Ugishinga umuryango n’ibanga rikomeye, haba ku muhungu canke ku mwigeme. Kera, iryo banga ryaritonderwa, rigategurwa umwanya ukwiye. Aho rero niho umuhungu yitora akaresha umukobwa hanyuma bagapfundika kwubakana. Ariko rero, ubugenzi bwo mu bihe vya none busigaye butangaje kuko, haba mu kubutegura canke no mu rubanza rwabwo, busigaye bumara akanya isase nk’ukwo Yannick Ndayisaba abituyagira.
Mu mico y’ikirundi, ubugeni n’urubanza ruhuza imiryango ibiri. Umuryango w’umuhungu n’uwo umukobwa. Mu rubanza nyezina, imiryango iraronka akaryo ko kwiginana, ikishima ikishimiriza, igatera impundu ibibondo vyubakanye ikongera ikanabatekerera impanuro. Ariko rero muri bino bihe, ibintu bigenda birahinduka.
Ukwo kera bitegurira gushinga urugo
Muri kahise, umuhungu yaritonda akabanza akagenzura imico n’imigenzo y’uwo bagiye kwubakana. Hanyuma yamara kugira uwashimye agategura urubanza rw’iteka nk’ukwo Umuririmvyi SHUNGURA Pancrace abiducira kumayange muri imwe mu ndirimbo ziwe:
[…]Akazuba karasiye kunama ancira kumayange ikimuriza. Ntewe muhungu ntugahunge uhumye, umuti w’itiro s’utuyoga. Ntuze ugende wasamye nk’umwana ataronse udusigazwa. Fata akayira uje kwisumamwo. Uhengereye ugwijije wicare ubaze umutima. Ugatereza amaso kumurambi uzobona utunyana tunyuranwa. Ntuze ugashime nziza utazi icirisha. Ubanze witonde uyiragire. Niwabona inyananyana, tereza amaso kumurima, niyaja kwona uyigarure. Niyaguca mu ryahumye kazoba ariko kageso. Ukabona agatima kayishimye, shikiriza umuvyeyi agashikanwa uti “je narambiwe na ca kirambi”, azoca agenda kugusabira[…]
Ukwo vyifashe muri ino minsi
Ntawobideha, muri kino gihe, iyo migigwa yaratitutse. Kuva aho umutekano utanguriye guhungabana mu Burundi, ntamwanya wo kuresha ukiboneka, ndetse n’ibibanza vyo kureherezamwo ubu biracunzwe. Uwo bikundiye aravyihwaba bigishoboka. Wa muririmvyi ati “nturare utarivuze”, yemwe eka abasore b’ubu turahanzwe. Kurivuga n’igikogwa kitoroshe. Gisaba kuzungurutsa ururimi incuro mirongo irindwi n’indwi, ukambaza Rugiravyose canke Kiranga ngo akumurikire uvuge ibiroranye. Bisaba guhanuza abaryango n’abagenzi ugatako ntiwigere uceregwa kwumviriza “ Nomukura he” canke “Zinduka”. Ariko iyo ubonye amahigwe yo gukinjura atera agwira, ukaba uzi ko umuryango w’umukobwa utari buguhe umwana wabo mutaraganye kandi utari bunamusige ngugende wenyene, urarya umutima amenyo ukarivuga ibisigaye ukazovyiga ari i muhira iwawe.
Umwigeme asabwe ijambo nawe mu ndero rupfasoni yabanza gufata akanya akaja guhanuza akongera akabaza umutima. Yakubwira ko agiye kuvyiyumvira azoguha inyishu. Ihibambe we! Uwo mwiherero ntukibaho. Imisore isigaye ifise igihe co kubaho kiri kurushi. Uwurikubwiye ntakuvanaho mudashinze itariki y’urubanza ahandi ho womubura aho wamubonye.
Mbega imanza z’ubu zikorwa gute ?
