article comment count is: 4

Kuki bamwe mu baganga badasigurira abagwayi ivyo bagiye kubagirira?

Buri wa 11 Ruhuhuma, harahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe abagwayi. Imwe mu mpamvu abaganga batungwa urutoke ko basamara cane, ni ukudasigurira umugwayi ico agwaye n’ivyo bagiye kumukorera.

Nitwa Akimana Speciose*, mba mu ntara ya Ngozi. Nta misi irahera ngwaje umuvyeyi wanje igihe kirekire. Kuva nkimushikana mu bitaro bitwegereye, aho nahereye kumugwariza, umuvyeyi wanje yaguma afatirwa ibipimo, ariko ntiyigera asigurirwa icavuyemwo. Twabona bamutera imiti, banayimuhindurira atazi igituma, ndetse atazi ico arwaye. Ariko, akaguma asinzikara.

Vyakabaye kera, arantuma kumubariza abaganga. Bamubwiye ko arwaye igihute co mu nda, maze ko bariko baramuha imiti yo kukiyonza. Ivyo vyaraduhaye icizere, turanagurisha itongo kugira ntabure amafaranga y’imiti n’ibipimo. Kubera ukuguma aremba, twahavuye tugurana amahera yo kumumanukana mu bindi bitaro i Bujumbura, ahava arasandaba.

Tubajije abaganga batwakiriye icahitanye umuvyeyi wanje, batubwira bati : « yari agwaye kanseri y’igitigu, itagikira »

Ingendo yo guhinduka

Ivyo Spéciose atuyagiye si imboneka rimwe. Namaze igihe kitari gito mu bitaro, ndi mu myimenyerezo yo kuvura. Narabonye abagwayi benshi bari ku rutonde rwo kubarwa, ariko bataba bazi uburyo bazosinzirizwamwo canke bazobarwamwo, ingaruka boshobora kugira canke izina ry’umuganga azobabaga.

Ikibabaje, bene umugwayi baguma basohora amafaranga mu bipimo bitandukanye, uri abahindurirwa ibitaro bakaja ahandi, ariko ugasanga batasiguriwe neza ibijanye n’ubugwayi uwabo afise. Icibagiwe co, nta muganga akizi gusigurira umugwayi ibijanye n’umuti ariko arategwa, canke ugusaba uruhusha umugwayi rwo gukorerwa iki canke Kiriya. Kubera iki none ?

Uburenganziza bw’umugwayi

Ugusigurira umugwayi ico muganga agiye kumugirira, akamaro kaco n’ingaruka mbi zoshika mu gihe atakigiriwe, canke ukumenyeshwa neza ibijanye n’ubugwayi, si ibakwe, ni uburenganzira bwiwe. Tereza akajisho mw’itegeko n°1/012 ryo ku wa 30 Rusama 2018 rigenga imikorere y’igisata c’amagara y’abantu mu ngingo ya 16, hamwe n’itegeko n°1/24 ryo ku wa 2 gitugutu 2009 rigenga abakozi bo mu gisata c’amagara y’abantu mu ngingo za gatanu agace ka gatandatu.

Nk’uko biri mu vy’abakenguzamateka basavye bariko baremeza itegeko ritunganiriza abitura abaganga, umuganga wese yohabwa ikimuranga, amazina n’ico akora ku bitaro, kandi vyanditswe mu kirundi, ku buryo yigenjeje nabi imbere y’umugwayi ashobora kumushengeza, ndetse bakanamanika ku mavuriro yose amategeko agenga abagwayi n’ivyo barekuriwe, maze abo baganga bakareka kuvyirengagiza no kuvyigumizamwo ku neza y’abagwayi.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. Ivyo nivyo kweli abantu benshi bagiye kwa muganga abaganga barakund guhisha ivyo umurwayi arwaye sinziko riba ar’ibanga ryabo ! Ariko kubwanje botegerejw Kubibabwir. Murafasha kubimenyesh Hose kugira Bize biramenyekan Haraho abobibon boza barabikorerako ! Murakoze

  2. Jewe ndabona ko benewacu b’abaganga bakwiye kwongera bakibutswa ko kwakira neza umugwayi,kumuyagisha,kumwakira ububabare bw’ingwara(écoute empathique)ari nkenerwa mbere gusumba wamuti batamenyesha umugwayi ico uheza ukamumarira.Au Burundi turacakeneye kumenya la psychologie des servises de santé.

  3. Cane cane iyo babagiriye amputation, kubakata ibihimba bimwe bimwe nk’ ivy’ indani mu mubiri ntibaheza ngo babasigurire impamvu babikoze n’ ingaruka zavyo ngo bashobore kuvyakira babeho bataguma bikengera kubera ibintu bimwe bimwe batazosubira kurangura mu buzima bwabo.

  4. Ni ngirakamaro kubwira igikorwa ugira ukorere umurwayi canke irwara arwaye!!!!
    Ikibabaje rero nuko mumategeko birimwo ndetse baranavyize bakabirengako ibigirankana kuburyo umuntu anabajije usanga bariko baramutukagura. Non ko mbona hariho namategeko abigenga bigume muvyandiko canke biveyo bishirwemungirao?