article comment count is: 4

Ni igiki gituma abantu biyandikako izina ry’umuririmvyi Natacha ku mibiri yabo?

Kuwa 10 kigarama 2019,  niho ku mbuga ngurukanabumenyi haboneka amasanamu y’umuntu agira gatatu yiyanditse ku mubiri izina ry’umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka. Abandi babikoze mu ntango z’uyu mwaka hamwe n’ejo bundi mu kwezi kwa Nyakanga. None ivyo boba babitumwa n’iki ? Ababikoze boba babonwa bate mu kibano ? 

« Natacha La boss », ni rimwe mu mazina yanditse ku kuboko kwa Juma* mu ndome nininini zirabura. Ayandi agaragara ni Alfredo Frojo, amazina y’umushingantahe w’uyo muririmvyikazi hamwe na Raphael Nyandwi, uwusanzwe amufasha mu bijanye n’ugutunganya ibikorwa vyiwe, « manager » mu Congereza. 

Imbere ya Juma, hari hamaze kwibonekeza ku ncuro zishika zibiri mu kwezi kwa Nzero be n’ukwa Nyakanga abantu biyandika ku mibiri izina rya Natacha akunda kwitazira cane amatazirano atandukanye. 

Ivyo vyateye ibibazo bitari bike, abantu bibaza igituma abantu bemera kwikomeretsa kugira biyandikeko izina ry’uwo muririmvyikazi.

Icatumye babikora

Uwatanguriye bose kwiyandikako yitwa Eloi Tshabalala. Mu kiganiro uwo musore yatanze kw’iradiyo Buja FM, yamenyesheje abamenyeshamakuru n’abariko barakurikira ico kiganiro ko afitiye urukundo rudasanzwe uwo muririmvyikazi, ari co gituma yashimye kwandika amazina yiwe ku gikiriza, hegereye umutima, yongerako no ku kuguru.

Umuririmvyikazi Natacha abibonye yaramushimiye arakura ubwatsi, amuha ivyambarwa n’akabahasha, maze ku rubuga koraniro akoresha yandika ati: “… ku bwanje uwu muhungu Eloi Tshabalala yerekanye urukundo rudasanzwe kuri Lanamba naje namukoreye akantu gato cane ugereranije n’ivyo yakoze […]”. 

Akosha umusyi…

Ejo bundi muri nyakanga, uwundi nawe ati natanzwe. Yiyandikako izina Natacha La Boss nk’uko uwo muririmvyi yitazira, maze arungika ku mbuga zitandukanye birateba birashikira uwo vyagenewe. 

Natacha abibonye aca yandika ati : “Ntibisanzwe. Vyandenze. Waremeye kuva amaraso ku bwanje ? Ndagukeneye ico nkwibwirira”. Uwo nawe yaramushimiye mu kumutekerera akabahasha akamushira mu mugwi w’abakunzi biwe nk’uko yagiriye uwa mbere. 

Abatari bake baciye batangura kuvuga ko uwo wa kabiri yoba yabigize kugira aronke akabahasha nk’uko Eloi yakaronse. N’abandi baguma babivuga mu ntamatama ko bakwiye kurugira urudandazwa kugira baje barironkera amafaranga. 

Ugushagwa

Bitumwa no kumukunda canke ugushaka kwironkera amafaranga, abihweza ibintu n’ibindi benshi bavuga ko abantu biyandikako amazina y’uwo muririmvyikazi ari ugushagwa n’ukwihenda cane. Bagira ibishobisho bibarengeye bikabagora kubitwara no kuvyitwaramwo neza.

Nadia* umukenyezi akunda abaririmvyi akaba akunda no kwitaba ibiteramo vy’umuziki bitandukanye avuga ati : “Twese turakunda abaririmvyi. Ariko ntibitahuritse ukuntu umuntu yemera kwishirako ubutazimanagana izina ry’umuntu ataco bapfana. Nta kindi babigirira atari kugira nabo bamenyekane bamuciyeko. Ariko ni uko babigirana ubusazi bwinshi”.  

Faratiri Aaron* nawe akagira ati: “Iki kiraremereye vy’ukuri, barahona nyene mu kutamenya kwabo”.

Gushika ubu, abo « batewe iteka » ryo kwandikwa ku mubiri wa Juma ntaco barabivugako nk’uko vyari bisanzwe bimenyerewe ; uwitwa Bayubahe we akaba yabatwenze avuga ati : Baheruka gutangaza ko n’uwuzobicapa [amazina y’uwo muririmvyikazi] indani mu nda ivy’amahera vyahagaritswe”. 

*izina ryarahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)