Mu gisagara ca Ngozi, iyo isaha zitatu z’ijoro zigeze, amaduka menshi aca yugara. Bamwe mu badandaza bakidogera igipolisi ko ari co kibategeka kutabandanya imirimo yabo. Jean Marie Vianney Mico yaraganiriye na bo.
« Mu bindi bihugu bakora ijoro n’umurango. Kiretse ko umuntu abura aho asumira mu masaha y’ijoro, birababaje kubona amaduka yugara ku murango kandi afise ibidandazwa yisangije yonyene. Uko ni ukutamenya ico uba uriko urakora ic’arico ». Uko ni ko umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza abona ibintu. Ivyo akaba yabivuze igihe yariko yugurura ku mugaragaro umugambi wo kwagura igisagara ca Bujumbura, mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo, umwaka w’2017.
Koko si agaseseshwarumuri, ni ko bimeze mu bisagara vyose vy’Uburundi. Aho mperereye mu gisagara ca Ngozi rero, ubona amaduka menshi yugara igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba. Abihanganye nabo ugasanga bagejeje isaha zibiri canke zitatu z’ijoro. Nagerageje kumenya imvo zibitera.
« Igipolisi ni co cugaza amaduka »
Mu gihe usanga hamwe hamwe ku vyapa handitseko ko bakora amasaha mirongo ibiri n’ane kuri mirongo ibiri n’ane, kenshi usanga amazu y’idandarizo ry’imiti (amwe amwe naho nyene) ari yo yonyene yinanata akageza isaha zine z’ijoro.
Butoyi, umwe mu badandaza b’amaduka bakorera hafi y’isoko nkuru yo mu gisagara ca Ngozi yarambwiye imvo zimutuma yugara atevye : « Kera isoko nkuru yugaye, twaba turonse akaryo ko kudandaza neza. Imbere y’umwaka w’2015 twaradandaza tukageza isaha zitanu z’ijoro. Ico gihe umuntu yugara ari uko abonye abamushorera barangiye. Ariko kuva igihe hahakiwe kuba ihirikwa ry’ubutegetsi, ibintu vyaciye bihinduka ku mvo z’umutekano muke. Abapolisi baciye batangura kutwugaza isaha zitatu z’ijoro. Kugeza n’ubu rero, uwuhirahiriye akarenzako n’umunota n’umwe ahakwa kubizira ».
Ivyo kandi biremezwa na Cyprien, akora akazi ka kimyozi mw’ico gisagara nyene. Agira ati : « jewe abimosha ndabaronka cane ku mugoroba, abantu bavuye ku kazi. Ariko hageze isaha zitatu z’ijoro, ubona abapolisi bagushoyeko amaguru ngo ugara ! Watebagana na gato ukaba uciwe ihadabu ubutarariye.»
Nagerageje kwegera abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano kugira numve imvo zibatuma bafata ingingo zo kwugaza imirimo kuri ayo masaha, ariko nta kinini bashimye kubivugako ku mugaragaro. Umwe muri abo bapolisi batumwa ico gikorwa niwe yanyongoreye ati : « burya ni ku mvo zo kubungabunga umutekano. Ibirabo vy’urwarwa tuvyugara isaha zitatu, ivy’ibiyeri navyo isaha zine z’ijoro ». Ico bikoze ni uko baca bajaniranya n’amaduka, nk’uko navyiboneye.
Igihe imvugo itandukanye n’ingiro
Abajejwe intwaro n’umutekano ntibasiba kuvuga ko amahoro n’umutekano ari umusesekara mu gihugu cose. Yamara ivyo ni ukuri, naho nyene ata mwonga ubura isato. None abo bobo bugaza amaduka mu gisagara ca Ngozi babikura kuki? Babitumwa na nde? Bibaza iki kw’iterambere?
N’uko rero naho twomara ijoro n’umurango dusemerera ngo abadandaza b’Abarundi nibahindure ingendo mu bijanye n’ugukora, kugira na ntaryo bahiganwe n’ibindi bihugu mw’iterambere, ntibishoboka mu gihe ico ciyumviro kitabonwa kumwe iyo kigeze mu ntwaro no mu bajejwe umutekano.
Ku bwanje rero, ndashigikiye ico ciyumviro c’umukuru w’igihugu. Ni ko Abadandaza bo mu gihugu cacu barakwiye guhindura mu kuntu batunganya imirimo yabo. Ariko, hamwe abajejwe intwaro botera intambwe bakegera abo badandaza, maze bakagirana amanama y’ukwiga n’ugutorera umuti ingorane zituma bugara mu gihe bategerezwa kuguma buguruye, vyogira ico bifashije mw’iterambere. Hama ayo mahoro n’umutekano twama turirimba tukabikamisha umwimbu.
Soma kandi:
- Ituzwa ry’utuzu tw’imbaho mw’isoko ya Ngozi
- Ngozi: nyabarega rusangi zaroye he?
- Abahejeje amashure ntibakwiye kurera amaboko