article comment count is: 1

Kwahukana: bisinzikaza umukenyezi kurusha umugabo

Bitananiranye ku rugero rurenze ubushobozi bwo kwumvikana, ntivyari bibereye ko abantu basaba kwahukana. Ico ni ikintu kibi cane ku muryango n’abawubayemwo bose. Ku mukenyezi hoho ni  ibindi. Tubirabire hamwe. 

Turabibona aho tubaye. Ukabona umukenyezi n’umunega wiwe ntibashoboye kwubaka ngo rugume bitumwe n’imvo izi canke ziriya, kugeza naho mbere baja gusaba kwahukana kubera kubana mu buzima buremereye vyabananiye. Iyo bituye sentare, amategeko arafise uko abitegekanya, maze bakavana hari inzira vyisunze. 

Kandi ga, hari n’aho uko kwahukana bisabwa n’umukenyezi ubwiwe. Ariko ntaba azi ubuzima buca bukurikira kuko wewe aba afise vyinshi bimuhanga nk’umuvyeyi.

Amananiza  

Abagabo iyo bahukanye, kenshi baca basubira kurongora. Ariko abagore, baba bafise amahirwe make yo gusubira kwabirana n’uwundi.” Ivyo bivugwa na B. N., umukenyezi asanzwe ari n’umushingwamanza. Nk’uko abivuga, umugore yahukanye afise abana, amategeko avuga ko abatarashikana imyaka indwi bose bagumana na nyina yabibarutse. Aho bikamugora  kabiri: ntari busige ba bana ngo aje kwubakana n’uwundi, eka mbere ntashobora no kuzana umugabo atahira mu rugo rurimwo abana. Kubajana ho muravyumva ko bitokworoha.

Ikindi gikomeye ni uko usanga umuryango w’uwahoze ari umugabo wiwe umuhanze amaso ku matungo yasigaranye, ku buryo usanga bamwankira ko ayikorako. Inzu canke ayandi matungo, umuryango w’umugabo usanga uvuga ngo ni ivy’abana. Bavuga ko abo bana baba babihawe na se.

Kwizera agatomora ati: “Naho umugore ari we yoba atunze cane, amatungo bakayagabura n’umugabo, uwo mugabo aguma yorohewe, kuko arashobora kwizanira inkumi canke uwundi mugore bakibanira muri ya matungo. Mugabo umugore biguma bimuhanze.”

Ingaruka mbi ku bana…

N’ivyo ntitwovyirengagiza. Uwo yanonosoye ivy’amategeko atwiganira ati: “Mu bisanzwe abana bategerezwa kurerwa na se na nyina. Bategerezwa gukura berekwa urukundo bahabwa n’abavyeyi bompi, kiretse iyo bishitse umuvyeyi umwe akaba yitavye Imana. Abana bakuze se na nyina baratandukanye barakomereka ku mutima.” Aho bikumvikana ko umuvyeyi na we aca atuntura bivanye n’ivyo abona ku bana biwe. Kira noneho n’abahinga baravuga ko mu rugo hari umubano mubi, abantu bose bo mu nzu bavyishura ariko abana bobo bikabatuntuza kurusha.

Ikindi kintu kibi gikora ku bana, ni uko amatungo bogabuye aca asanzara iyo abavyeyi bahukanye. Kwahukana biratuma abavanye bashobora kuja mu ngeso zituma baca basesagura amatungo abana bokwikozeko. Ni naho abubakanye babasabira ku Mana  ko yobarinda umusanzaza mu muryango. 

Muri make, kwahukana ni ikintu kitoroshe. Itegeko rigenga ingo n’imiryango, naho rishira imbere umwumvikano, rirakwiye guhinyanyurwa rigatorera inyishu ibintu bimwebimwe na canecane ayo makuba umukenyezi asigaramwo kandi kumbure atari na we vyavuyeko ngo batandukane.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Iyo umugore arinze asaba kwahukana ntakindi abashaka atari kuba indaya.N’umugabo asaba kwahukana n’umugore wiwe abashaka kumutuma aja mubusambanyi