article comment count is: 61

Ubusugi n’itunga rigoye kubungabunga !

Mu Burundi bw’aho hambere, umuntu yategerezwa kwihanganira kurangura amabanga y’abubatse gushika yubatse urwiwe. Abakobwa bategerezwa kugumya ubusugi bwabo gushika bagiye kwubaka. Kwihangana ukagumya ubusugi cari icemeza indero ibushitse. Bella Nininahazwe aratuyagira ivyo yaganiriye na bamwe mu bagenzi biwe kuri iyo nyifato.

Umukobwa yatakaza ubusugi bwiwe imbere yo kuja kurongorwa yaramaramara kandi akamaramaza n’umuryango wiwe wose. Iyo nkuru mbi yamenyeshwa umuryango w’igitamba mu kuwurungikira umukenke uciye epfo na ruguru. Ico cari ikimenyetso c’uko umuryango utahaye indero nziza umukobwa wabo. Muri ino minsi, ivyerekeye ubusugi vyibazwako vyinshi. Bamwe babona ko iyo nyifato ari iyo guhimiriza, abandi nabo bakabona ko ari umuco wataye igihe. Canke n’uburyo bwo gucinyiza umugore kuko kugumya ubusugi atari itegeko ku bagabo.

Abantu ntibabibona kumwe

Alida (izina ryiwe ryahinduwe) n’umugore w’imyaka mirongo itatu. Aratuyagira ivyo yabayemwo : « Nagiye kwubaka mfise imyaka mirongo ibiri n’umunani. Nari mpejeje igice ca mbere c’amshure yanje ya kaminuza. Twe n’umucance wanje, ntitwari bwigere tuganira ku bijanye n’imibonano mpuzabitsina ariko nari nkiri isugi. Kandi sinari navyifashemwo ukwo kugira nezereze umugabo wanje. Ahubwo vyatumwe n’ukwo nari mfise ubwoba bwo gutwara inda y’indaro. Ivyo vyaratangaje vyongera birahimbara cane umugabo wanje. Eka na jewe nyene vyarampimbaye mbonye akamaro k’ivyo nahora mfata nk’ibintu bisanzwe ». Alida yongeyeko atwengatwenga ati: «Umugabo wanje aranyubaha kandi akampa agateka maze akanyizera. Nasanze hari itunga nari mfise ntabizi».

Hari uwundi mugenzi yanshingiye intahe itandukanye n’iya Alida : « Jewe nagiye kwubaka mfise imyaka mirongo ibiri n’itanu kandi sinari nkiri isugi. Mu ntango, nari mfise isoni naguma nibaza ukwo umugabo wanje azovyakira. Wamenga nosivya umunsi w’ubukwe, numva mfise isoni kandi nkicuza. Ivyo vyose navyiyumvira gutyo kuko masenge yari yambajije ico kibazo igihe nariko nditegurira ubugeni kandi vyarankozeko. Nagize amahirwe, umugabo wanje ntagaciro kanini yabihaye. Ku bwanje, abakiri amasugi bobungabunga iryo tunga ariko kandi abo vyashikiye ntibokwihebura. Abagabo barabitahura cane. Ariko rero abavyeyi bari bakwiye kwitwararika ubusugi bw’abana babo kuko ni impano nziza ku mugabo ».  

Uwundi mugenzi w’umuhungu nabajije ntiyemera ko hakiriho abakobwa b’amasugi. Yambwiye yitwengera ati : « Kiretse tugiye kurondera uruyoya rukivuka mu bitaro ! » Hanyuma yongerako ati : « Kurongora umukobwa akiri isugi bizombera umunezero n’iteka bidasanzwe ariko sinobikorerako cane, nzorongora uwo nkunda ».

Haragera igihe nkibaza niba ubusugi bukwiye gufatwa nk’ikimenyetso c’indero nziza. Bwoba vy’ukuri ari ikimenyetso c’ubuzima bw’ubwerentegerwa ?

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (61)

  1. Ubwenentegerwa twofata yuko arikimenyetso c’umukobwa yihanganye.muribi bihe vyanone turavye umurindi ivyukurangura amabanga yabubatse bigezeko, icizere cukuzoronka isugi nigike cane,ahubwo umuntu azotangara asanze azanye uwukir’isugi.

