Abasokuru barayamaze ngo « ibanga riraheberwa ». Hariho ibisata bimwe bimwe vy’ubuzima umuntu adapfa kwinjiramwo ukwo ashatse kuko haba hariho n’ivyo ategerezwa gukwiza imbere yo kwakirwa mu muryango. Ari na vyo benshi bakunze kwita urwinjizo. Kwatirwa mu mwuga wo kudandaza na vyo […]
Akazi
Ugukorera Leta ni ukwitangira abanyagihugu
Mu bisata bimwe bimwe vy’ubuzi bwa Leta, naho ababijejwe bama basemereye, haribonekeza abakozi batarangura neza amabanga baba bajejwe. Aho ni nk’abakozi batonda ku kazi batevye canke n’iyo batonze bakagakora nabi nabi. Renovat Ndikumwenayo ni we atuyagira ko ugukorera Leta ari […]
Abapfungakiwani babaye umurengera
Abatari bake baramaze kwumva ijambo “abapfungakiwani” rikunze gukureshwa mu bisagara ariko rikaba risanzwe risigura abakoresha ububeshi mu kwiba. Abo rero babaye umurengera kandi barageramiye abantu batazi kwiyubara kuko bama bivye abatari bake nk’uko Jean-Désiré Nduwayo atuyagira ivyamushikiye.
Kwinjira mu nzego z’umutekano ntivyoroshe
Haraheze iminsi ubushikiranganji bw’inzego z’umutekano butumyeko kwiyandikisha ngo ababishaka binjire muri izo nzego. Ibibazo vya mbere vyaramaze gukorwa maze ubu hasigaye gukora ivya nyuma. Ariko rero, nk’ukwo Oscar Niyonkuru avyihweza, kugira ngo ushobore gukwiza ibisabwa vyose ntivyoroshe. Ivyo rero ugasanga […]
Abigisha barakwiye kuronswa agashahara gashimishije
Abigisha bari mu mirwi y’abantu batuma ubuzima bw’igihugu bubandanya gutera imbere. Abo rero ni bo batanga ubumenyi maze igihugu kikaronka incabwenge zigifasha gutera imbere. Ariko rero, nk’uko ‘umukozi wese aberwa n’impembo’, agashahara kabo siko gashimishije kuko abenshi birabagora gutunga imiryango […]
Ubukene bw’abarimu mu mashure
Mu mashure atari make yo mu gihugu, haribonekeza ubukene bw’abarimu. Naho henshi binanirana ugasanga abana bariko bariga mu buryo budashimishije, hari ayandi mashure yiyungunganya maze agashobora gusukamwo mabisi ivyigwa bikabandanya neza. Akenshi rero, ivyo bikunda biturutse ku kwiyungunganya kw’abavyeyi n’abarimu […]
Urwaruka ruriteguriye kwitunganiriza imigambi ?
Muri ino minsi, haribonekeza ikena ry’akazi, na cane cane mu rwaruka hirya no hino mu gihugu. Ariko kandi, Leta yarafashe ingingo zogushira no mu nyigisho zo mu mashure ibijanye n’ukwitunganiriza imigambi. None urwaruka vy’ukuri ruriteguriye kwitunganiriza imgambi ya rwo kugira […]
Urukundo rurashoboka muri kaminuza?
Abenshi, mu bize amashure ya kaminuza, baramenyereye kubona urukundo ruvuka hagati y’abanyeshure, baba abigana canke abegeranye mu mashure. Ariko rero, akenshi, urwo rukundo rurateba rugasa nk’urwo mw’ishure gusa kuko iyo bahejeje ayo mashure, abenshi baratandukana. Désiré Sezikeye araducira ku mayange […]
Urupapuro rutoroshe kuronka
Mu Burundi, abantu bamaze gusaba akazi ka Leta canke bakarondera izindi mpapuro zikomeye mu biranga ubuzima bwabo, hari urupapuro rudahara muri izo. Urupapuro rwerekana ko umuntu ataronderwa n’ubutungane ruri muri zimwe iyo uzironse wiruhutsa. Urwo rupapuro, kugira ururonke utegerezwa kwihangana […]