article comment count is: 0

Ngozi: nyabarega rusangi zaroye he?

Mu mwaka w’2011 ushira 2012, mu gisagara ca Ngozi harabonetse nyabarega rusangi. Zino ntizamaze kabiri, kuko zose zahereje kuzimira. Dushime Divin aratubwira vyinshi ku bijanye n’akahise k’ivyo bikoresho rusangi.

Haraciye imyaka itanu, mu gisagara ca Ngozi hari harashizweho za nyabarega rusangi. Zigishirwaho, impinduka zijanye n’ivyisuku ntizari agaseseshwarumuri. Muri irya misi, abantu ntibari bagifungura ivyamwa hama ngo bate ibishishwa aho babonye hose, canke na bamwe bakora urudandazwa rutoruto ngo basanzaze ibisigarira irya n’ino kw’ibarabara. Gutyo, ukwegeranya iyarara vyaroroha.

Nk’uko womengo ivyo vyari agahararo gusa, izo nyabarega rusangi ntizamaze na kabiri. Bukebuke, zagiye ziribwa, noneho zose zirazimangana. Buno rero abanyengozi basubira muri ya ngendo yo gusanzagiza iyarara hirya no hino kw’ibarabara.

Aha rero umuntu yokwibaza nimba koko isuku ry’aho tubaye ryoba ari icoraza ishinga abanyagisagara ca Ngozi. Twokwibaza kandi impamvu zoba zaratumye umugambi mwiza nk’uwo ugenda amazimayongo, ibintu bikaza gusubira muri kamere ya kera.

Inyigisho n’ingingo ni wo muti

Abategetsi bacu n’aho borara barakora gute ngo bateze imbere uburere bajejwe, abanyagihugu batabanje gutahura ineza iyo migambi ibafitiye, nta kamaro.

Burya sinkekeranya ko izo nyabarega zahereje kuzimira kubera abanyagihugu bo bene kuzikoresha batitayeho kuzikingira, kuko noneho batatahura akamaro kazo kuri bose.

Ku rundi ruhande, n’abategetsi nyene ntibashize inguvu mu gukingira iryo terambere kugira ngo bikunde rirame. Kanatsinda nta bihano bibikiwe uwohirahira agafatwa ariko aronona izo neza rusangi vyamenyeshejwe.

Ku bwanje, ukutamara kabiri kw’izo nyabarega kwari gukwiye guha icigwa gikomeye abanyagisagara b’i Ngozi. Bomenya ko ukwonona ineza rusangi bifise ingaruka kuri bose. Kanatsinda ingorane ziva kw’isuku rike iyo zishitse, ntiziraba uwo zihitana, ni twese hamwe.

Nayo inzego zirongoye igisagara, co kimwe n’abo bose bashigikira iterambere ry’igisagara, bomenya ko mu gihe abanyagihugu batabanje gukurwamwo ukutamenya, twokwubaka ibingana isinzi, ariko vyose bigaherengetera nk’ifu y’imijira. Noneho iruhande y’inyigisho, hakarangwa ingingo n’inama.

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.