Mu Burundi, co kimwe no mu bindi bihugu vyose vyaranzwe n’intwaro ya cami, bari bafise amajambo bakoresha iyo bavuga umwami, atandukanye n’ayasanzwe akoreshwa. Ayo majambo, n’iyo akoreshejwe ku bandi bantu, yerekana icubahiro kidasanzwe. Ng’aya amwe muri ayo majambo n’inkomoko yayo.
Nk’uko Patiri Adriyano Ntabona avyandika mu kinyamakuru “Culture et Societé” (1988), umwami yafatwa nk’umuntu ava ku Mana. Yari mwenewabo wa Kiranga; bose bakaba bafatwa nk’abarungitswe n’Imana.
Mu gushimangira ico cubahiro baha umwami n’uguhezagirwa kw’iwe, mu kwerekana ko ari umuntu ahambaye gusumba abandi bose, barakoresha amajambo amudondora atandukanye n’ayo bakoresha ku bandi bantu basanzwe.
Umubiri w’umwami
Ibihimba vy’umubiri w’umwami vyari bifise amazina vyisangije; amaso yiwe bayita Inyonga. Bafatiye ku nyenyeri nziza zikayangana, ziri kw’ijuru, zitwa “inyonga z’indavyi”; bakavuga ko ari zo maso Imana ikoresha mu kuraba Abarundi.
Amaboko yiwe bayita imirisho (nk’imirisho y’ingoma), mu kumwubaha nk’uko ingoma yari yubashwe. Intoke bazita inkenkanya, amaguru yiwe bakayita inyundo, kuko inyundo ari icuma gicura ibindi. Inda y’umwami bayita Igisabo, bafatiye ku gisabo giterera amata.
Hari ibihimba vyaba biteye isoni kuvugira hejuru mu kirundi, ivyo nta mazina babiha kuko umwami yasa n’utabifise ariko igisusu c’umwami bacita Intabonwa, kuko ngo uwakibona yaca apfa.
Ivyambarwa vy’umwami navyo vyitwa ingeyo. Musi akambara icitwa ipfundo, hejuru naho umutamana.
Aho abaye…
N’ibibanza umwami yabamwo vyategerezwa kubahwa kugira agumane icubahiro ciwe. Inzu y’umwami yitwa ingoro. Bafatira ku bwiza n’ubunini bwayo. Inzu yaba iri mu rugo bita ikirimba. Mu nzu haba hari iziko bita icoto, aho umwami yicara akota. Uburiri nabwo bakabwita ikirwa. Aha turamaze kwumva imvyino yitwa “Ngoma y’ikirwa ndamuzanye…”idondora umukobwa n’icubahiro bamuha gifatiye ku ngoma n’aho iyo ngoma yagenewe.
Umwami, iyo bamureruye, bamutwara ku nderuzo; iyo nayo yitwa iceri. Iryo jambo rirakoreshwa iyo umuntu ateruye umwana amwicaritse ku bitugu, bavuga ko “bamushize ku maceri”.
Mu muryango w’umwami naho nyene bari bafise amazina abatandukanya n’abandi. Umutambukanyi w’umwami yitwa umwamikazi, nyina w’umwami nawe akitwa umugabekazi, nabo abana b’umwami, abahungu bakitwa abaganwa, abakobwa nabo bakitwa abaganwakazi. Umuryango wa bose hamwe ukitwa inda y’ingoma.
Ibikorwa vya misi yose
Umwami avyutse bavuga bati: aribambuye ku kirwa. Agiye mu kazu ka surwumwe bavuga ko agiye kwitabara. Iyo avuze bavuga ko ariko aravumera; tukaba tuzi ko havumera imvyeyi yavyaye. Ariko arafungura bavuga ngo ariko aranogera. Iyo aryamye naho bavuga ko yibikiriye canke yibogoye.
Vyarashika umwami akarira. Nk’iyo igihugu kigeramiwe canke ikindi gihe cose umubiri wiwe ubishatse. Aho bavuga ngo umwami ariko arikama. Ubundi turazi ko mu bisanzwe hakamwa inka kandi igakamwa amata.
Mwe n’ayo majambo rero urasanga abenshi badatahura insiguro zayo, ikitavuzwe co ni inkomoko. Ariko, icobaye ciza ni uko Abarundi nka bose boyamenya, kuko na none, ni bumwe mu butunzi bw’amayagwa n’akaranga vy’igihugu cacu. Uwayamaze yagize ati: “Uta akaranga ukaba utaye akabanga, ugatora akaranda.”
Commentaire *Très ravi de trouver ce lien!
Iyo agwaye bavuga ngo arashushe
Ni vyiza cane kumenya nukugumy’akaranga ku Burundi bwacu. Kandi tugakunda igihugu cacu
Iyo umwami asuze na ho bavuga ngo arasanuye. Ivyo biravugwa no ku nka.
