Barayamaze bati: “Imbuto itewe ni yo imera”. Indero duha abana bacu haba mu miryango canke mbere mu masomero ni yo igenekereza kazoza kabo. Tukabarerera ku bugi tutababwiye ko bukeba, ubwo ntituzobabura? Uno musi ubwo bugi ni inzoga zikaze zigisibije mu banyeshure aho mbere bishika bakazihereza abavyeyi,incuti,abagenzi birorerera.
Mu mashure basohoka hoho twovuga ko vyoroshe ko abanyeshure bazironka kuko baca imbere y’ibirabo bagiye ku masomero. Aho birumvikana ko bashobora kugira akanyota urumose rukabakwegakwega. Ariko no mu mashure y’indaro, bama baciye ibiziriko bakarusanga hanze bagiye mu ma “sorties” azwi canke atazwi.
Mu mwaka w’2020, ikinyamakuru ‘’La Voix de l’Enseignant’’ canditse ko umugirwa wo guhamba ibibazo aho abanyeshure banywa bakaborerwa bariko bigina ko bahejeje ibibazo ugisibije. Cavuga ko benshi bakora ibibazo vya nyuma biruka, ata kindi bafise mu mutwe atari kurangiza ibibazo hanyuma bakigira kunywa no kwitambira umuziki. Abo mu ndaro bobo, ico gihe, birashika hakaba abaca basohoka ata n’uwo barinze gusaba uruhusha.
Aho ntitwokwibagira ko no mu yindi misi bidakunda ko bihangana, bakanywa nk’urundi rwaruka rwose.
Kandi amategeko yabihana
Naho ivyo biba, itegeko rigenga indero n’ivyigwa rirahana rishimitse akaborerwe. Mu ngingo yaryo ya 36, akarongo ka kane kavuga ko umunyeshure yagiriwe n’akaborerwe ahanishwa kwirukanwa ikiringo c’indwi, agakurwa amanota atandatu mu ndero ndetse agahabwa ubusa mu tubazo twose tuzokorwa atahari agatako akirukanwa mu ndaro igice cose mu gihe yiga mu mashure y’indaro. Aho hose abavyeyi bategerezwa kubimenyeshwa.
Aho ni mu gihe kuja mu kabare umunyeshure yambaye umwambaro umuranga bisanzwe bihanwa n’ingingo ya 12, n’iya 31 mu gace kayo ka 16 ibuza ko umunyeshure atemberana ikinyobwa ico ari co cose mu gihe ari mw’ishure.
No mu bundi buzima busanzwe, abanyeshure na canecane abatarakwiza imyaka yo kunywa inzoga, hari amategeko abuza guha inzoga, mbere agatomora ko nyene guha izo nzoga abo bana ari we ahanwa.
Ntibasiba kuyarengako
Ibituma inzoga zihurumbirwa muri ayo mashure y’indaro ntibibuze. Hera ku nyota yo kumenya amaraha y’inzoga bivanye n’abagenzi mugendana, abarata inzoga bakemeza ko ishobora kugutuma urinda ugashika ku vyo utoshitseko, eka mbere n’ibibazo vy’umwe umwe bibatuma bipfuza kunywa.
Yamara n’ubwo inyobwa ziherezwa atacamira mu banyeshure, itohoza riherutse gukorwa n’ikinyamakuru Iwacu rirerekana neza ukuntu inzoga zikaze ari ikara tubitse mu gashambara, rizoduturirira uruvyaro rikatunyuranya na kazoza mu gihe urwaruka rwoguma “runywa akayi” ukuri hano.
Muri runo rukurikirane rw’ibisomwa twabatororokanirije, tuzokwumva intahe zitandukanye z’ababaye mu yabira kubera urukanywa bari mu mashure y’indaro bigako, tumenye amayeri yose kugira zinjizwe mu mashure kandi kizira tutibagiye n’ivyitwazo abanyeshure bikika inyuma mu kuzinywa.
Ariko ikibazo kiguma ari ca kindi nyene: bigumye bityo, ibibondo vyacu bizohereza hehe ?