    1. Erega abahungu twese ntitumeze cokimwe, wewe nyimba uguma uryamana nabo muhuye bose atanumwe utwara ngo abe umufasha wawe, urumvako ako kageso atarikeza ukwiye kwikebuka, kuko hariho abahungu ivyo batabigira, abo rero ntucubashira mugwego rumwe nawewe.

  2. Urose Umukobwa Akirisugi Ni Sawa. Ariko Utamurose Wobitahura Kuko Nitwe Tubonona Hama Bwacakanya Ukumva Ngo Nshaka Isugi. Ubu Dukwiye Kworosha Umutwe Tukubakana Nuwo Dukunda Ukwari Kwose.

  3. Nukuri twihweje mu biraba indero rupfasoni, ubusugi nikintugikomeye cane kuko twebwe abahungu iyo umukobwa utamusanganye ubusugi,biragora nukumwizera murugo.
    -Ikintu co kwambara imini jupe nintambamyi ikomeye cane ituma habaho umurindi wo gutakaza ubusugi.
    -harakwiye guhimirizwa indero rupfasoni ikagaruka
    -umukobwa wese akagira umwitwarariko wo kubungabunga ubusugi.

  4. Ubwerentegerwa ntibubabaho. Iryo jambo uherejeko ryazanywe n’abapadiri bashaka kutwereka ko abihebeye Imana muri Ekleziya Gatorika cane cane ababikira, ko boba afise ubwo bwere ntegerwa. Ariko ivyo twabiheye Imana gusa, nta mwera ntegegwa aba musi y’ijuru. Na bo nyene si beranda nkuko nabo bavyivugira.

    Tugarutse ku kibazo c’ubusugi, abantu bavuga ko ivyo ar’ivya kera ko vyataye igihe, n’abakozi ba Shetani, ni za mfyisi mu ruhongore. Bisa n’uko baba bavuga bati, tureke twicumurire, kuko twiyemeje kwimika Shitani i Burundi.

    Kuvuga ngo nta tegeko ririho ku bagabo ryo kugumya ubusugi, sivyo n’ukwibesha. Itegeko rirahari ndetse ryatanzwe n’Imana ngo » Ntugasambane. Iri tegeko ntirivuga ko Imana yaryanditse kubera abakobwa canke abahungu: ryerekeye ikiremwa muntu. No muri Leta, ritegerezwa kuba rihari, kuko jewe sinzi ivy’amategeko. Ariko vyontangaza nsanze mu gihugu cacu, umuhungu yononye umukobwa ata tegeko riri mu gitabo mpana vyaha rimufata. Nyabuna abazi amategeko nimumfasahe! Ariko ko wumva atategeko ririho ku bahungu, burya umuvyeyi amenye ko ari wewe muhungu umumeneshereza ibanga umwana, burya bokujana imbere y’abagabo, ukubahuka kuvuga ngo nta tegeko warenze? Bibiliya iti » Birakwiye ko twese tworenguka imbere y’Intebe y’amategeko y’Imana kugira ngo umwe wese aronke ingero yiwe ku vyo yakoze akiri mu mubiri ari bibi canke vyiza (2Abanyakorenti 5: 10). Burya abahungu bazobwira Kristu imbere y’iyo Ntebe ngo ivyo n’ivy’abigeme twe nta tegeko twarenze? Nabo ni baje ngaho bishime icara, ngo ntibatakaza ubusugi. Umusore atarakora imibonano mpuzabitsina n’uwayikoze, imibiri yabo ntimeze kumwe. Nabo barabutakaza.

    Burya imaraya mbi ziri mu bahungu, kuko « bameze nk’intambwe zigendagenda mu bakobwa ngo zibone uwo zorotsa ». Baragaba, uwutazofatwa n’abantu, azofatwa n’Imana. Murakoze.

