Mu vyivugo vyayo, Kaminuza y’Uburundi iti: “turi ikigega c’ubumenyi, urumuri rumurikira igihugu mu majambere.” Ariko, hari inyifato za bamwe mu banyeshure bayo zigaragaza ibitandukanye n’iyo ndoto. Kandi ugasanga na bamwe mu ndongozi bazifisemwo uruhara. Inkuru z’abanyeshure basinzikariza ubuzima abandi mw’ijoro, […]
Abanyeshure
Ibintu 4 wofasha umunyeshure ariko arakora ikibazo ca Reta
Ni kuwa 28 Mukakaro, abanyeshure barangije amashure yisumbuye baramutse bakora ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kwinjira mu nyigisho za kaminuza. Ahenshi mu miryango ifise urwo rwaruka, kubera ukutamenya, canke ukwibaza ko ari urugamba rwega bene gukora ico kibazo gusa, […]
Kaminuza y’Uburundi : kuki hari aberekana umukunzi ku musi wo gusoma igitabu ?
Muri Kaminuza y’Uburundi, neza na neza mu gisata c’ubuvuzi, abanyeshure baharangije, ku musi wabo wo gusoma ibitabu, ni ho berekana ku mugaragaro abakunzi babo. Si ko vyahoze, mbere haracariho n’abatabikora uko, ariko bitera bija kuba nk’ingendo rusangi. None iyo vyoba […]
“Senge na Dawe b’isomero” : intambwe mu kurwanya amabi afatiye ku gitsina mu mashure
Mu ntumbero yo kumenyesha no kurwanya amabi afatiye ku gitsina, n’igwirirana ry’imbanyi zitipfujwe mu rwaruka, hasigaye hari “Senge na Dawe b’ishure”, abavyeyi bitirirwa ishure kugira ngo bafashe iyo miyabaga mu vyerekeye ayo mabi, umugambi wa FAWE Burundi. None abo bavyeyi […]
Uno mwana w’umutwa ati: « Ndafise indoto »
Ahatari hake, abantu bo mu bwoko bw’Abatwa babayeho nabi, hamwe ugasanga ikibano kirabakengera, kikanabaturubika. Ivyo birasesereza ku mitima y’abana bavukira mu miryango ibayeho uko. Uno mwana Mukeshimana, wo ku mutumba Musumba muri komine Gashikanwa y’intara ya Ngozi, aratwiganira ubuzima abayemwo.
Burundi : amakuba y’abigisha bo mu gihugu hagati
Ishirahamwe Unesco ritegekanya abanyeshure bari hagati ya 14 na 20 ku mwigisha umwe, ariko abigisha bo mu Burundi boba ivyo bitigiri babirenza incuro nka 3 canke 4 kubera igwirirana ry’abantu. Ico kibazo co gisangiwe n’abigisha bose, ariko, wa wundi ati […]
Abana bitaburiyeko imyambaro y’ishure : igihano si wo muti
Inyifato abanyeshure baraye berekanye igihe barangiza ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza, abatari bake barayiteye ivyatsi; bamwe mbere baranabasabira ibihano. Uwo ni wo muti? Habe na mba! Agakete ku bavyeyi n’abarezi.
Abigisha bo mw’ishure shingiro bati : « Ubu leta ni kora ugomba »
Ingingo yo gushwiragiza abigisha igiye gukora ku miryango itari mike. Bamwe n’abandi mbere bakabona ko leta itabiyumviriyeko mu gufata iyo ngingo. Ndereyimana Félix akaba agira atuyagire ingaruka z’iyo ngingo.
Amajambo cumi utotahura utabaye muri Kaminuza y’Uburundi
Kaminuza y’Uburundi ni kaminuza imwe ifise vyinshi yisangije mu gihugu cose. Baba abanyeshure canke abakozi bayo, bose barafise inyifato ibatandukanya n’abandi bantu. Ku bijanye n’imvugo rero, Spageon Ngabo yaradutororokanirije amajambo n’imvugo cumi bikunze gukoreshwa mu bigo vy’iyo kaminuza kandi bidatahurwa […]