Hari abantu benshi bisunga ijambo ryo muri Bibiliya rivuga ko “ata kuganza kutava ku Mana”, maze bakabeshera Imana ko ari yo yabahaye umuhamagaro wo gukora ibintu kanaka. Ku vy’ukuri, iryo jambo si ico risigura. Abarongozi bose tubona aha kw’isi ntibava […]
Imigambwe
Imvugo 10 zazanywe n’intureka zo mu mwaka w’2015
Amagume yose aba afise ibiyatuma, abo aturutseko n’ivyo atera, eka mbere n’imvugo bwite bijana. Amajambo mashasha aravuka, ayahahora akagira izindi nsiguro. Kuyaha insiguro y’ukuri biba bigoye, iyo utari mwene kuyatora. Ariko, uwogerageza gusorongora amwe amwe duhora twumva, kugira vyoroshe kuyatahura, […]
Hokorwa iki ngo incabwenge zame zija imbere mu buzima bw’igihugu ?
Mu bindi bihugu, incabwenge zama zatumiwe ku mboneshakure, ku maradiyo, tugasoma ivyo banditse, bakavugwa mu binyamakuru ; ariko, abo mu Burundi, ibikorwa vyabo ntivyibonekeza cane. Kubera iki ? Ng’izi inyishu za Pascal Niyonizigiye, incabwenge akaba n’umuhinga mu vy’Imigenderanire n’Amakungu.
« Inama y’imvukira » canke amacakubiri afatiye ku ntara ?
Amategeko n’amateka agenga igihugu c’Uburundi ararekurira abavyifuza, abasangiye inyungu canke ivyiyumviro kugira amakoraniro. Ariko kuba hari abashobora gukorana nk’imvukira z’akarere kanaka ngo bige ibibazo vyo muri ako karere, maze bagakumira abandi Barundi bari n’ico baterera mu buzima bwa ho, Ndereyimana […]
Kwinjira mu mugambwe Cndd-Fdd kugira urokore igufa
Bitewe n’uko umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi utorohereza iyo bitavuga rumwe ku rubuga rwa politike, abanywanyi b’iyo migambwe bahitamwo guhunga igihugu. Hari rero abatoye ubundi buhinga bwo « guhungira muri Cndd-Fdd » nyene. Ndayirerere Francis aratubwira uko abo babisigura, […]
Abo twatoye mu 2015 boba bagejeje he ivyo batwemereye?
Eric Bizoza nk’umunyagihugu agumiza ijisho ku co inzego ziriko ziramarira abazitoye, aranegura ingene « imvugo itariko irajana n’ingiro », yihweje ivyo abanyepolitike bemeye mu matora y’umwaka w’2015.
Abadasangiye ivyiyumviro vya politike ngo biragoye ko bubakana
Haraciye imisi mike, Abarundi barahimbaje umusi mukuru w’abakundana, naho uwo musi wabasanze mu bihe vya politike bigoye. Wa wundi ngo « amagorwa ntasiga ayandi », amatati ya politike ari mu gihugu ntabuze kwononera abakundanye. Landry Rukundo we yibaza nimba « […]
Abarundi turarushe, dukeneye ihinduka !
Moise Bukuru ntaca hirya no hino : kugira Abarundi basubire guhimbarirwa igihugu cabo, bakeneye indongozi nshasha. Afatira akarorera ku vyabaye mu mwaka w’2005.
Ibikorwa rusangi si ivy’abanyamigambwe gusa
Ibikorwa rusangi n’ibikorwa abanyagihugu canke abantu bose bbabishatse bitunganiriza maze bakabikora ku gushaka kwabo kubera intumbero bafise. Ivyo bikorwa rero iyo bitunganijwe neza, bikitabwa n’abantu benshi, birafasha cane mw’iterambere kuko bikorwa atamafaranga arinze gusabwa maze igihugu kikahungukira vyinshi. Ariko rero […]