  5. umukobwa ata ubusugi umuhungu agata ubu manzi rero urumuhungu ukazana umukobwa atarisugi kandi nawe uzi ko wabikoz ntaco vyagu3ra uravyakira mbere neza? je nanje ntasugi shaka ziragoye kurongora

    1. jewe kera ngifise mu ma 16 – 17ans numva bahayagiza sex -igituba. turi muri gym mu ma internats, ibiyago vyinshi mu ba adolescents wasanga arivyo bayaga gusa. munyuma narabipimye par curiosity ariko nasasanze ari ibisanzwe. si navyibushe ngo Nuko mbigize gusa nasigaranye amakenga ngo mbe nkubu noba nanduye umugera- umukobwa nawe yibaza ngo-nkubu noba nsamye inda. benshi nasanze babigira par curiosite- hari n utwana usanga twenda utundi par curiosite.

  6. Mubisazwe muburundi turafise amasugi make nayo nyene tuyasanga mubantu batize.Kuko ntamunyeshure ashobora gucika isugi.Kuko abakera baba amasugi kubera atamashure meshi yari ahari ahubwo leta nirabe ikureho uduhuzu tugufitugufi kuko natwo turatuma umuntu akora ivyo atipfuza kuko hari umukobwa umubwa ubona ukaca wumva ushatse gusambana cane cane indero mubanyeshure

  7. Nukuri, abigeme bogerageza kugwana nico caha cogutakaza ubusugi!!! Kuko ubutakaje uba utakaje50%vyurugo rwiza!!! Akanya kose umugabo wawe akuravye abonako yatwaye imaraya, watwawe nuwukiri isugu ho ni ibindi !!! ntacizero agira umugore wiwe arikumwe n’abandi bagabo! Umugabo aguma yiyumvira umunezero yari kugira iyo atwara isugi. Burya umuhungu asambana ahanini bivuye ku mwigeme amuhaye ibiyago vyahantu hinyegeje, abatembera bambaye ubusa, bigatuma babipfiza kandi batabakunze,!! Nakare iyakariye ntigata.

  8. Ndifuza gusa kubonana nawe Bella NININAHAZWE.I use to deeply get touched by such stories ,especially when i think back to our now generation.Thank you indeed for this wise story.All the best.

  9. Les jeunes se conduisent généralement comme si les précieuses heures de grâce durant lesquelles la miséricorde divine se prolonge étaient semblables à des grandes vacances et comme s’ils étaient dans ce monde pour leur propre plaisir ou pour bénéficier d’une succession continuelle de divertissements.

    1. Murakoze cishahayo ku ntererano yanyu,ariko murico gihe mbona umengo ntibiba bikiraba umukobwa gusa,numuhungu yokwihangana gutyo nawe ntazoje aragira comparaison nabandi bakobwa bahuye imbere.

  10. ubu ntibigikund ko usanga bagumy bitwara neza kuk abenshi biberey mu rudandazwa abandi nabo niyo ugiz ngo mukundana utazan sujet yerekey kuryaman umenga umuhungu ntakomey birtyo bigatum kuba hob hakibonek abihangany bigoy kwitega gsa ndumva uwokigir intumbero yiwe kwigumy narirya ari icaha gusambana vyob itek kuriw iyo azoj hose kd bizonezer umugab wiw bityo aze abonek ari agatek kuriwe

  11. Ahubwo Twari Twamye Tubiganira Nabajama .Mubisanzwe Benshi Ntagaciro Babiha. Arko Haracariri Bake Nka Jwe Ndi Baza Nkubu Hariho Ijombo Ririko Riragenda Bukbke « umucance » Ryari Ijambo Rikomeye Kububakanye Arko Rero Kubera Ubu Bagenda Kubaka Baraciwe Ubusugi Ntibubahuka Kurikoresha Nkumugore Ntiyovuga Ngumucance Wanje Kandi Azi Neza Ko Atari We Yamuciye Ince.Uwo Mugenzo Ntuwarukwiye Gusibangana Ahubwo Warukwiye Gukomezwa . Vyari Bikwiye Ko Abavyeyi Bokwita Kundero Yabana Babo Kugeza Bubake

  12. vraiment ugiye kubiraba isi itera yononekaracane kuburyo urwaruka rwubu rwahaye agaciro kadasanzwe ubusambanyi.Ego amasugi arahari ariko ntiwohuta urayabona bivanye nuko abakobwa bubu batwara inda bafise imyaka 12 nabahungu bakitwa base wabana bafise imyaka nkiyo rero uwuzosanga umgore wiwe atarisugi azahite amwihanganira kuko hubaka umuntu atari ubusugi bwubaka.

