Iruhande y’umugabekazi Ririkumutima yaganje Uburundi igihe umwami Mwambutsa IV yari akiri imfyufyu, hari abakenyezi bake cane bamenyekanye nk’intwari muri kahise k’Uburundi. Umwe muri abo ni uwitwa Nteturuye Mariya, batazira Nzirikanye. Muti none uwo yamaze iki?