Umuganwa Rudoviko Rwagasore yakoreye ivyiza vyinshi Uburundi, ku buryo bitazokwigera vyibagirwa. Yaharaniye intahe y’ukwikukira atako arayizira, ivyo Abarundi batigeze bahengeshanya kuyaga. Turabire hamwe “amateka” yiwe Abarundi batazokwibagira, yaririmbwe na bamwe mu baririmvyi batandukanye.
Indongozi
Imisi 10 ata mukuru w’igihugu : ibintu 3 nasigaranye
Uburundi bwaraye buronse uwundi mukuru w’igihugu, inyuma y’ikiringo cababa imisi 10 uwahahora ashengeye. Hagati y’abifumbereje ku bw’umubabaro w’ikigandaro n’abakoze ubudahumeka kugira basubirize nyakwigendera, hari abamaze hafi amajoro 10 n’imirango 10 bari muri : « mbega biragenda gute ? » Muri abo, umwanditsi Déo Ndayishimiye […]
Kumenyesha amakuru : ubwingenge bwo mu nyandiko gusa ?
Igenekerezo rya 3 Rusama, isi yose yarahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bw’umwuga wo kumenyesha amakuru. Reka turabire hamwe zimwe mu ntambamyi zidakunze kuja ahabona.
#KwandikwaMuriKaminuza: akamo ku bushikiranganji bw’indero n’ubw’umutekano
Si agaseseshwarumuri, impapuro zisabwa abanyeshure bagiye kwiyandikisha muri kaminuza ziragoye kuronka. Zaba izo mu bushikiranganji bw’umutekano canke izo mu bw’indero, zose ntizoroshe kuronka. Muti ni igiki cokorwa kugira ngo ziboneke bitagoranye? Mbwirira bene vyo.
« Amakoperative Rwagasore », ico yari asumbije ayandi mashirahamwe yo kwiteza imbere
Nk’uruganda rw’ivyiyumviro vyo kwiganzura, umugambi wo gushinga amakoperative y’abanyagihugu warabangamiye cane intwaro y’Ababiligi. Mu mpera z’imyaka y’1950, kugira ubwigenge mu butunzi vyonyene ntivyari bihagije; Rwagasore n’abo bagendana bipfuza kubona igihugu cikukiye vyanka vyakunda.
“Umushikiranganji wa mbere” : vyinshi kuri iyo ntebe igiye kugarukanwa mu Burundi
Inyuma y’amatora y’2020, aho kugira umukuru w’igihugu afise ivyegera bibiri nk’uko twari tubimenyereye, amabanga yo kurongora igihugu azoba yega abantu babiri bakomeye : umukuru w’igihugu hamwe n’umushikiranganji wa mbere. Reka turabire hamwe ivy’iyo ntebe yari yarigeze kuba mu ntwaro y’igihugu cacu, […]
Itorwa ry’uwuzoserukira Cndd-Fdd : hari zimwe mu nyifato ziteye amakenga
Umugambwe Cndd-Fdd waraye utoye uwuzowuserukira mu guhiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu mu matora Abarundi bimirije. Iyo nkuru imaze kumenyekana, hari inyifato n’imvugo zakurikiye. Umwanditsi Déo Ndayishimiye akazifatirako mu kuvuga ati : « Abarundi dukwiye guhinduka ».
Imvugo 10 zazanywe n’intureka zo mu mwaka w’2015
Amagume yose aba afise ibiyatuma, abo aturutseko n’ivyo atera, eka mbere n’imvugo bwite bijana. Amajambo mashasha aravuka, ayahahora akagira izindi nsiguro. Kuyaha insiguro y’ukuri biba bigoye, iyo utari mwene kuyatora. Ariko, uwogerageza gusorongora amwe amwe duhora twumva, kugira vyoroshe kuyatahura, […]
“Senge na Dawe b’isomero” : intambwe mu kurwanya amabi afatiye ku gitsina mu mashure
Mu ntumbero yo kumenyesha no kurwanya amabi afatiye ku gitsina, n’igwirirana ry’imbanyi zitipfujwe mu rwaruka, hasigaye hari “Senge na Dawe b’ishure”, abavyeyi bitirirwa ishure kugira ngo bafashe iyo miyabaga mu vyerekeye ayo mabi, umugambi wa FAWE Burundi. None abo bavyeyi […]