    1. Kugumya ubusugi ni vyiza gushika wubatse urwawe.Gusa igitangaje nuko umengo ntibigishoboka.80% babahungu twayaze bavuga KO abakobwa baryamanye nabo basanze barataye ubusugi.aho umuntu aca yibaza nti none babikorerwa n’a bande ?

    2. Ubusugi nikimenuetso kigaragara civyaranze uwo mwubakanye mumyaka mutari bwamenyane..bituma umugirira icizere (confiance)mubizokurikira..n1 wewe ukirinda kumubabaza…kumvo iyi canke iriya…vyiza ubusambanye..ukurenga ibigo..nibindi naho vyokora bose hazokwama hariho intungane..ndabwiye courage les filles bagifise ubwo bisugi

  13. Ikintu Imana yabujije, iba yakibujije hari igituma.Umuhungu numukobwa baba bakwiye kubaka urugo bose bakiri amasugi, atanumwe barahuza igitsina, kuko guhuza igitsina nabantu benshi bikwega imivumo.
    Nico gituma Imana mumabwirizwa yahaye abantu kugira tubeho neza, harimwo rimwe rivuga riti NTUGASAMBANE

  14. Dusanzwe tuziko « Indero itagira iherezo »,ikibazo kuhari nonaha,nuko abavyeyi bahevye kuganiriza abana babo babigeme NGO  » Uwo nukumureka ntaco azovamwo » aho kumuba hafi, ikindi cishe urwaruka rwakino gihe ni « ubuhinga bwanone », Aya ma telefone Aragisibije,iyo umwigeme Atari resppnsable,arwa mumutego,
    Ikindi ni  » Ukuba urwaruka rwinshi rudafis icogukora »(rro mugih udafis icogukora,ibiguhamagara biba vyinshi,kdi ivyitanganiza ni bibi.
    So,bigeme,menya neza kimwe mubutunzi mufise ndets nikizokwubahisha murugo rwawe « Ubusugi bufata inumero yambere » kandi mwige kuvuga oya,mukunde ariko ntimube imbohe zurukundo,ntamuhungu azoguheba ngonuko mutaryamanye kuko ikizoba carabahuje nimbarico umenyeko Atari urukundo.ari ikindi kintu,murakoze

  15. Mana najew ndonse uwukir isugi nomukunda cneeeee muga ndonse uwutar isugi 6nshobora kumwizera n’Umunsi 1 kdi numva atamahoro twogir murugo kk niyoba arumugore wanj gsa

  16. Abigeme Bo Nyene Nibo Bokumenya Ukuntu Babungabunga Ubusugi Bwabo Guko Nagateka Kurongorwa Witwa Isugi Biranezera Umucance Guko Niho Aba akwiranye Niryo Zina.

  17. Kuj kurongorw ukirisugi nitek kur wew nimbere yumugbo waw kuk vyerekanak witway nez mubut bwaw.abavugak gut ubusug ar ibsanzw sibisanzwe nagat kuk vyerekan ingeso wciyemw mbi can umugab naw abitahurak ari ibisanzwe nawen ivyo aba yarakoze ab atari vyiza nic gituma aca abitahura.kuk ntakint conezera kuruta kumugor kub umugab asanze azany isugi nic cambere kinezerej

  18. ubusugi ni kimwe mubintu bishobora kuranga umukobwa yigenjej neza mukwimana igihimba ciwe mugih atari bwabirwe nyezina bituma umucance agiririra ukwizera uwiwe, bâ kobwa zigama iryo banga kuko hariho nabarita kubuntu bakibagira ko uwukugize rimwe ko agenda yamuye.

  19. Jewe ndibaza ko tutobihagararako cane kuko de mon cote uwo nzoronka wese ndamukunda kandi dukomeye ndibaza ko atangorane nini vyontera kuko nokurongora unukobwa akiri isugi sicoroshe, le fait que ata na valeur banabiha murono minsi ntavyizere umuntu vyokuronka isugi.