Urakoze anonyme kudusabikaniriza
urakoze kutwigisha
Murakoze cane
Ariko Arangura Amabanga Y’abubatse Bavuga Ngo Ariko Arahiga, Yapfuye Naho Bavuga Ngo Yatanze Canke Ngo Ijuru Ryakorotse.
mwari mukwiye gushirako ubwatuzo kugira dushobore gusoma neza amajambo mashasha dusomye iryambere… si non tugiye kuvyigisha abana ba génération startimes… ntiduheza ngo tumenye comment prononcer le mot..
Murakoze cane ku makuru akenewe nk’ayo
Commentaire *urakenuye mugenzi Rivaldo
Muri imfura bavandi arikuwu mujama avuze ivyo gusanura no guhiga arandenze
inyigisho zakaranga zarizikenewe burigihe murakoze kwizo nyigisho zakanovera
turakenguruka ingene mutwigisha umuco ndundi nkaba nashaka munbwire nkumwibutsa câble umugani uvuga kwijanbo » utegerezwa kumenya iyo UVA kugira umeyenye iyo uja »murakoza
Commentaire *Murakoze ahubwo murarushiriza kuza muratubwira ivyerekeye ubwami
ICO KIRUNDI NICO DUKENEWE UBU.
Ivyo navyo biradufasha kumenya neza imico y’ikirundi. umuhanzi arashobora kutubwira nk’amazina 15 bahamagara umwami?
muragize neza
Imic n’akaranga nitung rusang ry’abarundi twes hamw dukwiy kwama tuzirikan igihug cacu mukugender iragi ry’abasokuru
Monsieur rivaldo ,nous te remercions de votre initiative de faire parvenir de notre culture burundaise
Koresha urwacu muvukanyi
Kubungabunga imico n’akaranga birakomeye cane kuko nivyo igihugu cubakirako, hanyuma ntitwibagire n’inyandiko y’urwo rurimi rwacu. Ngireko nsaba uwomfasha gutora icitirwanwa c’umwamikazi. Murakoze.
None ko Umwamikazi yari umugore w’Umwami, BIKIRA MARIYA bamwise iryo zina, Umwamakazi, bafatiye kuki?
Eg bikira mariya n’umwamikazi kuk yavyay umwami wabami bose yezu
nivyiz kumeny kahis nanj biranyibukij 5ém twar twahiz bik murivy. komez kutwigish
IYO AGAYE MUKAZU KARUGUMWE BARAVUGA KANDI KO AGIYE GUPFUKA IBIRENGE
Kandi nyene iyo agiye mukazu ka sugumwe baravuga kandi ko agiye gufuka ibirenge (umwami)
abakera barakwiye kuza barayagira uburundi bwejo imico n’akaranga vyaranze uburundi kuko niryo soko ry’indero nziza ku rwaruka
mugiz neza kudusigurira
Kandi ngo carazira ko Umwami acira hasi kuko isi ntiyasubira kwimbuka.Baca bamukorera akantu ko guciramwo kitwa « agaciro ».Uwaguma akamufatiye ni we bavuga ko afise « agaciro » kuko yama i ruhande yiwe.Iyo akosheje,barakamwaka bakagaha uwundi,bati ubu naka ni we asigaye afise agaciro.
Ibipande vy’umubiri w’umwami vyari bifise amazina adasa n’ayibipande vy’bandi bantu. Amaso yiwe bayita inyoonga, amaguru bayita inyuundo, inda bayita igisaabo…
Murakoze cane.
Ibirenge vy ‘umwami vyitwa gute?
None Arwaye Naho Bavyita Gute?
Umwami arashushe
Turanezererewe iki gikorwa tuzokomeza gukuza no gukwiragiza imico n’imigenzo yacu n’ururimi rwacu
ibirenge vyovyo bavyita ngw’iki? ni onesphore tuyisabe UB R0HERO FRA BAC
Murakoze Cane kunyigisho mugenda muduha mubandanye muduha nizindi kuvyakaranga kacu ndi dieudonné UB ROHERO CAMPUS
Mbega murwo rukurikirane ijambo irebe turisanga mumwega uwahe?
Commentaire *murakoze cane
Iyo apfuye naho bavuga ko yatanze.
Umwami yahambwa hehe?
Oya bikira mariya ni:umugabekazi kuko yibaruts umwami
Bahezagirw ahubwo bashishikar baduha n’inbindi kugira tugume tuzirikana ku mico n’imigenzo yacu
Murakoze cn muzokore ibishoboka mukwigisha imico nakaranga vyiburundi
Murakoze cane kunyigisho muduhaye.
none umwamikazi canke inda y,ingoma ndavuga umuryango w,umwami nk,abana umutambukanyi wiw umugabekazi ntamajambo bo bari bafise yabaha icubahiro nk,uko vyari ku mwami? murakoze
Murakoze caane kutwigisha ikirundi.ariko nagira mbaze 1, « kuberiki umwami bavuga yuko yavyagira? » 2.ingene umwami kazi yicara?
Ese abarundi bogenderakarangakabo bwite
Imico yikirundi irakwiye kugumizwaho kuko ninavyo bituma igihugu kigira abenegihugu bagumana akarangamutima kaco!