Haraheze imyaka ishika kuri ine ihiganwa ry’ukwandika ryitiriwe Rumuri rivutse. Iryo higanwa ryugururiwe abanyeshure bose bo muri za kaminuza aha mu Burundi ngo riratera iteka abaryitabira bose nk’uko tubiyagirwa na Aminadab Havyarimana inyuma y’ikiganiro yagiranye na bamwe mu bagiye bararonka udushimwe dutandukanye muri iryo higanwa.
Ihiganwa ry’ukwandika Rumuri ryatanguye mu mwaka w’2014 muri Kaminuza y’Uburundi. Guhera ico gihe, uko umwaka utashe abanyeshure bo muri za kaminuza barahiganwa mu kwandika udukuru dushasha maze ababaye aba mbere bakaronswa udushimwe.
Abanyeshure bashika kw’icumi na bane baramaze kuronswa utuganuke kubera banditse neza kurusha abandi. Utwo tuganuke natwo tukaba tugizwe n’amabahasha ava ku bihumbi mirongo itanu kugera ku bihumbi amajana atanu.
Ariko rero, igikuru kimaze kwibonekeza mu kwitabira iryo higanwa si utwo tuganuke gusa ; kuko abarushije abandi ribugururira n’iyindi miryango mu buzima bwa kazoza.
Ukwo bamwe mu bitabiriye iryo higanwa baribona
Abanyeshure batari bake baramaze guhiganwa muri Rumuri kandi barabishima cane. Umwigeme Inès Ornella Ngabire niwe yaronse agashimwe ka mbere mw’ihiganwa ry’ukwandika Rumuri mu mwaka w’2017. Uwo rero arashima cane iryo higanwa kuko ngo ryamufashije kubona ico ashoboye eka mbere rinatuma aronka akazi asanzwe akora ubu. Avuga ati : « ihiganwa ry’ukwandika Rumuri ni igitangaza ! Riragufasha kwirengera maze ukabona ivyo ushoboye ukoresheje ivyiyumviro vyawe. Kuba ata rubuga abanditsi bakiri bato bashobora kwimenyererezamwo biratuma bamwe bamwe muri twebwe batitabira amahiganwa y’ukwandika, gutyo bigatuma badateza imbere ingabirano bafise. Iri higanwa ryaramfashije kumenya ico nshoboye kandi vyahinduye vyinshi mu buzima bwanje. Naranashoboye kuronka akazi bivanye n’uko nitabiriye iri higanwa kandi ngatsindira agashimwe. Umukoresha wanje yamenye kubera ihiganwa Rumuri. Nohamagarira abakiri bato ko bogerageza kwipima muri iri higanwa kuko tutaba tuzi iyo amahirwe aturuka maze bigahindura ubuzima bwacu ».
Nayo Jean-Claude Gihete yatsindiye agashimwe ka mbere mu mwaka w’2014, abona ko iryo higanwa ryaje hageze kugira rikaburire abanyeshure bo mu makaminuza atandukanye impano zabo mu bijanye no guserura ivyiyumviro n’ubuhinga biciye mu nyandiko. Uwo rero arabandanya avuga ibijanye n’akamaro k’iryo higanwa : « Kwitabira iryo higanwa biratuma umuntu agira intege z’ukubandanya yandika igihe aronse aho yerekanira ivyanditswe vyiwe. Ku bwanje iri higanwa ryaramfashije kubona ko bwabundi mfise impano yo kwandika mfatiye ku kuntu abahinga mu vy’ukwandika bashimye ivyo nari nanditse. Vyarampaye ukwigirira icizere hama bintuma nzobandanya nandika kuko ntawumenya ikimutunga iyo kizanana ! »
Apollinaire Nkurunziza ni we yaronse agashimwe ka kabiri mu mwaka w’2014. Nawe nyene arerekana akanyamuneza yagize ahejeje kuronswa akaganuke kiwe : « Jewe iri higanwa ndarishima cane kuko, ubwa mbere, ryaratumye nigirira icizere, ko nshoboye kwandika kandi kera narisuzugura. Ubwa kabiri, iri higanwa ryatumye menyana n’abantu batandukanye b’abanditsi ba hano mu Burundi hama kandi ryatumye ntasubira gutinya amahiganwa. Mu majambo make ryaranyubahuye ».
Tukibuka ko ikindi gice c’iryo higanwa kiriko kiratunganywa, aho kigeze ku ntambwe yo gucagucagura inkuru zanditswe neza gusumba izindi. Iyo ntambwe izorangira kuwa 28 Gitugutu 2018, maze abanditse inkuru ziryohoye kurusha abandi bazoronswe ududhimwe kuwa 8 Kigarama 2018, nk’uko abajejwe gutunganya ihiganwa babitegekanya.
Soma kandi : Ukwandika neza biratanga akazi