  20. kundya umukobwa aha agaciro umuhungu afise imodoka akabona ko hari ikintu cakamaro afise niko umukombwa akwiye kubona ko nawe afise ubusugi coba ari ikintu cakamaro yabubatiye nagacire kadasanzwe kumukobwa,kuko umuntu yokwirata yokwirata kukintu afise kigoye kuronka,roro icombona nkaje umukobwa yokwihangana ngushika yubatse urwiwe kuko umubiri ntuhaga,muga umuhungu asanze uri isugi yoguha agaciro,birababaza iyo ubanye numukobwa atakiri isugi kuko ubonye numuhungu amuramukije uca uguma wiyunvira ngo udya niwe yamutanguye ntaramutwara,mwirinda muzigame iteka mwihe agaciro

  21. KWABIRA CANKE KWABIRWA HARIGIHE BIZA GITURUMBUKA,UMUKOBWA UTAMWIYUMVAMWO KUBER INZOGA CANKE IBINDI BIYAYURAMUTWE UMUNTU ASHOBORA KUBAYAFASHE ARIKUBANZA,ARASHOBORA KWABIRA UWOMUKOBWA ,KANDI NOKUBAKOBWA HARAHO BIGENDUKO!!

  22. Ubusugi Kubabufise Ni Vyiza Kandi ABokwirinda Ntibabutakaze. Hama Abahungu Nabo Boshira Urukundo Imbere Kuko Ushobora Kuzana Uwutarisugi Mukabana Neza Kurusha Uwarakiri Isugi. Mushire Urukundo Imbere Kuko Nirwo Rwubaka Kurusha Ibindi Vyose.

  23. Commentaire *nkatw Aho Tubay Kumutumba Dutunz Isugi Imw Kumutumba Muzima Ngra Mubakobwa 500 Nah Nyen Yarabuz Umugab Kand Iratunz Ifis Ikinga Nimoto

  24. Ubusugi nikintu gikomeye cari gikwiye kwitwararikwa.ndetse nivyo abahungu baribakwiye kumenyako ubumanzi aritunga nano rikomeye kuko iyohageze kwubaka urugo urabona neza ko aribwo ugitangura ubuza bushasha ninaho bigufasha gusonera nugukunda uwabugukuye.
    Kubigeme hoho nibindi ingo nyishi zisamburwa nuko umugore yasambany aguma yiyumvamwo cane uwamukuy ubusugi uretse nico haraho ahura numusore cank umugabo ashoboye cane murayomabanga nako ntabakiri amabanga ahubwo nivyo vyaha.bimubera umutwaro iyahuy numugabo adashika ahabambere baahika kubwivyo atangura kumucinyuma kugirango arabeko yoshiripfa.gutyo agatangura kutitaho umugabo wiw hakavamwo nogushamirana bitinda bikavyara kwahukana.
    Umugabo iyi asanze zaronye akenshi nawe umugore iyo yishavuje kiba igitutsi ngo agenda ushaka kubonana nabamwe bagukurubusugi ati agenda ntaco wazanye. Harinaho abagabo batangura nano gushuha bipfuza kumenya uko isugi iba imez bagasesagura amatungo yumuryango ahiga utuyabaga ngo arabeko yoshiripfa nawe.
    Ubusugi nikintu gikomeye cane kuburyo ubiravye inzira zose haba mubantu haba kumana uba uriko uraziburabuza.
    Ikindi mwomenya Nina usambana akenshi biragora gusaba Imana kuko usabango Imana iguhe uwo muberanye rero iyi wiyandaritse haraho Imana ibonako woyibanira nabi nakamanzi kayo canke nagasugi kayo ikaguha abamenyereye kwandarika abandi.

  25. None Iyo Umukobw Musanzw Mukundana Umubajij Ivyerekey Ubusug Bwiw Akakubwir K Akiri Isug, Arik Aguhenz, Mugab Ku Mus Wa Mariag Ugasanga Karabay, Murico Gih Umunt Yovyifatamw Gt?