Abenshi, mu bize amashure ya kaminuza, baramenyereye kubona urukundo ruvuka hagati y’abanyeshure, baba abigana canke abegeranye mu mashure. Ariko rero, akenshi, urwo rukundo rurateba rugasa nk’urwo mw’ishure gusa kuko iyo bahejeje ayo mashure, abenshi baratandukana. Désiré Sezikeye araducira ku mayange bimwe mu vyo biturukako.
Ishure kaminuza ni kimwe mu bibanza usanga bihuriramwo abanyeshuri benshi kandi bavuye mu mihingo itandukanye y’igihugu. Abo banyeshuri baba bazanywe no gukurirana inyigisho. Ariko, hambavu y’izo nyigisho, haranavuka urukundo hagati y’inkumi n’imisore bahahuriye. Ariko kandi, kuri bamwe, urwo rukundo rumara umwanya urume rumara. Abagize ngo barabandanije na bo ugasanga, akenshi, baruhiye gutandukana.
Ukwo vyose bitangura
Nk’ukwo nagiye ndabibona aho mperereye, abanyeshure batanguye umwaka w’ambere wa kaminuza bagenda baramenyana ukwo iminsi igenda irahera, bakanagenderanira cane. Biba ari vyiza kuko umuntu arahungukira abagenzi bashasha. Birashika rero ukanasanga bamwe mu nkumi n’imisore batanguye kugira utugwi tugwi twa babiri babiri tugizwe n’inkumi n’imisore. N’ukwo urukundo rukaba ruravutse hagati yabo bantu babiri. Eka ndetse n’ababona bene utwo tugwi ntibateba kuvuga ngo «kanaka na kanaka basigaye bakundana». Utwo tugwi rero turabandanya twiyongera gushika nko ku mezi atatu ya mbere. Ayo mezi atatu amaze guhera ibintu ugenda urabona bihinduka buhoro buhoro.
Haheze nk’amezi agera kuri atandatu, uravye neza, ibintu ntibiba bikimeze nka mbere. Bamwe umuntu yahora abona ko bakundana, usanga hari icahindutse. Igitigiri ca twa tugwi naco kigabanuka. Hari n’ababa basigaye bahurira mu kigo ca kaminuza ugasanga baramukanije nk’abatazinanye. Naho biba bimeze ukwo, hari bamwe bashima kubandanya urukundo rwabo. Ariko rero, imyaka ibiri iza guhera hasigaye bake cane mu vy’ukuri bitwa ko bakundana. Abo nabo baba basigaranye, uvyihweje, urashobora kubona neza ko ari abantu bafise umugambi wo kubana muri kazoza naho bidaheza ngo bigende ukwo kuri bose.
Mu mpera z’amashuri
Mu myaka iheza amashuri abenshi bayiga bafise inyota y’akazi. Ku basore, bakavuga ngo : « Icompa akazi mpejeje amashuri noca nzana umugeni nanje!». Abigeme n’abo ngo : «Noheza nyabuna nkironkera umugabo vyoba bihimbaye, akazi naho koza mu nyuma ntaco vyontwara!».
Bamwe biswe ngo barakundana bigana canke bashikiye rimwe muri kaminuza, ivyabo bitangura gufata iyindi sura muri iyo myaka. Abigeme batangura kubona ko boba barihenze mu gukundana n’abanyeshure bagenzi babo, bagaca batangura kurondera mu mpisho urukundo hanze ya kaminuza.
Abenshi rero muri abo bigeme ngo boba bafata iyo ngingo kuko usanga abo baba bakundana kw’ishuri ivyabo biba bisa nk’ibikirimwo igipfungu. Bakabona ko bobacereza narirya bobo imyaka yabo iba iriko iregera imbere cane. Uyu wewe agira ati : « Iyo umuhungu ahejeje ishuri biramusaba imyaka igera nko kuri itatu kugira yitegurire neza ivy’urugo. Iyo nayo ni myinshi. Ari na yo mpamvu abenshi duca duhitamwo kwijanira n’abamaze kwitunganya neza».
Bamwe mu basore bahebwe muri ubwo buryo usanga agahinda ari kenshi bakabonako baba barataye umwanya wabo, mbere ukamenga baracitse intege zo kwongera kuvugisha abandi bigeme.
Impanuro yanje
Ndabiravye neza, ndabona ko abo bigeme badaheba abo basore baba bakundanye igihe kinini kukubera babanse. Ahubwo, imvo nyamukuru nabonye n’ukwo abo basore ataco baba bafise kiboneka mu maso y’abo bigeme. Ico mbona n’ukwo abo bigeme boreka kwihutira kuja kwubakana n’abo badakunda ngo n’ukwo bafise ibintu ariko ata rukundo babafitiye. Kuko nagiye mbona ko abenshi mu babigenje ukwo ingo zabo zidaheza ngo zikomere. Hanyuma ngatera akamo imisore na yo ko yoza iravyakira mu gihe bihitse, bakihangana ntakundi.
Ukuri Nuko.uguhemuka ko kubigeme bizokwamaho kuko umusore mwiza ni cash kurubu.
Vyukuri ukwo ni ukuri. Gukundana ni vyiza ariko guca ugirako wiyemeza ikintu kand ata kintu ufise navyo ni bibi.
Jew ndi ku kazi, hama ariko umusi umwe naregerey umwigeme umwe wo muri kaminuza ari mu mwaka wa mbere ndamusaba ko ankundiye twokwibanira kand ko atakumufyinatisha kurimwo,ndanamwereka ibipapuro vyos vyerekana ko nkora,ariko aruhira kumbwira ko afise uwo yakunze kandi atazohemukira. hama nanj ntivyatevye naciy ngira amatohoza nca nsanga akundanye n’umunyeshure nyene wo muri kaminuza. Ariko ubu numva ko boba batakiri kumwe. Muri make, urukundo ni rwiza kand nta muntu n’umwe Imana yaremewe kwankwa. Urukundo ntawurushira kw’isahani ngo arurye.Urugo si urukino! nukumenya ko rusaba vyinshi biboneka. kand iyo abantu babanye ata nzara urukundo rurizana. Mu nzara naho na rwa rukundo rurahera. Abo bigeme rero n’imisore nibace akenge bameny ko ibishobisho bitacubaka,barwane n’imyaka yabo hama barabe uwo bikunda ko baca bubaka.Imisore nayo ireke gutesha umwanya abo bigeme,ariko ibakunde nkaband sans promesse.
nuko nuko nyene ivyovyos mwavuz nivyo!buriya ntarukundo rwabanyeshure
ukwo nukuri