article comment count is: 0

Tuyite amabi ashingiye ku kunyweshwa inzoga ku nguvu ?

Ibituma abantu batangura kunywa inzoga zambiye ni vyinshi kandi biratandukanye bivanye n’umuntu. Ariko muri vyo hari ibibabaza gusumba ibindi. Nk’igihe usanga utabishaka ariko ukagodonzwa ku mvo zitakuvuyeko, birababaza cane nk’uko  aba banyakayanza babitwiganiye.

N.P. w’imyaka 35 yakuriye mw’idini ryamubuza kunywa ariko umusi umwe, umugenzi wiwe aramugodonza aranywa. Agira ati : »Umusi umwe, mfise imyaka 19, umugenzi yanjanye mu bunywero. Tumaze kuhashika, nisabira agafanta nk’uko vyahora. Uri uwundi ati: »Jewe nta fanta ngura, noba nononye amafaranga yanje. Ivyiyumviro bimbana vyinshi ubona ko twaherukana kera nashaka tuganire, ariko nawe arandahira ko ntanyoye ibiyeri ata kindi ariha. Ni ko kugondozwa ngasaba nanje bampe agacupa. Ryari irya mbere ngire nywe inzoga yambiye« .

Kurendegera

Inyuma y’aho, nk’uko N.P abandanya atuyagira yaciye arendegera. Agira ati: “Umugoroba umwe, twasubiye kujana mu bunywero haca haza abandi bagenzi b’uwo mugenzi wanje, nabo basaba icupa, dutangura kuganira. Uko twasoma niko twaganira duhuza, ubona ko ka “morale” katera kaduga. Nisanze nabikunze mpera uwo musi nywa kugira abo bahavuye baba abagenzi tuze turahura, tuyaga duhuza turiko turasoma.”

Ivyo ni vyo bikunze gushikira n’abandi batamenyereye inzoga nka N.P. Batagura buhorobuhoro bamenyereza, ntibamenya uko babaye imbohe zazo. Zikabatwara mu kayombekero.  Ariko N.P. wewe uno musi aricuza akibaza uko agiye kubaho.

Akagira ati: “Ariko uno musi ndicuza nkababara cane. Kubera iki ntamwankiye ? Ubu kazoza kanje kazoba kagizwe n’inzoga gusa ? Ubu rero abantu bose twahora dusengera hamwe bagiye gucika abansi banje ?

N’umuryango ntiwera

K.A umukenyezi w’imyaka 23, yavukiye mu muryango bafata akayoga. Atwiganira ati: “Kuva ngica ubwenge naranywa inzoga. Sinomenya na ryari nazitanguye kuko navyisanzemwo. Kaba akagwa canke impeke narasoma kuko ariko vyari mu muryango”.

Yamara K.A ariko arakura, ku myaka 17, kumwe n’urundi runganwe rwiwe, yahavuye ahindura aho yasengera bimutuma agabanya kurusoma. Ati: « Idini nari nagiyemwo ntibatwemerera kunywa inzoga. Naciye ndazihagarika sinaba ngisoma. Ariko ntivyabaye ivy’umwanya munini cane, kuko inyuma y’imyaka ibiri naciye nja kwubaka maze bisubira nka kera.” 

Wa wundi ati : “Iragirirwa ku yona ikona nkayo”, K.A. aho yabiriwe yahasanze abarusoma kerakera aba yibukirije aka kera. Akagira ati: “Aho ngiriye kwubaka urwanje, iyo tugiye gukora ibikorwa vyo mu mirima na mabukwe, uno ntagenda atitwaje akabido k’inzoga y’urwarwa canke y’impeke kugira ngo hageze kwivuna umusase haboneke utwo kunywa no gushoza imfungurwa”.

Avuga ko bimutera isoni kureka inabukwe ngo yisangize utwo tunyobwa aba yitwaje nawe bikaba ngombwa ko asoma. Agira ati: »Naho intege nca numva zicitse iyo mpejeje kunywa utuyoga ndiko ndakora, ndatunywa nyene nta kundi kugira mabukwe ntahave anyiyumvira ukundi« .

Barayamaze bati isoni zirisha ishano. Uwo mukenyezi murumva ko isoni za cane zimutuma akora ico yari yararahiye kandi akanabikora bitamuryoheye. Ariko ico biza bigaragaza ni uko ibijana mu kaborerwe itama ari ingeso y’umuntu, ahubwo bishobora kuva ahandi: mu kibano no mu gakuku k’abandi.  

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion