article comment count is: 2

Abakurambere ni “karahara mu ruganda ntibacura”

Iruhande y’ugukingira ibidukikije, ukugwiza umwimbu n’uguteza imbere igisata c’imibano, akaranga n’imico kama ni inkingi ntasubirizwa mw’iterambere ry’igihugu. Kubwa Egide Nikiza, « ico gisata ntigishobora gutera imbere inararibonye zidahawe ikibanza kizikwiriye ». Arabisigura.

Ba sokuru bati: “agashitsi ka kera kavumbika umuriro”. Naho nyene uburongozi bw’igihugu ata kibanza kinini babaha, inararibonye zifise agaciro ntasubirizwa mw’iterambere ry’igihugu. Ntitwirigwe turaja kure. Padiri Diriyano Ntabona, yahoze ari mwigisha muri kaminuza y’Uburundi, akaba n’umwungere katolika wa paruwasi Mutima w’ubwitonzi iri ku Mutanga i Bujumbura, amaze igihe yuguruye ikigo “Bwenge nyabwo” cigisha ivy’imico n’akaranga buri gitondo c’imisi yose ya gatandatu. Aho, urwaruka rutandukanye rwama ruzindukira mw’ico kigo, noneho rukahigira ibitari bike. Gutyo ruraheza rukahakura ugukunda imico n’akaranga vy’iwacu, ari yo ntango y’umutima wo gukunda igihugu ku murundi wese.

Umushinge w’iterambere

Nk’uko bimaze kugaragara mu bihugu biteye imbere, imico n’akaranga kavyo usanga bifise ikibanza gikomeye mu nyigisho zihabwa urwaruka, inararibonye nazo bakama baziyegereza, kugira na ntaryo bamenye ivyamye biranga igihugu cabo kuva na kera. Na kare ngo “agakuru mu twatsi ni urukwi”.

Ku rundi ruhande, ishirahamwe mpuzamakungu Unesco ryitaho ivy’inyigisho, akaranga n’imico ryemeza ko “imicokama n’akaranga bigize inkingi igira kane mw’iterambere ry’igihugu kanaka”. Noneho ivyo bikarushiriza kwerekana uruhara rw’inararibonye mw’iterambere, kuko na none ari bo bazi neza ivy’akahise k’igihugu, imico n’imigenzo yaco.

Impinga iracari ndende

Ariko aho ibintu bigeze, imico n’akaranga vyigishwa urwaruka rw’Uburundi usanga bituruka ku mboneshakure n’imbuga ngurukanabumenyi. None ga yemwe abana batarezwe mu muco w’ikirundi twobasaba gukunda Uburundi gute?

Ubushikiranganji bujejwe ivy’imicokama rero burakwiye kwikubita agashi, maze bugashinga indinganizo zotuma abari mu zabukuru batanga ubumenyi bafise ku mico n’akaranga ndundi. Abakiri bato bohigira vyinshi, mbere igihugu kigatezwa imbere n’abagikunda.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)