article comment count is: 1

Abahejeje amashure ntibakwiye kurera amaboko

Ukwiga ni kimwe, ukuronka akazi kajanye n’ivyo wize n’ikindi. Ubukene bw’akazi ni ingorane izigirije urwaruka mu Burundi. Ariko, bamwe bamwe bahisemwo kwiyungunganya. Jean Désiré Nduwayo araduha uburorero, agaheza akerekana ingene Leta yoshigikira utwigoro twa be n’urwo rwaruka.

Ndayiragije ni umwe mu bashoboye kwiga bongera bararangiza kaminuza. Aciga, yari afise icizere ko ahejeje azoca aronka akazi ko kuvura kuko yari yize igisata c’ubuvuzi . Ariko, ivyo ntivyabujije ko kakazi gakena. Naho vyar’uko, ntiyareze amaboko, yaragerageje kwiyungunganya ari kumwe n’umugenzi wiwe bize hamwe. Babicishije mu gukora ibiraka hirya no hino, barateba bararonka umutahe. Niko kwigira inama yo gutangura gukora urudandaza.

Uyo musore Ndayiragije aradushingira intahe : “maze gusubira hagati mu gihugu iwacu, nararonse akaraka k’indwi zibiri. Udufaranga nkuyemwo nca ndatugarukana i Bujumbura, nja hamwe n’umugenzi twiganye, twugurura akazu k’idandarizo. Naho nyene inyungu idashemeye cane, turashobora gufungura, tukariha n’inzu tubayemwo, mbere tukikenura no mu tundi twa nkenerwa dutandukanye.” 

Niyonkuru nawe nyene n’umusore ahejeje ishure vuba i Bujumbura. Ubu aritunze, ntazera inze. Arigana uko yabigenjeje: «Nakize guheza amashure, nca negera umugenzi anyigisha gufata amasanamu. Uno, nahora ndamuherekeza mu biraka, akampako ku gahembo, nteba ndashika aho nigurira ibikoresho vy’iwanje. None ubu nsigaye ndi bitumwako, mbere n’uwanyigishije nsigaye ndamurusha ».  

Dukure amaboko mu mpuzu

Kuva aho igihugu kigiriye mu ngorane za politike, ubutunzi bugacumbagira, vyaragaragaye ko Leta itagishoboye gutanga akazi ku bahejeje amashure bose. Kubwanje nobahanura gukora uko bashoboye kwose, bakirinda kurera amaboko. N’agaterantimba kubona umuvyeyi yikokora agasomesha umwana, yamara kugera mu bigero, akagaruka kwicara i muhira ngo arindiriye akazi atazi iyo kazova ! N’ukwiyungunganya rero, mbe nka wa wundi ngo « icamwa c’umugisha camurwa ku giti c’umuruho ».

Ariko kandi, Leta nayo yar’ikwiye kugira ico ikoze. Nimba koko idashoboye gufasha urwo rwaruka mu kururonsa imitahe mitomito yo gutanguza imigambi yo kwiteza imbere, yogabanura bimwe biboneka urugero rw’amakori asabwa abakigerageza gutanguza iyo migambi. Kira noneho, ngo «aho utateye isuka ntuhatera intemere». Atar’uko naho, ubukene buracatuzigirije. 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Yemwe Yemwe Twese Twobishobora Ahubwo N,uko Twabuze Ubwoburyo Nka Jewe Ngira Mare Imyaka 2 Nshomye Ariko Ntanikiraka C,umusi Umwe Ndaronka Ariko Twaragiye Hamwe Dushinga Aga Cooperative Mubijanye N,uburimyi Ariko Imvura Yaranse Kurwa Kandi Ntituronka N,uwodukurikirana Ngo Tube Twotera Imbere N,ishirahamwe Rije Riza Rije Kwikoranira N,abo Ba Boss None Mw,umva Urwaruka Ruhejeje Amashure Tuzobaho Gute Atakitwitaho?

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.