Aha mu Burundi, umuntu aribaza ico umuryango kanaka wisunga mu gutanga akazi ko mu nzu. Mbega uyo mukozi we araheza agafatwa gute ? Amateka n’amategeko amugenga mu kazi ni ayahe ? Ivyo ni ibibazo bidashobora kuronka inyishu kugeza ubu nk’uko […]
Akazi
Akabanga gatuma mu bunywero bumwe botsa inyama nini ahandi naho ntonto
Mu bunywero bwo mu gisagara ca Bujumbura, muramaze kubona ko hari aho usanga mushikake zizimbutse canke ugasanga intongo ari nini kurusha ahandi. Ivyo rero ugasanga ntibiturutse kuko hari itandukaniro hagati y’ubunywero bw’abifise n’ubw’abatishoboye. Muti none ivyo biva kuki ? N’izihe ngaruka bishobora […]
« Kuba umutunzi akomeye mu ndwi imwe » : babigenza gute ?
Muri ino minsi, turakunze kwumva ko hari amashirahamwe canke iyindi mirwi abantu bashobora gukoreramwo kugira biteze imbere mu buryo bunyarutse kandi butagoye. Ariko rero hari amwamwe muri ayo mashirahamwe ateye amakenga nk’uko Caritas Ninziza abituyagira ahereye ku vyo yabonye.
Umunsi wo gushigikirana uzoshobora koko gukuraho ugusegerereza ?
Ku wa gatandatu wa nyuma w’ukwezi kwa Mukakaro, buri mwaka, hagiye kuza harahimbazwa umunsi wahariwe ugushigikirana mu gihugu cose. Uwo munsi uzohimbazwa irya mbere kw’igenekerezo rya 28 Muakaro, 2018. Imwe mu ntumbero z’uwo munsi ni ukurandurana n’imizi ingeso y’ugusegerereza. Benshi […]
Burya hari umufundi yubahiriza isango ?
Mu Burundi, abatari bake baramaze kumenyera ko ata mufundi avugisha ukuri, na cane cane ku bijanye n’ukwubahiriza isango. Igiteye ubwoba ni uko ako kamenyero kabi gashobora kuja mu mico n’imigenzo vy’abarundi. Iradukunda Laude Ersine Complis ariyamiriza iyo ngendo mbi y’abo […]
Ihiganwa ry’igikombe c’isi ntiryari rikwiye guhungabanya imirimo !
Ku mugabane w’Ubulayi, mu gihugu c’Uburusiya, ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’igikombe c’isi yose rirabandanya. Mu Burundi naho, imirimo ya minsi yose irabandanya. Ariko naho biri uko, hari agahaze : iryo higanwa ririko rirahungabanya ibikorwa mu buryo tutabona. Martial Hariyongabo agatera akamo kugira […]
Burundi: ingingo yo kwirukana indogobwe hari abo iteye uruhombo
Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi buheruka gufata ingingo yo gukura indogobwe indogobwe cumi zari mu bari bazihawe muri komine Nyarusange mu ntara ya Gitega zikimurirwa ahantu hazonyene mu ntara ya Makamba. Mu gihe benshi babibona nko kwihindukiza mw’ijambo kw’ubwo bushikiranganji, Ndorukwingira Franck […]
Burundi : leta ntishoboye gutanga akazi, ariko yofasha urwaruka kukitunganiriza
Nta wuyobewe ko ubukene bw’akazi ari ingorane ihanze urwaruka rwo mu Burundi muri rusangi. Ariko ivyabaye ejo bundi mu migwi ijejwe gutunganya amatora mw’ico gihugu, vyatumye Korineza Eddy yiyumvira ko leta itokura akarenge burundu mu vy’ugutanga akazi, ahubwo ko yofasha […]
Ko ibiciro vy’ibitoro vyadugijwe, agashahara k’abakozi ba Leta ko gute ?
Haraciye imisi mikeya ibiciro vy’ibitoro hamwe n’ivy’ukwiyunguruza bidugijwe mu gihugu cose. None Masumbuko Beda arabaza ikibazo ati : « ko imisi yose iduzwa ry’ ibiciro vy’ibitoro rituma ibintu vyose ku masoko biduzwa, agashahara k’abakorera Leta nako kazoduzwa ryari ? »