Igihugu c’Uburundi kibandanya guhinyanyura ibijanye n’inyigisho mu mashure, uhereye kuri mato mato gushika no muri za kaminuza, ubushikiranganji bubijejwe bwaraye butanguje umugambi w’ishure ry’akarorero mu gihugu. Caritas Ninziza abona ko ukwo kuryohora akanovera k’inyigisho n’indero muri rusangi vyari bikwiye gushika no ku rwego rwa kaminuza maze hagatanguzwa kaminuza y’akarorero mu Burundi.
Kuva mu mwaka w’2012, igihugu c’Uburundi caratanguye gusbiramwo itunganywa ry’inyigisho muri za kaminuza cisunze umagambi wa kaminuza y’i Bologne. Iyo nteguro isanzwe igamije kubandanya guteza imbere akanovera k’inyigisho zitangwa mu Burundi ugereranije n’ibindi bihugu. Ariko rero, naho inzo nguvu ziriko zirakoreshwa, ntihabura utugenda turahara bigatuma hakenerwa ko habandanya gukorwa ibindi bishoboka vyose mu ntumbero yo kwihatira gutanga inyigisho z’akanovera kabushitse.
Kugera ubu, Kaminuza y’Uburundi iracari iya mbere mu gutanga inyigisho n’ubumenyi vy’akarorero mu gihugu cose. N’izindi zose zivuka, ziza zica mu makanda yayo. Tugiye mu mashure yisumbuye, turahasangamwo ayatanga inyigisho z’akanovera kurusha ayandi. Aha twovuga nk’amaseminari matoya hamwe n’ayandi mashure akenshi usanga ari mu minwe y’abihebeye Imana.
Kuba hariho amashure yisumbuye nk’ayo, nticabujije Leta gutanguza umugambi w’ishure ry’akarorero mu gihugu cose. Iryo shure rero rizoba mu bice bike vy’igihugu dufatiye ku turere tw’inyigisho kuko rizokwigamwo incabwenge zirusha abandi kandi rikazokwigwamwo n’abanyeshure b’imparurwa. Ni naho umuntu yohera akiyumvira ko bitari bikwiye ko haba n’umugambi wo kwungurura kaminuza y’akarorero mu gihugu. Kaminuza itaza gusubirira Kaminuza y’igihugu. Ariko ikaza ari ya yindi yozoshobora kwigwamwo n’ababaye abambere muri ca kibazo ca Leta kandi bakiga mu buryo butandukanye n’uko abari mu yandi ma kaminuza babayeho.
Akamaro ka kaminuza y’akarorero
Igihe iyo kaminuza yoshingwa, yotegerezwa kugira amategeko ayigenga kandi akomeye. Yotegerezwa na cane cane kwugurura ibisata bihambaye cane ku buzima bw’igihugu. Muri ivyo hojamwo nk’ivy’ubutunzi, ugutumatumanako amakuru ukoresheje ubuhinga bwa none, ivyo gutunganya imigambi y’iterambere hamwe n’ubushakashatsi mu vyerekeye amahinguriro n’amagara y’abantu.
Iyo kaminuza imaze gutangura kuramura izo ncabwenge, igihugu cohongukira vyinshi. Bivanye n’uko iyo kaminuza yoba itanga inyigisho zo mu bisata biza imbere ku buzima bw’igihugu, izo ncabwenge zokora vyinshi bihindura ubuzima bwaco. Uburundi bwoba buronse abantu bize bazi ico bariko barategurirwa ko ari ukugira imigambi yo guteza imbere igihugu, umwe umwe wese mu gisata ciwe. Bamwe botegura imigambi abandi bagafasha mw’ishirwa mu ngiro ryayo nko muguteza imbere igisata c’amahinguriro ajanye n’ubuhinga bwa none. Gutyo igihugu cobandanya gutera imbere muri politike yaco yo kwiteza imbere.
