article comment count is: 1

Armel na Parfait, mwarakoze !

Sinkunze cane kwandika ibisomwa birebire bica kuri Yaga mu Kirundi. Ariko, uyu musi, bibaye ngombwa. Muti kuki ? Ni uko igisomwa canje ca mbere campuje na Yaga cari canditse mu Kirundi. Kino gisomwa ndagituye amazina abiri ya mbere mwabonye mu mutwe w’ijambo. Abo bambereye kirumara cane mu rugendo rwanje na Yaga. Mu gihe haciye imisi ine Yaga ihimbaje isabukuru y’imyaka cumi imaze, mpisemwo kwandika kugira nshime.

 Turi muri Kigarama 2019. Niga mu mwaka wa 3 kuri kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika mu gisata ca Mass Media. Uwo mwaka, twari twagiriwe amahirwe yo kuronswa inyigisho nkarishabwenge mu bisata bitandukanye bijanye n’umwuga wacu wo kumenyesha amakuru. Muri ivyo vyigwa, harimwo ico kwandika amakuru agenewe kuja ku mbuga ngurukanabumenyi. Ico cigwa twagihabwa na Armel Uwikunze ico gihe yakorera Yaga nk’uwujejwe gukosora ibisomwa vy’abanditsi.

Ico gihe twe n’abandi bagenzanje twaja twatanguye kwandika ibisomwa ku rubuga rwitwa “La Plume” twari twatanguje. Armel, batazira Ras, akadusaba ko tworabira hamwe ivyo tumaze kwandika agafatiraho kugira ngo adukosore. Mu nyuma y’aho, nahavuye ntera imbere cane mu bijanye no gutosora ibisomwa n’ukwandika. Hari utuntu yanyigishije twohava tungora gupfunyapfunya hano mu Kirundi.

Ntivyahereye ng’aho !

Ariko aratwigisha niko kutubwira ati gende murondere inkuru mwandikako hama iyo nshima tuzoca tuyishira kuri Yaga. Burya muri ico gihe, Yaga kuri jewe yari nka za France 24. Niho nafata inyabwonko ndandika mu Kirundi inkuru ku muririmvyi Natacha. Ku bw’ukwemera kwanje, sindi umuntu yitaho cane kumenya ibijanye n’umuziki utari mpimbazamana. Uwo musi nari nabikoze nk’umwimenyerezo gusa nibaza nti “Ni igiki gituma abantu biyandikako izina ry’umuririmvyi Natacha ku mibiri yabo?”

Ntaranayiheza, Armel ayikubita ijisho. Arantera intege ati : “Abandi bose bagumye bavuga abantu bamwiyanditseko ariko wewe wagiye kure wibaza impamvu babikora”. Mba ntewe intege gutyo ndayiheraheza. Ntibwakeye kangahe, naje ndayibona bayishikanye kuri Yaga hariko izina “Arsène Ngabirano”. Ese akanyamuneza nagize ! Kwibona kuri Yaga ? Ico gihe ? Hmmm eeeh !

Mu nyuma rero ivy’umunezero biheze, niho namubaza nti none hakurikira iki ? Aca arambwira ukuntu noza ndashikiriza ibisomwa vyanje. Gutyo rero mba ndinjiye muri Yaga nk’umwanditsi mu buryo ntaziga biciye kuri Armel Uwikunze.

Mu nyuma menya Parfait

Tugeze muri 2021. Niho twatanguye kumenyana n’uyu mugabo Parfait. Twahuriye ku nkuru nariko ndandika ku witwa Ornella Havyarimana asanzwe akina urukino rwa “boxe”. Ico gihe n’ubwo nari maze imisi itari mike muri Yaga, sinandika cane kubera imvo izi na ziriya harimwo n’ubunebwe (ndabivuze nta kundi). Mu gihe abandi bakurikirana ivy’ibisomwa barindira ko nshikiriza iciyumviro canje, Parfait we yaje ku yindi mpwemu idasanzwe. Yabanje arandobanura kumwe n’abandi banditsi bake adukoraniriza mu murwi w’abitwa “abunganizi” (contributeurs mu Gifaransa). Ni ukuvuga abanditsi Yaga ishobora kwikorako akanya n’akanya ariko atari abakozi bayo ba misi yose.

Ikintu Parfait yamfashije ni uko yatumye nandika ku muvuduko ntahora nandikako. Yanzanye kurengera uburimbi bwanje mu bijanye n’inkuru nandikako anzana no kwandika ku nkuru zimbitse (analyses mu Gifaransa). Hari inkuru zibiri nanditseko ari Parfait abinsavye ntazopfa nibagiye. Ni inkuru ijanye n’amasezerano y’i Nairobi ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe hamwe n’inkuru yavuga ku rugendo Sergueï Lavrov, umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yagize mu  Burundi muri Rusama 2023. Vyari ibintu ntitaho cane ariko Parfait yaratumye nsesangura gushika aho nshobora gutanga ikintu gishobora gusomwa mu mihingo yose y’isi.

Ndamushimiye kuko yarankurikiranye cane. Rimwe na rimwe, iyo nzi ko ndamufitiye ideni ry’igisomwa, vyarashika sinandike mu mirwi ya WhatsApp twaba duhuriyemwo kugira ngo sindamwikwegere ahave anyibuka. Hari aho yaca agusanga mu kabweta (inbox) akagusanzayo twa kabaza na twa gatangazi akubaza aho bigeze.

Abarundi bati : “Abakunzi ntibaherera mu mubindi”. Nanje nti abakunzi ntibaherera mu gisomwa. Abo nibo mvugiye ng’aha ariko sinogenda ntashimiye abantu nka ba Franck Arnaud Ndorukwigira na Keyna Iteriteka bamfashije ngitangura kwandika muri Yaga mu buryo ubu na buriya.

Mugire aho muba mwubahwe !

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)