article comment count is: 6

Itegeko rigenga ingo n’imiryango : ivyo tutari dukwiye kwiyobagiza

Haba mu gushinga umuryango, ukwahukana n’ibindi, itegeko rigenga ingo n’imiryango rirafise uko ribitunganya. Ikibabaje, benshi ntibabizi kandi ari kirumara. Ng’ibi ibintu bitatu biri muri iryo tegeko tutari dukwiye kubaho tutazi.

1. Kwabirana: biri gutatu

Kwabirana biciye mu mategeko bibera imbere y’uwuserukira Reta nk’uko itegeko rigenga ingo n’imiryango ribivuga mu ngingo ya 87 n’iy’115.  Ni ukuvuga ko ubugeni bwabereye mw’isengero gusa, canke uwutanze inkwano gusa agaca atwara umwigeme bakibanira bitemewe imbere y’amategeko y’igihugu. 

Abavyifuje kandi bakwije ibisabwa n’amategeko y’igihugu bashora kwabirana bakiyemeza gusangira vyose, harimwo ivyo batunze n’ivyo bazoronka. Bashobora kandi kwabirana, ariko bagasangira ivyo bazoronka bari kumwe gusa. Hari rero n’uburyo bwo kwabirana mwiyemeje ko ata matungo musangira kiretse uburiri (aharyama abubakanye) n’ibindi bikenewe mu kubungabunga umuryango gusa. 

Ivyo abantu bagiye kugira ubugeni ntibakunze kubisigurirwa nk’uko umushingwamanza Victor Nsabimana abisigura ati: “Iyo bateye igikumu ku masezerano y’ubugeni rero ata gucagura kwabaye, uburyo bwemewe n’amategeko (régime légal) buca buba ubwo gusangira ibintu vyose”.  Ariko aho nta wuba yabitomoye neza.

2. Kwahukana 

Ibishobora gutuma umugabo n’umugore batandukana bizwi n’amategeko y’Uburundi ni: kurenga ibigo, guhohoterwa birenze urugero (“excès de sévices” mu gifaransa), canke ibitutsi birenze urugero (“injures graves”). Ariko n’iyo umwe mu bubakanye yagiriwe n’icaha giteye iceyi, uwo bubakanye arashobora gusaba kwahukana. Ikindi kandi, ingingo y’187 y’itegeko rigenga ingo n’imiryango iremerera abubakanye, iyo bavyumvikanye bo nyene, gusabira hamwe gutandukanywa (“divorce par consentement mutuel”).

Ivyo amashengero menshi ntavyemera. Ariko iyo abubakanye vyananiranye bakabona ko atacobaha amahoro atari ugutandukana, barashobora kwahukana ariko amategeko afise uko abitunganya. Ntibica ku mushikirizamanza wa Repuburika (procureur mu Gifaransa) canke ku nyamiramabi (OPJ), sentare y’intango y’aho uwo muryango uba ni yo ya mbere bitura, inyuma y’inama y’umuryango ( mu gihe iyo nama yananiwe kubumvikanisha). 

Kubera sentare itajejwe gutandukanya imiryango, imbere yo guca urubanza ibanza guha ikiringo co kwirimbura abubakanye. Bikunze, urubanza ruca ruhagarikwa bakaguma bubakanye. 

3. Umwana arashobora gusaba se kumwemanga

Mu Burundi hari abana bavuka hanze y’imiryango, abo benshi bita “ibivyarwa”. Harya ngo nta mwana avuka ku giti. Itegeko rigenga ingo n’imiryango riraha uburenganzira umwana yihakanywe na se gusaba ko amwemanga, maze akagira uburenganzira co kimwe n’abandi bana bavuka mu muryango. Iyo se yamwemeye ku bushake bwiwe, nta kibazo kihaba. Ariko iyo bitagenze uko, uyo mwana arashobora kwitura sentare kugira yemeze ko ari se. 

Ingingo y’237 y’iryo tegeko ivuga ko uyo mwana abikora mu kiringo kitarenga umwaka inyuma yo kugera mu rugero rw’abakuze, ni ukuvuga imyaka 21 (“majorité civile” mu gifaransa). Iyo uwamuvyaye akiriho, ni we yitwarira. Iyo yapfuye, yitwarira abasigwa ba se kugira bamwemere. Iyo sentare ivyemeje, aca aba umwana mu bandi akagira uburenganzira nk’abandi bana b’umuryango ( bivugwa n’ingingo y’243).

Kutamenya ivyo bivuzwe aho hejuru bituma umubano wama watosekaye, n’abakwa uburenganzira bakabwakwa kandi amategeko yabakingira. Ivyo ni bike mu bintu nkoramutima biri mw’itegeko rigenga ingo n’imiryango. Ivyo tutavuze ni vyinshi kandi vy’ingirakamaro. Bikwiye gukwiragizwa abo biraba bakabimenya.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Ico gitabo havugamwo izo ngingo 237 na243, kuki mutogishira ahabona en PDF, abantu bakamenya umuco, ingo ziri mungorane n ingaruka z uguharika ni nyinshi. Ntangazwa n ukuntu amategeko araba imiryango aguma anyegejwe mu bubati bw ama bureau,ataja ahabona ngo tuyamenye. Turayakeneye ngaha kuri internet please guys. Induru ziri muhira zigabanuke. Burya umurwayi ntaba arinda kuja kwa muganga yamenye umuti umuvura none namwe muba mukeneye ko turinda kwitura Sentare,biratey isoni

  2. Mugerageze gushira ahabona icogitabo kugira abarundi bagisome ivyo bizotuma amasentare atamanza nkizo zisubira kuzurana muma sentare kuko abashaka kwabirana bazobijemwo bamenya ivyobagiyemwo

  3. Vyiza cne ahubwo abantu bakwiye kwigishwa cane batarubakana ndetse no mumashure bikwiye gushirwa muvyirwa biga vyopunguza indyane mumiryango