Imanza zikorwa mu Burundi ni nyinshi. Aho twovuga nk’ubugeni, ugukwa, kuganduka, kurangiza amashure, eka n’izindi. Izo rero zikaba zikunda kuba nyinshi cane cane mu gihe c’ici. Incuti n’abagenzi ba nyene imanza bakaruhishwa n’uguterera. None rero hari bamwe batanguye kwibaza ibibazo kuri uwo muco w’intererano mu manza. Bamwe bati “ wovaho ”, abandi bati “ sigaho! ” Ivyo tubiyagirwa na Landry Rukundo.
I Bujumbura canke mu ntara za ruguru, ku minsi irangiza iyinga, impande y’ikiyaga canke mu mabarabara, usanga ari ibirori gusa. Imanza z’ubukwe canke izindi, ni zo zibonekeza cane. Ababizi kurusha abandi ni bamwe bafise inyubakwa ziberamwo izo manza zose, canke ba bandi bakotesha canke bakadandaza ibikoreshwa muri zo. Yamara impande y’ivyo vyose, hari umurwi w’abantu bihava bikaremera, na cane cane incuti n’abagenzi.
Ibibazo biba vyinshi: “ Nterere nde, ndeke nde? ”
Ico ni ikibazo abatari bake bibaza kuva kuwa mbere kugeza kuwa kane, kuko kuwa gatanu imanza zica zitangura. Kubw’ umuvyeyi Niyonzima Mariya Franҫoise, ngo “imanza zisigaye ari nyinshi mu ci, aho usanga umuntu afise ubutumire bugera kuri bune canke burenga kandi bwose bukaba ubw’imanza zibera umunsi umwe. Ikibazo c’aho umuntu aterera kikaba kiravyutse”. Yamara uno ngo asa n’uwabitoreye inyishu ibereye. Agira ati: “Jewe nahisemwo guterera uwo bizohurirana n’uko mfise uburyo. Kuko nta ndeni nokwaka kugira ndonke intererano, mu gihe ibihanze umuryango bikeneye uburyo ari vyinshi. Kandi n’ubukene buhari burarenze”.
Nkurikiye Jean Claude nawe, ni uwuheruka gushinga urugo rwiwe. Uwo rero nawe avuga ati: “Usanga bitoroshe na gato guterera imanza zose utumirwamwo. Jewe rero nterera umuntu bitakunze ko ngira mu rubanza, hama uwo nigoreye nkahashika simba nkimuterera naho naba ndavyipfuza”. Maze ivyo bikerekana neza ko ibijanye n’uwo muco w’uguterera mu rubanza bihambaye, mu kibano c’Abarundi.
Ivyo none bigende gute?
Umwigisha muri kaminuza yanonosoye ivy’imibano, Toyi Aloys, agira ati: “Umuco wo guterera ni mwiza. Uwo muco wamye uranga Abarundi kuva kera na rindi. Umuntu afise urubanza agafatwa mu mugongo n’incuti n’abagenzi”. Uwo mwigisha rero ntahakana ko ibihe vya none bigoye, ati: “Aho hambere vyaroroha kuko intererano yava mu mwimbu. Ariko ubu, nk’i Bujumbura hakora ifaranga gusa. Imiryango isigaye ihagirira ingorane kubera ubukene. Ubu guterera bisigaye ari sekura ungurane. Umuntu aterera uwuhora amuterera. Gisigaye ari ikibazo gikomeye kiri mu kibano”.
Uwo muhinga muvy’imibano agahanura abantu avuga ati: “Kugira uwo muco ntuzimangane, birakwiye ko dukuramwo ibiharuro vyinshi, uwufise agaterera, uwudafise nawe ntibimubuze gushigikira uwagize urubanza, akamuterera akarenge kuko ubuzima ntibugizwe n’amafaranga gusa. Kira noneho, ako karenge nyene ngo ni ko ‘gafuni kabara ubumwe’, nk’uko ba sokuru bayamaze.” Arangiza ashikiriza iciyumviro c’uko imanza zimwe zimwe zokurwaho, kuko ngo bitagishobokeye Abarundi benshi ko bazikora bivanye n’amikoro make.
Soma kandi : Bururi na Rumonge: imanza zisesaguza
Eka nukuri ntakubesha hariho ibintu bikwiye guhinduka!aho mwavuze izo gutwikurura ,ubugeni nizimfu kuko arizo zihanze abanyagisagira!je nanje nginti havuga uwo bubezwe uwo bwateruranywe nicibo ntaco aba akivugaa!harumugigwa wo kwatigwa wowo uragisibije muntara za ruguru nacane cane region mugamba!usanga bagutuma inzoga nyinshi cane kugira ngo baguhe iyontahe!bakazita namazina kugira imisi yo kwunywa yiyongere!ikibabaje nuko kenshi hariho abashaka kwatigwa biturutse kugashavu ko kuvumba hama bagahindira itunga ryose ryumuryango mwisoko kugira ngo batigwe!ikindi kibabaje munyuma yuko kwatigwa nuko umukene ataronse ayomayoga bamunigana ijambo hageze gutatura abatase ngo ntaca urubanza ataratigwa