Imico n’imigigwa y’urubanza rw’ubugeni irigisha cane urwaruka rugikura. Niho havugigwa amajambo y’inkoramutima maze abakiri bato bagashobora kuhigira kuvuga ijambo. Ariko ubu, ugira uracicara ukumva amajambo yose badudurirako. Uwuzi kuvuga ijambo muri ino minsi n’uwusongora kurusha uwuryohora. Ufashe ijambo ugatangura kuvuga ivy’inka muntu usanga mu rubanza hasigaye igice c’abaje gushingira. Kugaragaza akanyamuneza mu majambo vyataye igihe. Ubu ngo n’ukukerekanira mw’ibahasha kugira bacunguze umwanya umwete.
Ico twari dukwiye gutahura kandi tukarondera
Urubanza rw’ubugeni novuga ko ari intambwe imwe muri zitatu (ivuka, ubugeni, urupfu) nyamukuru mu buzima bw’umuntu. Yaba umuhungu canke umukobwa, ako kanya yari akeneye kugategura atekanye mu mutima kuko ni wo munsi uryoshe abona n’amaso yiwe muri iyo minsi itatu. Ubu rero, tuvyihweje neza, Abarundi ntibakiryohergwa bikwiye uwo munsi. Bisa nk’ukwo bawurunguruka gusa. Vyari bikwiye ko abantu basubira kuryohora uwo mugirwa kugira ngo urwaruka ruhigire imico n’akaranga vy’igihugu cacu.
Nibaza ko washatse kuvuga ko Abanyabujumbura, bafise ingorane zo kwitwgurira gushinga urugo. Bujumbura, ni vyo yarataye umuco. Ni vyo umutekano warahungabanye i Bujumbura, umuco w’urupfasoni nawo warahungabanye, ariko ahasigaye hose mu gihugu, abasore n’inkumi barareheranya, abavyeyi bagasabira abageni abahungu babo, ba musitanteri n’abasaserdoti n’abapasitori barasezeranya abageni, ubukwe tukabutaha tuvvyina turirimba ata ngorane, kandi ingo zirubakwa zikaguma. Ego, hariho utugorane duto, ariko nakera vyose ntivyera ngo de! No ngaho i Bujumbura nyene, hariho abagira ubukwe bw’iteka. Simbabujije kubona ibintu bibi gusa, kuko niwo muco usigaye mu banyabwenge b’i Bujumbura. Ariko, si vyiza gufata ibibi vyose biba i Bujumbura ngo mubigereke ku Burundi bwose. Turabakunda, twipfuza ko mwogaruka ku muco wa basogokuru. Kandi biradutangaza kubona Bujumbura yuzuyemwo abantu b’incabwenge, ariko bakibagira ko ikarata y’Uburundi itagarukira ku gisagara c’i Bujumbura gusa. Muraza ruguru tubaririmbire indirimbo y’ubukwe, tubahe ku mutobe w’igitoke mwumve!
Murakoze Cane!!Ego Uvuze Ukuri Urubanza Gubugeni Ruriko Ruratituka Cane Kandi Arigwo Rubanza Iyo Ruteguwe Neza Amajambo Akavugwa Neza( Cane Cane Nabatama Bakivurera Akakera Cank Abubu Babakuriue Iruhande Bakabigisha Imico Yukuvuga Ijambo Mukirundi) Usanga Bihimbaye Cane!!Nuko Bitari Bukunde Urubanza Gwubugeni Aho Kumara Amasaha Rumara Ub Rukwiye Kumara Umunsi Wose Mukava Mugatondo Mwiginana Kk Numunsi Uhambaye Ariko Ikibitera Cane Nubukene Kk Ubunyegeri Buyagira Kwigufa Iyo Igufa Ribaye Rito Ikiyago Kiba Gito!!Murakoze!!