Uko iyo kaminuza yotunganywa
Bivanye n’uko ayandi ma kaminuza usanga inyigisho atanga zitagenda neza kubera ubwinshi bw’abanyeshure, igitigiri c’abigana mw’ishure rimwe nticorenga, n’imiburiburi, abanyeshure mirongo itatu. Ivyo vyofasha abarimu gukurikirana no gukoresha ukwo bikwiye izo ncabwenge.
Abarimu boshingwa amabanga yo kwigisha muri iyo kaminuza boba ari bamwe b’incabwenge mu bandi. Bibaye na ngombwa, ari nk’ivyigwa bishasha, igihugu kikabarondera hanze kugira ngo uwo mugambi urangurwe ukwo wateguwe.
Kubera iyo kaminuza yoba itunganije ku buhinga bukomeye, yokenera n’ibikoresho bihanitse kandi bikwiye. Ubushikiranganji bubijejwe bwobanza kwegeranya vya nkenerwa vyose imbere yo gutangura. Amashure akabamwo vya ngombwa vyose muri buri gisata kugira gishike kw’ihangiro bagihaye.
Ukwo uwo mugambi woja mu ngiro
Kugira iyo kaminuza itangure kandi urame, vyokenera ugushaka kwa gukomeye kwa Leta hamwe n’abajejwe inyigisho zo mu ma kaminuza. Kuko ahanini Leta niyo yosaba abahinga ko biga ibikenewe bakanategura ukwo umugambi woja mu ngiro. Ivyo abo bahinga bashitseko kikigwa hama bigakorerwako.
Kubera ko uwo mugambi wosaba uburyo bwinshi, igihugu cokenera umuganda w’ibihugu bigenzi biciye muri bimwe vy’imigenderanire no gufashanya. Igihugu kimaze gutegura neza ivyo gishobora, nta nkeka ko, gishikirije integuro ibihugu bigenzi hamwe n’izindi nzego nk’Ibanki y’isi, uburyo bwoboneka maze indero n’ubushakashatsi bigatera imbere gutyo.
Ivyo bishoboka mugihe habanje gutunganywa ibijanye nindero kuko uwo mugambi suwo gukorwa nuwariwe wese! Hakenewe ko abahinga muvyo kwigisha baja hamwe kuko nibo bashoboye orientation d’un tel projet .
Gushinga amashure y,akarorero mbere na kaminuza ni vyiza,ariko leta idatunganije neza politique y ukurwiza akazi n ukwiteza imbere ,abazoyigamwo bahejeje nazoca baja guteza imbere ibihugu vyo hanze!
Mu Burundi turashoboye kandi uwo mugambi ntankeka woshobok kand wozan akarush mugihug. Habuz iki non?
1. Urukundo kuk umw wes aharanir kwirundaniriz amatung ah guharanir ivyofash besh bashobok kugir batang umusarur igihug kibombok
2.kugir abant bo munzeg zo hejur(mur leta nizind nzego bijany) bakund igihug knd bashak kuzobon igihug cab catey imber
ARIKO TWIBUKE KO N’UBU HARI URWARUKA RWINSHI RWARANGIJE ZA KAMUNUZA MURIVYO BISATA NYENE MWAVUZE ARIKO RWICAYE IMUHIRA.
kaminuza irahari kandi irikwije kabisa!irasohora incabwenke zikwiye;gusa zibura uko zishira mungiro ivyo zizi!hakenewe rero ko reta yoronderera ibikogwa izo ncabwenge ngo ziteze imbere igihugu!
Uwo mugambi woshoboka ariko bisaba ko abatwara n’abatwarwa bahindura ingendo.Ntagihugu na kimwe kwisi gitera imbere mugihe igiturire no kurundarundanya biri kurugero ruteye ubwoba kandi ivyo bigakorwa abarundi twese kuva kuri nyakubahwa gushika kuri nyarucari dusenga.
ntikenew namba