Ishirahamwe Unesco ritegekanya abanyeshure bari hagati ya 14 na 20 ku mwigisha umwe, ariko abigisha bo mu Burundi boba ivyo bitigiri babirenza incuro nka 3 canke 4 kubera igwirirana ry’abantu. Ico kibazo co gisangiwe n’abigisha bose, ariko, wa wundi ati […]
Akazi
Uku ni ko “dunyuri” yampekuye
Abafata ibarabara rya Bujumbura-Bugarama, ndetse no hirya no hino mu gihugu, baramaze kubona abantu, abato n’abakuze, bategera ibimodokari binini binini, bakabifatako inyuma, maze bikabajana mu ntara zo hagati mu gihugu canke bikabazana i Bujumbura. Ico nico bita « kugenda na […]
Kutitaho umurwayi : indwara ibangamiye abaganga bamwe bamwe
Kuryagagura abarwayi, kwikwega mu kubakira, maze bakirirwa batonze kandi baremvye, canke nyene kubahererekana batabavuye. Ivyo ni bimwe mu vyo Yakobo* yaneguye amavuriro amwe amwe ya Reta ari mu gisagara ca Bujumbura. Aratwiganira ido n’ido uko vyamugendeye.
« Woheza amashure ugasohokera kudandaza umubiri ?»
Ukivyumva wokwibaza ko ari ibitito. Ariko ni ivy’ukuri. Nibaza ko hari abantu bafata abigeme nk’ibidandazwa canke inka ushora ku macuniro; ahandi naho nkumirwa mbonye ingene nacumukuye mu kwiga, narangiza bakampa akazi ko kudandaza umubiri mu nzu y’uburaro. Ng’uku uko vyangendeye.
« Umukoresha wanje ni we yatumye ndandaza umubiri »
Turakunze kubona abigeme canke abakenyezi bakora umwuga wo kudandaza umubiri. Uretse abiyumvira ku ngaruka mwe n’uwo mwuga ushobora kuzanira abawukora, ni bake biyumvira ku mvo zatumye abo bigeme baja muri ivyo bikorwa; kuko hari ababigiyemwo batabishaka. Hano, Nshimirimana Venansiya aratwiganira […]
Mwari mubizi ? Mu Rumonge, ifi zizimvye nk’ahandi hose!
Haraciye imisi irya n’ino twumva ko umwimbu w’indagara n’imikeke ari rya nawe mu ntara ya Rumonge. Abafise abagenzi muri iyo ntara bakaba ata yindi ndamutso bavuga atari : « Nta kaboga ngaho ? » ; ntibamenye ko zizimvye co kimwe n’ahandi hose, ku mvo zikurikira.
Kuki bamwe mu baganga badasigurira abagwayi ivyo bagiye kubagirira?
Buri wa 11 Ruhuhuma, harahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe abagwayi. Imwe mu mpamvu abaganga batungwa urutoke ko basamara cane, ni ukudasigurira umugwayi ico agwaye n’ivyo bagiye kumukorera.
Kuki bivugwa ko abakozi bo mu nzu bava i Ngozi no mu Kayanza ari abasuma ?
Mu gisagara ca Bujumbura, kimwe mu bisigaye vyihwezwa cane n’abakoresha imbere yo gutanga akazi ko mu nzu, ni uko nyene kugasaba atoba ava mu ntara za Ngozi canke Kayanza; bikaba bivugangwa ko be n’abo bakozi boba bafise akaboko karekare. Ariko, […]
Burya nta Murundi yotunga atarinze « kuja i kuzimu » ?
Mu kibano c’Abarundi, iyo babonye kanaka ariko aratera imbere cane, barondera gusigura iryo terambere bamwagiriza ko akoresha amageza. Niho rero ubwo buryo bwo kwiyumvira buhera bukazingamika benshi, bukatubuza gutera imbere nk’uko Martial Hariyangabo abibona.