Umukenyezi Spès Nzeyimana yavuye i muhira aja gusumira umuryango, hama ahura n’isanganya rikomeye, bituma aja ku bitaro vy’i Gitega. Yamara ukubura amahera y’ingwati vyaramukwegeye. Félix ndereyimana aratwiganira ido n’ido ry’amakuba uwo muvyeyi yagize.
Félix Ndereyimana
Amakuba y’abubatse iyo batevye kuronka uruvyaro
Mu Burundi, agaciro gahabwa umwana ni ntangere. Iyo rero kanaka yubatse urwiwe, abaryango biwe baba barindiranye igishika uruvyaro rw’urwo rugo rushasha. Iyo bitevye canke bikanka burundu, hari abagera no ku kwahukana. Ndereyimana Félix aratuyagira ingorane za Mukeshimana Vanessa.
Ibiciro vy’amakaye : « amaborogo y’intare ntabuza ishamba gusha »
Haraciye ikiringo kirenga gato iyinga rimwe, umwaka mushasha w’amashure shingiro n’ayisumbuye utanguye. Nk’uko vyagaragaye ku masoko, uko umusi wo gutangura amashure wegereza, ni ko ibiciro vy’ibikoresho vy’ishure vyagenda biraduga. Félix Ndereyimana ati : « leta ntiyitayeho umunyagihugu mw’iyo misi ».
Abigisha bo mw’ishure shingiro bati : « Ubu leta ni kora ugomba »
Ingingo yo gushwiragiza abigisha igiye gukora ku miryango itari mike. Bamwe n’abandi mbere bakabona ko leta itabiyumviriyeko mu gufata iyo ngingo. Ndereyimana Félix akaba agira atuyagire ingaruka z’iyo ngingo.
« Ukudasohokana » n’umukunzi nk’inkomoko y’umubano mubi
Nshimirimana Claudia ni umukenyezi amaze igihe kitari gito yubatse. Kuva yinjiye urugo, hari ingendo zimwe zimwe umunega wiwe asa n’uwahagaritse, nko kumusohokana, maze ivyo bikamutera amakenga. Ndereyimana Felix yaraganiriye n’uwo mupfasoni.
“Ishure ry’akarorero”: amamuko y’umunyeshure ntiyari akwiye gusumvya agaciro amanota yiwe
“Ishure ry’akarorero” rigiye kumara umwaka waryo wa mbere ritangujwe mu Burundi. Intara abaryigamwo bakomokamwo, amanota baronse mu kibazo gitanga uburenganzira bwo kuryinjiramwo, ni bimwe mu vyafatiweko mu gucagura abaryigamwo. Ndereyimana Félix akaba anegura ukuba intara zashizwe imbere y’amanota ya bene […]
« Inama y’imvukira » canke amacakubiri afatiye ku ntara ?
Amategeko n’amateka agenga igihugu c’Uburundi ararekurira abavyifuza, abasangiye inyungu canke ivyiyumviro kugira amakoraniro. Ariko kuba hari abashobora gukorana nk’imvukira z’akarere kanaka ngo bige ibibazo vyo muri ako karere, maze bagakumira abandi Barundi bari n’ico baterera mu buzima bwa ho, Ndereyimana […]
Burundi : ikete ku mushikiranganji w’indero n’amakaminuza
Umushikiranji w’indero, amakaminuza n’ubushakashatsi aheruka gufata ingingo ihagarika indirimbo zimwe zimwe zahora ziririmbwa mu mashure mu mwanya wo kuduza ibendera ry’igihugu. Ndereyimana Félix akaba yasanze ingingo yo kuziririmba itari yavuye mu bushikiranganji, yahisemwo kwandikira uwo mutegetsi amukengurukira kubw’iyo ngingo.
Kwigisha abana ku buntu: umugambi ubangamiye akanovera k’indero mu Burundi?
Kuva mu mwaka w’2015, umugambi wo gushigikira itunganywa ry’inyigisho mu mashure, hamwe no guteza imbere akanovera k’ubumenyi buhabwa abigishwa warahagaze. Ndereyimana Félix aratuyagira ku kamaro k’ikigega mfashanyigisho c’uwo mugambi, hamwe n’ingaruka z’iyugara ryaco.