S’agaseseshwarumuri, hirya no hino, aho tubaye, twama twabonye ko abagendana ubumuga butandukanye binubwa eka mbere n’ugukumirwa bagakumirwa. Ariko rero n’aho biri uko, abagendana ubumuga n’abantu nk’abandi kandi bashoboye no gukora vyinshi nk’abandi bose bakomeye. Chancelle Bayubahe yaraganiriye n’umwana yavukanye ubumuga […]
Akazi
Inzara irarembeje abantu mu gisagara ca Bujumbura
Mu gihe abantu basabiririza mu gisagara ca Bujumbura baguma biyongera uko imyaka ihera, abantu benshi baribaza nimba ababayeho nabi muri ico gisagara ari abo babona ku mabarabara hamwe no mu bindi bibanza bihuriramwo abantu benshi gusa. Jean Désiré Nduwayo aratuyagira […]
Brarudi yoba ishimisha abanywanyi ku rugero rumwe?
Uburundi burafise amahinguriro y’ibinyobwa atandukanye, vyaba ivyambiye canke ibitarimwo umwambiro. Ariko muri ayo mahinguriro yose, Brarudi iguma iza imbere, haba mu burambe muri ico gikorwa, eka no mu bwinshi canke akanovera k’ibinyobwa ishira kw’isoko. Désiré Sezikeye aratumenyesha bimwe mu bijanye […]
Ubuzima bw’abahejeje amashure ya kaminuza mu Burundi
Mu gihe, mu myaka iheze, twari tumenyereye ko uwuhejeje amashure ya kaminuza aca aronka akazi bidatevye, ubu sikwo bikiri. Uko imyaka ihera nikwo n’ibintu bihinduka. Muri kino gihe ayo mashure yararwiriye maze abayaheza baba benshi. Ari naco gituma benshi bibagora […]
Igiturire kizocika ryari mu Burundi ?
Mu gihe abategetsi benshi b’igihugu cacu, uhereye ku bo hejuru gushika ku nzego zo hasi bama basemereye, eka mbere bakanagabisha abarya ibiturire, umuntu aribaza igituma igiturire kidahera canke ngo kigabanuke mu gihugu cacu. Oscar Niyonkuru aratuyagira uko abibona n’ico yiyumvira […]
Kwubaka birashoboka naho twoba tutagira uburyo bwinshi
Mu gihe muri ino minsi hibonekeza ukubura akazi ku rwaruka ruhejeje amashure, abatari bake biranabagirako ingaruka mbi mu bijanye n’imibano. Renovat Ndikumwenayo aravyihweza agasanga benshi mu bakiri bato badafise akazi badashobora no kwubaka izabo nk’uko abituyagira.
Uwutazi ubwenge ashima ubwiwe
Abatari bake baripfuza ibikorwa canke ubuzi bokora ngo bibesheho, ariko bikabagora kubironka. Kurabira akarorero ku bamaze kubigerageza bigakunda, ni kimwe mu vyofasha uwifuza gutera imbere. Iradukunda Laude Ersine araducira ku mayange.
Umuziki n’akamaro kawo mu Burundi
Mu gihe umuziki, waba kavukire canke mvamakungu, usanzwe ukundwa kandi ugafasha benshi, Prosper Niyonkuru araducira kumayange ivy’umuziki w’i Burundi hamwe n’icokorwa kugira ubandanye kugira akanovera wamanye.
Ukwandika neza biratanga akazi
Abarundi barayamaze ngo “agatakaye ntaho katabarizwa”, Aminadab Havyarimana abona ko ubu mu Burundi dushobora no kuvuga duti“akazi ntahokatarondererwa canke ntakwokataronderwa”! Muri iyontumbero, kwandika neza birashobora gutanga akazi gashimishije kubabishoboye.