Iruhande y’umugabekazi Ririkumutima yaganje Uburundi igihe umwami Mwambutsa IV yari akiri imfyufyu, hari abakenyezi bake cane bamenyekanye nk’intwari muri kahise k’Uburundi. Umwe muri abo ni uwitwa Nteturuye Mariya, batazira Nzirikanye. Muti none uwo yamaze iki?
Imico
« Gusaba irembo », « gutwikurura », … imanza dukwiye guheba mu Burundi
Ntivyoroshe. Mu gihe Abarundi bamwe batora kwihebera Imana kugira bahunge ubukene, twari dukwiye kurimbura imigirwa itabereye ibihe turimwo, tukayisezerera…
Ikirundi si ururimi rukenye: habe na mba!
Hari abavuga ko ururimi rw’ikirundi rukenye ugereranije n’izindi ndimi zikoreshwa mu nyigisho n’ibindi bikorwa vy’igihugu nk’igifaransa n’icongereza. Ariko hari ibintu vyinshi bigaragaza ko ivyo atariko biri.
Ibintu bitanu vyerekana ko Abarundi badakunda ikirundi
Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ryemera ikirundi nk’ururimi kavukire rumwe rudende rwa nege. Ariko, indimi mvamahanga ziriko zituma urwo rurimi rwibagiranwa. Ng’ibi ibintu bitanu vyerekana ko Abarundi tudakunda ururimi rwacu.
Amajambo 22 yakoreshwa ku mwami n’inkomoko yayo
Mu Burundi, co kimwe no mu bindi bihugu vyose vyaranzwe n’intwaro ya cami, bari bafise amajambo bakoresha iyo bavuga umwami, atandukanye n’ayasanzwe akoreshwa. Ayo majambo, n’iyo akoreshejwe ku bandi bantu, yerekana icubahiro kidasanzwe. Ng’aya amwe muri ayo majambo n’inkomoko yayo.
Mwari muzi ko kera abavyeyi bataherekeza abakobwa babo kurongorwa ?
Aho hambere hahise carazira kikaziririzwa ko abavyeyi baherekeza abakobwa babo kwabirwa. Mu nyuma vyahavuye bihinduka, na cane cane mu gisagara. None vyoba ari bibi canke ni vyiza ? Vyahindutse gute ? Twaregereye inararibonye.
Uguterera mu manza : vyovaho canke vyogumaho?
Imanza zikorwa mu Burundi ni nyinshi. Aho twovuga nk’ubugeni, ugukwa, kuganduka, kurangiza amashure, eka n’izindi. Izo rero zikaba zikunda kuba nyinshi cane cane mu gihe c’ici. Incuti n’abagenzi ba nyene imanza bakaruhishwa n’uguterera. None rero hari bamwe batanguye kwibaza ibibazo […]
Bujumbura : abagabo musifura abigeme mubikura kuki ?
Buri musi mu mabarabara y’i Bujumbura, ko abasore n’abagabo basifura inkumi yose babonye, bisigaye ari akame. Ariko ntibibereye. Uguca impande y’abariko bubaka inzu, mw’isoko canke hagati mu makaratiye, womengo ni ibisanzwe. Ariko abagabo n’abasore ntiborohereza ubuzima abigeme. Carole Bigirimana ati : « birarenze ! »
Ni nde yavuze ko gucererwa ari umugenzo w’Abarundi ?
Imico n’imigenzo y’ikirundi irafise ico itubwira ku kijanye n’ugucerwa. Kubwa Niyonizigiye Rivardo, ngo ni ingendo y’icaduka ikwiye kwiyamirizwa. Yunganira igisomwa giheruka guca ku rubuga Yaga.