Ego Yavuze Yisunze Bujumbura Ariko Muburundi Nkabwose Ugorubanza Gwarataye Agaciro Kera Barakwa Umwigeme Hagahera Iminsi Bataratwarana Kuko Gukwa Nubugeni Zarimanza Zitandukanye Cane Namajambo Yavyo Arabiranga!!Ubugeni Nugutwikurura Ntivyabera Rimwe Kuko Gutwikurura Ni Umugigwa Uba Mugihe Abo Bubakanye Bamaze Kurarana Nukuvuga Bagize Ubugeni Bukwiye Namajambo Yizomanza Arabiranga!!Ariko Ubu Naho Haba Ruguru Ego Barashimana Bakavugana Wanashima Bikwiye Numwanya Ugakwira Ariko Benshi Ubu Gukwa Ubugeni Nugutwikurura Bibera Umunsi Umwe,abatabigize Uko Barasaba Hama Ubukwe Nugutwikurura Baigaca Bibera Rimwe Ntiwumva Ko Ruriko Rutituka?Ego Birava Kubukene Ariko Akaranga Kariko Karatakara!!
birava na cane cane nokubukene
murayagaa neza ariko abubu bitugoye bikiriko ubu harageraho wiyumvira gushinga urwawe ukabura uko ubigenza bivanye nuburyo budahagije abavyeyi buwo mugomba kurushinga bakaba intambamyi nawe waraba ivyo vyose ugahitamwo guhonyanga uwomugirwa waho hambere bitatukuvuyeko nkakarorero murabona amaronderero asigaye yarabuze uramutse ugye kurondera uja mubindi bihugu waronka wemera kwarivyawe ubishikanye aho wavuye murico gihe rero ugeze kurushnga haraho uharura ngo utumiy abantu ngo mukore imanza ubna kuba usesaguye ugahitamwo kwinyama murumva ko namikoro asongera isibe kumico ,imigenzo nakaranga vyigihugu cacu
ubu ibuntu ntibikimeze nka kera, umwana a »kundana » n abandi ataranamenya kwandika izina ryiwe, umukobwa acika ince ataratangura ishure, umuhungu araba porno ataranamenya ko ari ibanga ritanga umwana, nico gituma gusubira ku mico bidakunda
Gusubira kuvyakera nibintu bitazokworoha burya ibintu vyariho murico gihe vyari vyoroshe gutegura urubanza nonubu ubukene bwarinjiye mumiryango nicogutuma nuwuvyiyumviriye agiribiciriye hafi
Na jew mvuga nk’abo bandi. Nukuri abantu bameny ko ibihe vyahindutse. kandi bamenye ko ubukene buhari buvuza uruhwa. Muri make abasore bararaba ko umwigeme afise amagara meza( ata SIDA )ivy’ubusugi bavyihoze. hama bishobotse inkwano barayikura iveho hama isubirirwe n’agashimwe gasanzwe,umusore canke umuryango w’i buhungu wiyumviriy hama ibintu bigende neza. Ariko rero harico mwibagira. Abantu bubu ntibagikomeye (amagara aragoyagoya) mushobora kwibaza ngo umusore vyans ko yubaka kuko ata mahera.Ahibambewe ! aho intambara iterey mu burundi, imitima y’abantu ubu iri mu kirere. Benshi mu bwenge baguma babona ko bariho batariho hama bigatuma no gushinga umuryango babigiramwo intege nke. Rero mu BURUNDI dukeneye AMAHORO imbere ya vyose ibisigaye bizizana. Erega n’agahera ukaronse ntukararana kuko utaba uzi ko buza guca. Hama turetse ko ubu ata ndya zikihari n’abantu bararwiriye ! BAGENZI NI MUZE TWOROSHE IMITIMA TUBANE MURI BIKE KAND DUFASHANYE KUKO UBU HARABABA !
Ego nukuri ivyo,ubu je ndaja nk murubanz rw gukwa ukavay umeng uy mwigeme ntibar bamukund nukur,amajamb abir iryagatatu niry gutang umugen,nibikino en faite,kand uwub aravug ijambo ukiyumvir si ar umurund cank yavukiy m mahang bikagusig,b’abatama bakuze.ubu vyinshi vyaratituts gus abagifis gato k mico barakarag aband kuk umuco watujany nic gitum atakanover akarang kagifis,n’intamb zikirund zasubiriw ng naz karaoké.
Ivyo gushimana n’ibind mwiyi minsi,j novuga ko har nabager umusi w’ubugen womubaz at uraz neza vyukur uw mugiy kuban umuhay nk’isah yo kwiyumvir yogaruk yabivuyemw,nta mwany w gutohoz ukihar oyaa,nivy vyish izubu