indero. Nkihashika nkavuga ikingenza, uwanyakiriye yambwiye ko bene izo mpapuro zitangwa rimwe risa. Agize ngo arabe ico amfasha, yansavye icemeza ko urwo rupapuro rwatakaye, nanje mbura ico nishura. Ni ho yansigurira ko iyo bishitse urupapuro rw’umutsindo rugatakara, uhita witura ibiro vy’inyamiramabi kugira baguhe urupapuro rwemeza ko warutakaje. Nca ndumva ko ibintu bigira binkomerane.
Yongeyeko ati: “Erega izo mpapuro nta buhinga bwa none tuzibikamwo ngaha mu bushikiranganji kugira ndagusohorere urundi. Eka n’iyo twokuzuriza rushasha, ntivyokunda ko turonka imikono y’abakwigishije bose kubera hari aho usanga barapfuye canke barimutse”. Baciye bampa ico bita “attestation de possession du diplôme”, urupapuro rwemeza ko naronse urupapuro rw’umutsindo, ari yo n’ubu nkorerako kuko gushika n’ubu nta rundi rupapuro rw’umutsindo nasubiriye kuronka.
Ibuye riserutse…
Iyo ngorane y’uko vyoshika urwo rupapuro rugatakara, hari ababibonye kare. Muri 2015, ishirahamwe “Digital Africa” ni ho ryagirana amasezerano n’ubushikiranganji bw’indero kugira baze barabika impapuro z’imitsindo ku buhinga bwa none. Muri iryo shirahamwe, abitabiriye uyo mugambi ngo ni imparurwa. Si ku ruhande rw’ubushikiranganji, eka mbere na bene izo mpapuro, bose bigize ba sindabibazwa.
Ariko, burya urupapuro rw’umutsindo, uravye umwanya, uburyo n’inguvu umuntu akoresha kugira arushikire, ntitwari dukwiye kurwanjanjwako. Ubushikiranganji bw’indero bwategerezwa gufata iya mbere, nkako biri mu mu vyo bujejwe. Bwojana n’ibihe mu kubika izo mpapuro ku buhinga bwa none. Nakare, vyonarwanya impapuro z’imitsindo za magendo.
Ku banyeshure na ho, bakironka urwo rupapuro, bakwiye kwihutira ubwa mbere kurufyatuza, hama bagacisha izo bafyatuje mu bushikiranganji kugira bazishireko ikimangu kugira basigarane impapuro z’umutsindo zigwije. Ubwa kabiri bokwegera ayo mashirahamwe akorana n’ubushikiranganji bakazibabikira neza ku buhinga bwa none kugira ntibazohave basigara baricuza nka Gasupari ngo “iyo menya”.
Nukuraba bagatanga diplôme sécurisé
Mwaramutse.ntaburyo umuntu yo scanna diplôme yiwe akayibika Kuri flash?naho numva vyofasha kuyibibika.