Umuco wo gufashanya uri muri vyinshi vyamye biranga Abarundi aho babaye hose. Ariko rero, ukwo imyaka igenda irahera, uwo muco ugenda uratituka ku buryo usanga hari na bamwe basigaye bibaza aho tuzoba dushitse mu minsi iri imbere. Divin Dushime ni we atuyagira ukwo yibaza ko ibintu vyari bikwiye kugenda kugira ngo Abarundi bagumane akaranga k’ubuntu kamye kabaranga.
Kuva kera na rindi, Abarundi bamye basangira akabisi n’agahiye. Ariko rero, nubwo vyari ukwo, muri kino gihe, uwo muco mwiza uriko uratituka mu gihugu. Haraciye imisi ngerageza kwibaza igituma Abarundi ba kera basangira twose : umubabaro n’umunezero, vyose barabisangira. Nasanze atari ubutunzi bwinshi bwabibatera, ariko bari bafitaniye urukundo.
Uko imyaka igenda irahera, mbona ibintu bigenda biba bibi gusumvya. Aho usanga mu kibano, eka no mu miryango atawucibuka n’uwo bavukana agowe. Ariko rero, hagize uwitaba Imana, bose bagasidukana n’iyonka ngo bagiye gushingura uwabo. Ivyo bikantera kwibaza igituma Abarundi bagenda barahinduka.
None ivyo vyose vyoba biva kuki ?
Ngerageje kwihweza hirya no hino uko Abarundi tubayeho, itituka ry’umuco mwiza wo gufashanya muri vyose wamye uturanga ririko rikomezwa n’ingorane duhitiyemwo z’iryane za politike. Izo nazo zigakwega vyinshi harimwo ubukene, ugusanzara kw’imiryango, ubuzima bugoye, n’ibindi… Ariko rero, sivyo gusa kuko n’Abarundi ubwacu turabifisemwo uruhara. Hari imigenzo n’imico y’Abarundi turiko turasubiriza n’iyo dukura mu mahanga canke iyo twiga biciye mu mareresi turaba n’ibivamahanga twumva.
Kuki twibuka abacu bamaze gupfa ?
Mu kinjana turimwo ca 21, eka n’ico twarangije ca 20, niho mbona cane ingaruka mbi z’itituka ry’uwo muco wo gusangira twose nk’abavukana. Aho usanga, mwenewanyu canke umugenzi agize akabazo kandi ufise uburyo utiyumvira kumugarukirako, eka naho womwibuka ukibwira uti : « Erega nawe nyene arabona ko ivyo iki gihe bigoye… » Ariko hageze ifubwa ryiwe, ukaba mu ba mbere bakora urubanza rwiwe eka n’agatumba kose kakabitangarira. Mugabo abantu benshi bagasigara bibaza bati : « Ni kuki yibutse kumufasha ari uko apfuye? » Ubu rero, bivanye n’ukwo ukwitwararikana kwatitutse, niho n’abaraga bateba bakabwira abo basize bati : « Utimenye, uzopfa baguhambe ».
Kwumva ko utabumbwe n’ivyo ufise
Muri kino gihe ubukene bwarabaye icitwazo co kudafashanya. Ni nde akenye, ni nde atunze? Ico kibazo uwo ari we wese yocibaza. None ko nzi twuzuranye abagwizatunga, ariko nabo nyene ukumva ngo turakenye. Hari akantu umwe ataco afise we? Aho rero n’uwugize utwo aronse abona ko akuyemwo duke twogufasha uwundi yoba ahomvye. « Ukora iciza ukagisanga imbere », uwo mwibutsa wari ukwiye kutwibutsa vyinshi. Tuzogeza ryari kuvuga ko tutikwiye gushika naho ataco twofashanya? Uzotunga ibingana gute kugira ufashe umugenzi canke umuryango wawe? Twarii dukwiye kwikebuka.
Nti vyari bikwiye ko duta akaranga ngo turiko turiga ingeso z’ibindi bihugu. Umurundi wese, aho ari hose, yari akwiye kugumana akaranga k’i Burundi. Ni kuki iyo ubonye ingoma zitambwa uryoherwa ndetse ugashobora no gukumbura i Burundi igihe uri mu mahanga? Biranashoboka rero ko ugumana uwo muco w’ugusangira twose na mugenzawe aho uherereye hose… !
Ico mbona gikwiye n’ukwo ata muntu yari akwiye kwirengagiza mugenziwe ngo ibintu biragoye mu gihe ukwitanga bishoboka. Mbona iyi si n’ivyo tuyironkerako tubisiga vyose ari na yo mpamvu dukwiye kwitwararikana gusumvya kwitaho amatungo yacu. Ivy’isi birahera abantu bagasigarana.
Divin ntarira busema! abantu sinovuga ngo twabaye ibikoko kuko ibikoko urukundo bifitaniye rurarenze! muravyihweza namwe! jew ubu nsa n’uwahebuye! ubu ugiz ngo ugomba ufash abantu bubu nukuri wopfa nabi. Ehe raba ugiz agatima keza baca bibaza ngo uri akajuju,hama bakaza bose ngo ubafashe. waheza kubamarirako utwawe,ukumva ururirimbo mw’ibarabara bakwigamba ngo twaragashoboye. Mwahura ukaza wumva ngo twongere Muta ! Muvukanyi nukuri jew ndafis batoyi banje nagerageje kwitaho ariko biranka gose kuko mu bwenge bwabo ntibigez babona iciza nariko ndabagirira kubera bigumira mu rumogi. ubu nararushe ndateba ndabaheba gose. Nukuri muvukanyi wofasha uwifashije. Nayo iryo jambo « gufashanya » urarikura no mu kanwa kuko ubu ntivyoroshe kubera:
1.ubukene
2.urwanko mu vya politike
3.itituka ry’imico
4.irwirirana ry’abantu
5.ibirwara vyadutey
6.isi yaze ituma abavukana bacanamwo.
7.ubutungane buke butuma inzankano zigwira.
Frère murakoze kwico ciyumviro mudusangije. Ariko twizere IMANA ko izobihindura.
Murakoze gose Ntaconayagize Innocent. Nizere ko hari icigwa mwakuyemwo…. Abafashwa nabo barakwiye kwikebuka… Ariko tukagumana umuco wacu.