Twaheruka kubasabikaniriza amajambo cumi dukoresha mu rurimi rw’Ikirundi, ariko tuyakesha intwaro y’abakoroni. Tukiri mu vy’intwaro nyene, hari n’ayandi yaje muri ivyo bihe, n’ubu dukoresha, ariko yoyo akaba afise inkomoko igoye gutora, ariko ikaba ihambaye cane. Izina Buramatari ryoba ryavuye hehe ?
Indongozi
Amarira y’icibutso c’Ubumwe bw’Abarundi kiri ku musozi wa Vugizo
Imyaka 30 irarumanye mbayeho. Kumwe kw’umwana w’Imana yavukira i Nazareti, nanje nari mfise ikintumye mvuka: gukuraho indyane zishingiye “ku mazuru” zari ziziziye bene Burundi. Nashizwe ahakirurutse ku musozi Vugizo, atari ukugira abantu bame bagira urugendo baza kunsenga, ahubwo ari kugira […]
Audace Bukuru : umuyobozi asize izina ryiza
Ntimuhave mwibaza ko ari bimwe vy’Abarundi bakunze gutera amashurwe uwashengeye i bukama. Uwo yarongoye ishirahamwe SOSUMO akaba yari arongoye ibanki BNDE yari intwari, umurongozi mwiza kandi w’akarorero. Sindamuziko vyinshi cane, ariko ivyo nagize amahirwe yo kumubonako vyaranshitse ku mutima.
“Amateka” y’incungu y’ukwikukira yaririmbwe n’Abarundi
Umuganwa Rudoviko Rwagasore yakoreye ivyiza vyinshi Uburundi, ku buryo bitazokwigera vyibagirwa. Yaharaniye intahe y’ukwikukira atako arayizira, ivyo Abarundi batigeze bahengeshanya kuyaga. Turabire hamwe “amateka” yiwe Abarundi batazokwibagira, yaririmbwe na bamwe mu baririmvyi batandukanye.
Imisi 10 ata mukuru w’igihugu : ibintu 3 nasigaranye
Uburundi bwaraye buronse uwundi mukuru w’igihugu, inyuma y’ikiringo cababa imisi 10 uwahahora ashengeye. Hagati y’abifumbereje ku bw’umubabaro w’ikigandaro n’abakoze ubudahumeka kugira basubirize nyakwigendera, hari abamaze hafi amajoro 10 n’imirango 10 bari muri : « mbega biragenda gute ? » Muri abo, umwanditsi Déo Ndayishimiye […]
Kumenyesha amakuru : ubwingenge bwo mu nyandiko gusa ?
Igenekerezo rya 3 Rusama, isi yose yarahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bw’umwuga wo kumenyesha amakuru. Reka turabire hamwe zimwe mu ntambamyi zidakunze kuja ahabona.
#KwandikwaMuriKaminuza: akamo ku bushikiranganji bw’indero n’ubw’umutekano
Si agaseseshwarumuri, impapuro zisabwa abanyeshure bagiye kwiyandikisha muri kaminuza ziragoye kuronka. Zaba izo mu bushikiranganji bw’umutekano canke izo mu bw’indero, zose ntizoroshe kuronka. Muti ni igiki cokorwa kugira ngo ziboneke bitagoranye? Mbwirira bene vyo.
« Amakoperative Rwagasore », ico yari asumbije ayandi mashirahamwe yo kwiteza imbere
Nk’uruganda rw’ivyiyumviro vyo kwiganzura, umugambi wo gushinga amakoperative y’abanyagihugu warabangamiye cane intwaro y’Ababiligi. Mu mpera z’imyaka y’1950, kugira ubwigenge mu butunzi vyonyene ntivyari bihagije; Rwagasore n’abo bagendana bipfuza kubona igihugu cikukiye vyanka vyakunda.
“Umushikiranganji wa mbere” : vyinshi kuri iyo ntebe igiye kugarukanwa mu Burundi
Inyuma y’amatora y’2020, aho kugira umukuru w’igihugu afise ivyegera bibiri nk’uko twari tubimenyereye, amabanga yo kurongora igihugu azoba yega abantu babiri bakomeye : umukuru w’igihugu hamwe n’umushikiranganji wa mbere. Reka turabire hamwe ivy’iyo ntebe yari yarigeze kuba mu ntwaro y’igihugu cacu, […]